I. Ibirwanisho birenga 120, ataho vyanditswe mu vyegeranyo vyo mu biro bikuru vya gisirikare, vyatowe mw’ikambi ya 112 yo mu ntara ya Cibitoke. Iyo nayo yahora irongowe na Lieutenant-Colonel Ildephonse Baranyikwa yagenywe kurongora bataillon igira indwi ya Minusca mu basirikare b’Uburundi baja kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika. Ivyo birwanisho birimwo inkoho za rutura zirenga 5, bivugwa ko Lieutenant-Colonel Ildephonse Baranyikwa yoba yahora ari vyo aha imbonerakure zahora zijana n’abasirikare mu gihugu ca Congo. Kuri uyu wa gatanu hakaba muri iyo kambi ya 112 hiriwe umurwi w’amatohoza warungitswe uva muri brigade ya 110.
II. Abanywanyi b’umugambwe CNL mu karere k’uburaruko bw’igihugu baratera ivyatsi ipfungwa ry’akarenganyo ry’abanywanyi babo bo muri komine ya Gitobe mu ntara ya Kirundo. Népomuscène Ndungutse arongoye umugambwe CNL ku mutumba wa Gahosha muri komine ya Gitobe, akaba yarungururijwe mw’ibohero rya komisariya y’intara ya Kirundo ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, asangayo Ernest Mbazumutima arongoye umugambwe muri komine ya Gitobe. Abo banywanyi bo mu buraruko bagasaba ubutegetsi guhagarika ihohoterwa ririko rirakorerwa abanywanyi babo.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo mu kigo ca leta kijejwe gutororokanya amakuru mu Burundi ABP. N’inyuma y’aho bane mu barongozi b’ico kigo barekuwe mu gihe bari bamaze hafi amezi cumi bafunzwe bagirizwa ubunyonezi bw’amatungo y’ico kigo. Abo bakozi bavuga ko ari ibara kubona abo bantu bakubiswe intahe mu gahanga barekurwa. Bagasaba umukuru w’igihugu gukurikirana ivy’iyo dosiye.
IV. Francine Niyonsaba ntiyashoboye gutahukana umudari nk’uko yabigize i Rio. Ku metero 10.000 akaba yarangije ari mu kibanza ca gatanu. Umunonotsi w’umurundi asigaje guhiganwa ni Olivier Irabaruta, azokwiruka kuri uno w’Imana marathon.
V. Mu kiganiro ‘’Kw’isôko’’ c’uno musi tubabwira ibijanye n’akamaro k’amaberebere, mu gihe isi yose yaraye ihimbaje umusi wahariwe kwonsa.
VI. Radiyo inzamba irakosoye ikosa ryabaye mu makuru yo kuri uyu wa gatanu. Twarababwiye inkuru ijanye n’umwihwezo wakozwe n’ihuriro CAVIB ry’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe ivyaha mu Burundi. Twababwiye ko umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse ari icegera c’uwurongoye iryo huriro, ariko si vyo ahubwo n’umunywanyi w’iryo huriro. Radiyo Inzamba ikaba isavye imbabazi kuri iryo kosa ryakozwe.