Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/08/2021

Publié le 9 août 2021 par Rédaction
I. Hari umugore yaraye yishe umugabo wiwe, amukubise ifuni, mw’ijoro ryo kuri uyu wa 08 Myandagaro, ku mutumba Kivumo muri komine n’intara ya Kirundo. Ico yamuhoye kikaba kitaramenyekana. Uyo mugore ntibaramenya irengero ryiwe inyuma yo gukora iryo bara, nk’uko bimenyeshwa n’ababanyi biwe.
II. Hari ikiziga c’umugabo catowe kuri uyu wa mbere kimanitse ku giti  mu rugo iwe, nk’uko ababibonye babivuga. Ivyo vyabereye muri zone na komine Mwakiro. Mu muryango iwe bavuga  ko yoba yishwe. Muri iyo ntara nyene, umusirikare ari mu basirikare bato bato (homes de troupe mu gifaransa) aragirizwa kuba yarashurashuje umwigeme w’imyaka 17. Vyabereye ku mutumba Ngomo muri komine Giteranyi, ku wa gatandatu uheze nk’uko amakuru avayo avyemeza.
III. Ibirwanisho biba mw’ikambi ya  gisirikare bitanditswe ngo ni amakosa akomeye cane, bitayeko ni uguhemukira igihugu. Bivugwa n’umukukuruke mu gisirikare, Adjudant Major Bigirimana yahoze ari igisongerezi c’intwazangabo aho avuga ko mwene ivyo birwanisho ari vyo biheza bigakoreshwa mu bukozi bw’ikibi. Nawe Lieutenant-colonel Ildephonse Baranyikwa yagirizwa kubika ivyo birwanisho ataho vyanditswe ngo akwiye gukurikiranwa n’ubutungane bwa gisirikare. Ivyo uwo mukukuruke abivuze inyuma y’aho habonekeye mw’ikambi 112 yo mu Cibitoke, inkoho zirenga ijana zo mu bwoko bwa Kalashnikov n’inkoho zitanu za rutura ataho zanditswe.
IV. Abatwa bo mu Burundi bari mu mugwi w’abo bantu b’abasangwabutaka kw’isi. Leta ikaba ibitaho mu migambi itunganya yo gufasha abatishoye. Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu n’ugushigikirana, Imelde Sabushimike, kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka. Abasangwabutaka kw’isi bakaba barenga imiliyoni amajana ane.
V. Uyu musi mpuzamakungu w’abasangwabutaka rero ushitse abatwa batorohewe mu Burundi.  Abatwa 3 ni bo baherutse kwicwa mu bice bitandukanye vy’igihugu hamwe n’izindi ndongonzi 2 mu batwa zipfunzwe. Umwe mu basangwabutaka yaganiriye na radiyo Inzamba asaba ko bokubahirizwa nk’abandi barundi bose, n’abapfunzwe bakarekurwa.
VI. Imiryango igera 450 ni yo ibayeho mu buzima bubi mw’ikambi ya Mulongwe inyuma y’indwi bahashitse. Bose baje bava mw’ikambi y’agategenyo ya Mongemonge, aho bari bamaze amezi arenga 20. Bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR kubafasha mu kubarosa ivyo kwipfuka n’impapuro ndangampunzi kugira bashobore kwidegemvya.
VII. Manirakiza Jean-Paul ni we kuva kuri uyu w’Imana aramutswa ishirahamwe rya basketball mu Burundi, FEBABU. Mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi naho imyiteguro irabandanya mu kurindira ko ihiganwa ry’igihugu ritangura.

Ibindi bisa n'ibi