Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/07/2021

Publié le 28 juillet 2021 par Rédaction
I. Umushikirizamanza wa parike yo mu ntara ya Bururi Agricole Ndayitwayeko yarengukijwe ubwa mbere imbere ya sentare nkuru isubiramwo imanza ya Makamba kuri uyu wa gatatu. Agricole Ndayitwayeko yagirijwe  kuba yarakubise yongera arahohotera  umwigeme w’imyaka 17 Thierryve Bitangimana mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka. Akaba yemeye ko yamukubise amakofe abiri, ngo ariko impapuro zatanzwe n’ibitaro vya Nyanza-Lac ku vyeyekeye ububabare uwo mukobwa yagize, zirimwo amahinyu. Sentare ikaba yaciye yungururiza urwo rubanza kuwa 8 Nyakanga  2021.
II. Inyuma hafi y’indwi zibiri hanyurujwe umwigeme wo muri komine ya Mabanda mu ntara ya Makamba, Nadine Kanyange, atawuzi iyo afungiwe, yararengutse kuri uyu wa kabiri imbere ya parike ikukira sentare nkuru ya Ntahangwa. Inyuma yo kumvirizwa, yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Muvyo yabajijweko, ngo nuko yoba akorana n’imigwi yitwaje ibirwanisho.
III. Mu runani rw’abarundi b’intungane RCP barashima kubona Nadine Kanyange yashikanywe imbere y’ubutungane inyuma y’ukumara igihe apfungiwe mu bibanza bitazwi. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, asaba ko uyo mwigeme yoronka ubutungane bumukwiriye. Ikindi asaba nuko n’abandi barundi babandanya bafatwa mu bice bitandukanye vy’igihugu nabo boshikanwa imbere y’ubutungane kugira n’ababo bareme ko bakiriho.
IV. Abanyagihugu bo mu Mugamba baratekewe n’ubwoba inyuma y’ifatwa agasakisaki rya bamwe muri bo mu ndwi iheze. Iryo fatwa rikorwa aha nini n’abapolisi hamwe n’abakozi b’iperereza kw’itegeko rya komiseri Moïse Arakaza batazira Nyeganyega, arongoye igipolisi muri komine Mugamba. Bamwe mbere bakaba batakirara mu zabo kubera urwo ruhigi ruriko rukorwa n’igipolisi hamwe n’iperereza.
V. Mu kiganiro umushikirizamanza wa Republika yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu mugoroba, yamenyesheje ko ata bantu  banyuruzwa canke bafatwa. Sylvestre Nyandwi asigura ko abo bavuga ko hari abanyuruzwa canke bahagarikwa bakaburwa irengero, ahubwo ari abaja mu migwi irwana bakagenda badasezeye imiryango yabo.
VI. Hari abagabo babiri bavuka ku mutumba Runyinya, zone na  komine Kabarore y’intara ya Kayanza bapfunzwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi kuva kuri uwu wa kabiri. Amakuru atangwa n’igolisi mu Kayanza, amenyesha ko abo bagabo  bafatiwe mu muduga wunguruza abantu n’ibintu wariko uraja mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe co mu gitondo, ngo bakaba bari bambariye ku butare bwo mu bwoko bwa cassitérite. Ayo makuru nyene amenyesha ko baciye bahagarikwa kugira bakorweko amatohoza. N’ubwo muri komine ya Kabarore hasanzwe himbwa ubutare bwo mu bwoko bwa coltan na cassitérite, abo bagabo bisigura bavuga ko ubwo butare bari  babukuye mu ntara ya  Kirundo.
VII. Uyu musi niho hahimbazwa umusi mpuzamakungu  wahariwe kugwanya indwara z’igitigu, umusi uhimbazwa buri genekerezao rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe. Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, akaba ahimiriza abavyeyi bibungenze bose kwipimisha iyo ndwara kugira ngo bashobore gukingira abana bakiri mu nda, aha agasaba ko ibikoresho vyo gupima vyorwizwa mu mavuriro bigashikanwa no hagati mu gihugu. Mwomenya ko abantu ibihumbi bibiri n’amajana ane na mirongo ine n’umwe (2441) nibo basanze bagendana indwara y’igitigu yo mu bwoko B ku bantu ibihumbi cumi na bitanu na mirongo itatu n’icenda (15039)  bapimwe mu mwaka wa 2020.

Ibindi bisa n'ibi