I. Umusirikare afise ipete rya Kapitene, Bakije Eric Seigneur, wo muri promotion 41 ya Iscam yasanzwe yapfuye mu nzu iwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana muri karitiye ya Carama, mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru atangwa n’igipolisi avuga ko basanze aryamanye na pistolet yiwe, akaba yasanganywe igisigarira c’urusase rumwe kiri impande yiwe, akaba yabonekako igikomere mu mutwe, aryamye mu kidengeri c’amaraso. Inyamiramabi yahashitse, ikibaza ko ashobora kuba yarirashe. Amakuru ava mu muryango wiwe yemeza ko umuryango wiwe wagize amakenga kuko baheruka kwumva abavugisha ku wa 13 myandagaro uyu mwaka. Abavyeyi biwe, bahisemwo gusitura icumba yararamwo, basanga yapfuye kera. Hari haheze imyaka ine, uwo musirikare atabana n’umugore wiwe nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi. Yari yaramwirukanye. Igipolisi kimenyesha ko uwo musirikare yaba mu nzu ya we nyene. Igipolisi kikavuga ko amatohoza yatanguye.
II. Abantu 2 bagizwe n’umugabo n’umukenyezi baratowe ibiziga mu mpera z’indwi iheze mu ntara ya Kayanza. Umwe muri bo akaba yatowe aho yaramanitswe ku musegetera mu rugo iwe. Ayo makuru akaba yemezwa n’abajejwe intwaro.
III. Mu gihe abantu batari bake bamaze imisi banyuruzwa bakaburwa irengero, umugambi NDONDEZA urakebura imiryango y’abantu banyurujwe kwubahuka bakabishikiriza hakiri kare. Ngo ni vyiza cane gutangiriza naho hakiri abatinya. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi NDONDEZA, ngo imiryango y’abanyurujwe itevye gutabariza ababo banyurujwe, baba bahaye akaryo ibiro bikuru vy’iperereza k’ukubasinzikaririza ubuzima, canke kubica atacamira.
IV. Bugarijwe n’ubwoba bw’uko ikiza ca Covid-19 kirandagata mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya. Abo nabo n’impunzi z’abarundi bari muri iyo kambi. Aho ni mu gihe abarwayi indwi barimwo ivyuma bibafasha guhema ku bitaro biri muri iyo kambi. Muri abo barwayi, harimwo impunzi z’abarundi bari aho i Nduta. Izindi mpunzi zigasaba ko ingingo zo gutuma abatarandura bakingirwa zokomezwa.
V. Abakozi bakora mu biro bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Muyinga baba mu mazu akukira ivyo biro, baridogera ingingo iheruka gufatwa na Buramatari w’iyo ntara, J.Claude Barutwanayo, yo kubasohora muri ayo mazu, ingingo bavuga ko ari iy’akarenganyo ngo kuko iyo ngingo ata burenganzira ayifitiye, nk’uko amakuru atangwa na bamwe muri abo bakozi abimenyesha. Iyo ngingo ngo yofashwe mu vy’ukuri n’umushikiranganji abajejwe.
VI. Irekurwa ry’ikivunga ry’abanyororo no gutahukana impunzi, ni bimwe muvyotuma ubutunzi bw’igihugu bwisununura. Ivyo biri muri bimwe ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’igihugu mu rwandiko ryamushikirije ku bijanye n’ingene ubutunzi bw’igihugu bwonagurwa. Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri akavuga ko abanyororo bapfunzwe ari benshi kandi bagatwara n’uburyo bwinshi igihugu.
VII. Mu ntara ya Rumonge, abakoresha amavuta ava mu kigazi bita amamesa baridoga bavuga ko igiciro cayo caduze birenze urugero, hirya no hino ku masoko yo mu gihugu. Abayacuruza bo basigura ko atari yo yonyene, ko ibiva muri ico giterwa c’ikigazi vyose vyaduze. Abarimyi bakaba basigura ko iki ari igihe co kuduga ibiciro. Bakizera ko mu mezi ari imbere ibiciro bizomanuka. Abakoresha ayo mamesa bagasaba Leta kugwiza ico giterwa c’ikigazi, kugira ngo ubukene bw’amamesa bugabanuke.
VIII. Kuri uno wa gatandatu niho ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryatangura. Mu migwi itatu yavuye mu cicaro ca kabiri, umwe ni wo washoboye kuronka intsinzi. Mu nkino 7 zabaye hinjiye ibitsindo 14.