Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/08/2021

Publié le 3 août 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri barishwe ku musozi Mugendo Ndengo muri  komine Mugamba, ni mu ntara ya Bururi. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira uwa mbere nk’uko amakuru ava aho mu Mugamba avyemeza. Abo bishwe, umugore n’umwana wiwe w’umukobwa, ibiziga vyabo vyatowe ejo ku wa mbere. Umukozi yagirizwa gukora ico caha akaba atarafatwa.
II. Ikiziga c’umwigeme w’umuyabaga kimaze kononekara catowe inyuma y’umutaga kuri uyu wa mbere uheze, mu mwonga witwa Ndurumu uri mu kiyaya ca Nakiyange, kigabura amakomine ya Giteranyi na Bwambarangwe ziri mu ntara za Muyinga na Kirundo. Ayo makuru akaba yemezwa n’abajejwe intwaro no mu gipolisi.
III. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL, bo muri komine Muhuta intara ya Rumonge, barapfungiwe kuva ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana mu gasho k’igipolisi muri iyo komine. Amakuru ava aho muri komine Muhuta avuga ko bahagaritswe bagirizwa gutoza intererano y’uwo mugambwe barimwo. Bakaba bahagaritswe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zo muri iyo komine. Mu mugambwe CNL bagasaba ko abanywanyi babo borekurwa.
IV. Bamwe mu mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’i Nakivale mu gihugu ca Ouganda baratabariza bagenzi babo bane bamaze imisi bafungiwe mu gasho k’iyo kambi, aho ngo bariko barasinzikarizwa ubuzima. Uwitwa Faysal arongoye Village ya 3 ibamwo abarundi ngo niwe ari hejuru yavyo. Uyu nawe aremezako abo bafunzwe uko ari bane bamuteye mu rugo iwe, n’amatohoza ngo yaravyerekanye.
V. Mw’ishirahamwe CBDH-VICAR riharanira agateka k’impunzi bariyamiriza ingendo y’uyo arongoye village y’impunzi z’abarundi i Nakivale. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba ko nyabuna uwo arongoye iyo village yokurikiranwa kuko iyo ngendo yo guhohotera impunzi z’abarundi atari ubwa mbere ayagirijwe. Icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR asaba kandi ashimitse uburongozi bw’ikambi ya Nakivale, gukurikirana izo mpunzi zipfunzwe ntizibandanye guhohoterwa zizira ubusa.
VI. Abantu 13 bashasha banduye ikiza c’umugera wa corona nibo bamenyekanye mu bipimo birenga gato 1200 vyakozwe kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kw’umunani 2021. Ivyo biri mu cegeranyo c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu co kuri uyu wa mbere. Ico cegeranyo kivuga ko ivyo ari ibipimo vyakorewe ingenzi zinjira canke zisohoka, kikaba kandi cerekana ko intara ya Gitega yiyongereye ku ntara za Ngozi na Kirundo zari zisanzwe zibangamiwe.
VII. Hari inzoga ifise uburemere bukaze cane yitwa KARIBU igisibije mu rwaruka cane cane muri kino gihe c’uburuhuko. Iyo nzoga ifise uburemere bwo kuborera bugera ku bice mirongo ine kw’ijana yategerezwa kugurishwa hisunzwe amategeko, kuko kizira kugurisha inzoga ku bana batarakwiza imyaka cumi n’umunani. Libérat Ntibashirakandi umwigisha wo muri kaminuza akaba n’umuvyeyi, asaba abajejwe intwaro gucungera ingene iyo nzoga igurishwa.
VIII. Libérat Ntibashirakandi atera akamo urwaruka kudahurumbira ibiyayuramutwe ahubwo rwijukire ivyigwa kuko nirwo Burundi bw’ejo.

Ibindi bisa n'ibi