Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/08/2021

Publié le 5 août 2021 par Rédaction
I. Mw’ijoro ryo kuri uyu wa 05 Mukakaro, umuntu umwe yaraye yishwe acumiswe n’umwe mu bo bari kumwe mu kabare, uwundi arakomereka. Vyabereye muri zone Shombo yo muri komine n’intara ya Muramvya. Abajejwe intwaro ku rwego rwa komine bagasaba abanyagihugu gushira imbere inzira y’ubutungane mu gihe hibonekeje amabi nk’ayo.
II. Umukenyezi umwe wo ku mutumba Rwamabuye, zone Muhweza, muri komine Rutovu, intara ya Bururi yarafashwe n’igipolisi ku musi wa kabiri. Amakuru ava aho mu Rutovu avuga ko yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’umukenyezi yatowe ikiziga ku wa gatandatu w’indwi iheze.
III. Abunguruza abantu ku mapikipiki mu ntara ya Muyinga mu buraruko bw’igihugu baradomwako urutoke n’igipolisi ko ari bo batuma amasanganya agwira mw’ibarabara. Abantu cumi ni bo bagize isanganya bariko barunguruzwa n’amapikipiki, muri bo babiri baritavye Imana, bane na bo barakomereka mu kiringo c’ukwezi kumwe kwa Mukakaro, nk’uko amakuru dukura mu gipolisi abitumenyesha.
IV. N’ubu n’agashavu ku banyeshure bahejeje kw’ishure ry’imyuga CFP Muramvya. Bagiriza umuyobozi waryo ko yabeshe ko azoheba agatanga impapuro z’umutsindo zimaze imyaka ine zitaronswa abahahejeje. Indwi zitatu ziraheze ariko ntakirakorwa. Ivyo bigatuma abo banyeshure bagira agashavu.
V. Abakozi 19 bakoreye ishirahamwe SODECO bari mw’ibarabara kuva mu kwezi kwa 12 kw’umwaka uheze.  Abo bakozi bavuga ingingo yo gutangura kugabanya abakozi no kubafata nabi vyatanguye mu mwaka wa 2012, kuva aho leta ifatiye ingingo yo kugurisha iryo shirahamwe aho ryahavuye rihindura izina ryitwa BUDECA. Kubera bari bashizemwo imitahe yabo, basaba kuyisubizwa no gutekererwa bikurikije amategeko.
VI. Imyaka 8 irumanye habaye ikoraniro rukokoma ry’ubutungane mu gihugu c’Uburundi, hakaba havugiwe ibintu bitari bike bijanye n’ukunagura ico gisata. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, ngo leta yarikwiye gushira mu ngiro ingingo zafashwe muri iryo koraniro, ngo kuko ari zo zizotuma ubutungane bwigenga ngo narirya ubutegetsi bushasha bushira imbere kurwanya ibiturire n’ibindi.

Ibindi bisa n'ibi