I. Mu ntara ya Muyinga havugwa umugabo akiri muto yatowe ikiziga kuri uyu wa mbere. Ikiziga cenena ku mugozi uboheye ku giti hafi y’umuhana iwe, ku mutumba wa Kayenzi, zone Cumba, komine n’intara ya Muyinga. Abajejwe intwaro ku mutumba wa Kiyenzi bavuga ko uwo musore yiyahuye, ariko abo mu muryango wiwe bakavuga ko ahubwo yishwe, abamwishe bamumanika ku giti kugirango bahuvye amatohoza.
II. Umuntu umwe yarahagaritswe ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere n’abakozi b’iperereza, mu ntara ya Makamba. Uwo yafashwe akaba yaheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Aho apfungiwe hakaba hataramenyekana. Mu muryango wiwe bagasaba ko uwabo yorekurwa, kuko nico yafatiwe batakimenyeshejwe.
III. Amashirahamwe mpuzamakungu atandatu aharanira agateka ka zina muntu asaba irekurwa atakirinze gusabwa, ry’umushingwamanza Tony Germain Nkina. Tony Germain Nkina akaba yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu kuva mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Ayo mashirahamwe mw’itangazo yasohoye kw’italiki cumi za kuno kwezi, avuga ko uyo mushingwamanza ariko azira ubusa.
IV. Umuhari wa Red Tabara waraye usohoye itangazo aho usaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira abafatiwe ku rugamba. N’inyuma yaho leta y’Urwanda iherutse gushikiriza igisirikare c’Uburundi abagwanyi 19 b’umuhari Red Tabara bafashwe ku butaka bw’Urwanda mu kwezi kw’icenda umwaka wa 2020. Patrick Nahimana avugira uwo muhari asigurako urugamba rwo kugwanya leta rubandanya kubera inzira y’ibiganiro itarashoboka.
V. Igikorwa co kwimura impunzi z’abarundi zari mw’ikambi ya Nduta carahagaritswe kuva mu ndwi iheze ku mvo zitaramenyekana ; impunzi zari ziteguye kwimurwa ubu zikaba zitagira ayo zicira n’ayo zimira, kuko n’inzu zari zisanzwe zibamwo zaciye zibomorwa.
VI. Kuva kuri uyu wa mbere, imiryango irenga 200 y’impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo iriko iraronswa ibifungurwa vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa PAM. Izo mpunzi zari zimaze umwaka urenga mw’ikambi y’agateganyo aho bita Mongemonge, zimenyesha ko ibifungurwa ziriko zirahabwa ari intica ntikize bidashobora kurenza imisi ine, mu gihe abarongoye iyo kambi ya Mulongwe bababwiyeko bitegerezwa kumara imisi mirongo ibiri.
VII. Abarenga 70 nibo batowe umugera wa corona mu bitaro bikuru bibiri vyo ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi mu mpera z’indwi iheze. Nk’uko amakuru ava mu Ruyigi abivuga, abandi 21 nabo batowe mu makambi abiri y’impunzi ari muri Nyankanda na Bwagiriza. Izo mpunzi zoba zanduye uwo mugera kubera abarwayi bungurujwe bavanwa mu gisagara ca Ruyigi bajanywe kurwarira mu bitaro bibiri vyo kw’isumo muri komine ya Butezi. Bamwe mu baganga bakaba bafise ubwoba kubera umuvuduko ico kiza kiriko kirafata muri iyo ntara.