Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/07/2021

Publié le 23 juillet 2021 par Rédaction
I. Umwana umwe yaritavye Imana, uyundi nawe arakomereka. Hari kuri uyu wa kane mu gitondo, ku musozi wa Kizi, zone Kiremba muri komine Gasorwe. Abo bana bakaba bagiriwe nabi n’umuntu arwaye mu mutwe azwi kw’izina rya Buname, akaba yabacumise imbugita umwana w’imyaka 3 aca yitaba Imana ubwo nyene, uwa kabiri w’imyaka 11 akaba ariko aravurwa nkuko vyamenyeshejwe na Musitanteri wa komine Gasorwe, Dieudonné Niyonizigiye. Uwakoze iryo bara akaba yaciye afatwa n’abajejwe umutekano.
II. Abashingamateka batowe mu mugambwe CNL bafise amakenga menshi ku mutekano wabo inyuma yaho ubushikiranganji bw’umutekano bufatiye ingingo ko abashingamateka batazosubira gucungerwa n’abapolisi bajejwe gucungera inzego API. Bakaba bategerezwa kuja gusaba abapolisi babacungera mu ntara batowemwo. Bavuga ko bamwe mu barongoye igipolisi mu ntara zimwe zimwe bitwara nk’abanyepolitike kandi ko rimwe na rimwe bataraba ryiza abashingamateka bo mu mugambwe CNL.
III. Abateshejwe izabo mu mwaka 1993 bagizwe n’imiryango 30 bo muri site ya Gisara, muri komine Muhanga mu ntara ya Kayanza, bidoga bavuga ko bafise amakenga y’ingene bagiye kubaho. Ni mu gihe umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB uheruka gufata ingingo kuri uyu wa kane, yo kubakura aho bahora baba bakabimurira ahandi. Ikiringo c’amezi atatu bahawe bakabona ko kidakwiye kugira ngo bazobe bubatse amazu mashasha. Basaba ubutegetsi kwongereza ikiringo.
IV. Umunyororo w’imyaka 10 n’ihadabu y’imiliyoni zitatu zitegerezwa guhabwa umuryango wabuze, ni co gihano sentare nkuru ya Kirundo yahanishije kuri uyu wa kane mu rubanza rw’ikibiriraho rw’umupolisi yitwa Habonimana Pascal batazira Payika.  Akaba yagiriwe n’icaha co kwica umukenyezi w’imyaka 38 azwi kw’izina rya Kabihogo Léoncie, ku mutumba wa Runyonza muri komine n’intara ya Kirundo, hari ku musi wa gatandatu uheze, aho yavuga ko yariko aramuvura indwara yitwa igisyo. Uwo mupolisi Habonimana Pascal akaba yaburanye yemera icaha ariko akaba yabwiye sentare ko atamenye ko urusase rwari mu cumba carwo, aho yavuze ko yarahejeje kuvura n’abandi babiri mu kubagera umunwa w’inkoho. Inyuma yo gusubiza ibikono vy’amasasu ku nkoho yiwe, yaciye yibagira kubikurako mu gihe ngo yagomba kumuvura, ariho ngo yihenda afyonda kukarasisho k’inkoho, aca arica uwo mukenyezi. Uwo muhisi akaba yasize abana batanu.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga bategetswe kubomora amazu yabo ngo kuko atubahirije amategekoo y’imetero 6 uva kw’ibarabara rikuru, basaba abajejwe intwaro gushira mu ngiro iyo ngingo no ku mugambwe CNDD-FDD, kuko hari ivyibutso canke ingoro z’umugambwe zubatwse hadakurikije amategeko. Abo banyagihugu bagasaba ko navyo vyobomorwa kuko ata mwana n’ikinono. Twarondeye buramatari w’intara ya Muyinga Jean Claude Barutwanayo agire ico ashikirije kuri ayo makenga y’abanyagihugu, turamukena.
VI. Igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu abanyagihugu biyongera cane buri mwaka, ariko bakiyongera hatateguwe ingene bazobaho. Kugira ivyo bikorwe mu ntumbero yogufasha igihugu kuva mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM asaba leta gukorera mu muco. Leta isabwa gutunganya inama z’abahinga mu butunzi, kugira ikintu cose gishitse kibe gifise inyishu kandi itari mu ma jambo, ahubwo iri mu biharuro.
VII. Abaranguza ibinyobwa vya Brarudi mu ntara ya Rumonge baragabishwa na Buramatari w’iyo ntara ko bashobora kwimwa isoko ryo kurangura no kuranguza ivyo binyobwa. Buramatari w’iyo ntara akaba yabimenyesheje kuri uyu wa gatanu; inyuma y’uko abadandaza bato bato bidoze ko bimwa inzoga n’abo bazirangura. Consolateur Nitunga, buramatari w’iyo ntara, akaba yamenyesheje ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti vuba bwango.

Ibindi bisa n'ibi