Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/08/2021

Publié le 18 août 2021 par Rédaction
I. Abarundi bateshejwe izabo bo muri site y’i Campazi muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza, baratewe umutima uhagaze n’iterabwoba bariko baragirirwa na musitanteri wa komine. Abo bateshejwe izabo bavuga ko ababwira ko ashaka kubirukana muri iyo site ngo bahubake ihinguriro ry’icayi. Bagasaba leta kubangira kuri iyo ngingo amahoro akagaruka mu gihugu, gutyo bakabona gusubizwa mu zabo.
II. Kubwa Karori Nditije arongoye umugambwe Uprona utavuga rumwe na leta, ngo kubona abateshejwe izabo bo muri iyo site y’intara ya Kayanza bahabwa itegeko na musitanteri w’iyo komine ryo gusubira mu ngo zabo, n’umugambi wo gushaka kubahonya atacamira. Karori Nditije ahamagarira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu gutabariza abo bateshejwe izabo.
III. Abanywanyi 9 b’umugambwe CNL bo muri komine Gatara y’intara ya Kayanza, bamaze imisi irenga icumi bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Kayanza. Bagirijwe n’umuhanuzi mukuru wa musitanteri w’iyo komine Julien Manirakiza ko bamukubaguye. Abanyagihugu bo muri komine Gatara ivyo barabihakana. Bavuga ko bazira ko bariko babaza ico ariko ahora abagabo babiri bari baherutse guhunguka yari ahejeje guta muri yompi, ari kumwe n’urwaruka rw’imbonerakure. Bagasaba ko abo banywanyi b’umugambwe CNL barekurwa.
IV. Abacamanza batatu bo muri sentare nkuru ya Muha mu gisagara ca Bujumbura harimwo n’icegera c’uwurongoye sentare, baraye bafashwe barapfungwa. Bagirizwa kwakira igiturire coba kingana n’imiliyoni 7 mu rubanza bari bashashemwo nk’intahe. Amakuru dukura mu begereye ubutungane avuga ko urwo rubanza rwari rujanye n’amatati y’itongo. Ayo makuru kandi akavuga ko nyene gutanga igiturire ari we yatanguye gufatwa. Abo bose uko ari batatu kandi bakaba bari bagize intahe yashashe mu rubanza rw’itongo. Sentare nkuru ya Muha ikaba kugeza uyu musi atawuyirongoye, mu gihe uwahora ayirongoye aheruka kugenwa  mu yandi mabanga.
V. Clément Nkurunziza abandanya kuvuga ko ariko ararenganywa kandi afunzwe hadakurikijwe amategeko. Uyo yahoze arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi muri kino gihe afungiwe mw’ibohero rya Ngozi kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2018, yagirizwa kuba yaragize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu 1995 muri kaminuza y’Uburundi. Mw’ikete yandikiye kuri uyu wa kabiri Joseph Nkurunziza arongoye ishirahamwe Zirikana, ry’abanyeshure b’abahutu bacitse kw’icumu ico gihe mu 1995, avuga ko ariko ararenganywa. Amusaba ko iryo shirahamwe ryogira ico rikoze mu gufasha kugira arekurwe kuko ataco azira.
VI. Urwego rujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU  rukwiye gukurikiranira hafi ibibera mu gihugu c’Uburundi, kuko agateka ka zina muntu gahungabanywa ku rugero rudasanzwe. Biri mu rwandiko amashirahamwe 43 aharanira agateka ka zina muntu yandikiye abaserukira ibihugu vyabo n’abarorerezi mu nama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu. Mu gihe rero hategekanijwe inama y’urwo rwego igira 48 mu mezi y’ukw’icenda n’ukw’icumi uno mwaka, ayo mashirahamwe harimwo n’ayazwi ku rwego mpuzamakungu, asaba urwo rwego kudahirahira ngo rukure ijisho ku Burundi kuko abantu baguma bicwa. Me Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, ari mubanditse urwo rwandiko.
VII. Ni ryari abakozi bo mu gisata kigira urudandazwa rwa Tombola mu Burundi bazosubira ku kazi? Ico ni co kibazo abo bakozi batararonkera inyishu inyuma y’amezi 2 bamaze barahagaritswe mu kazi ku ngingo y’ubuyobozi bukuru bw’ishirahamwe Loterie Nationale ribajejwe ku rwego rw’igihugu. Basaba gutunganirizwa ariko ubuyobozi bukuru buguma mu gacerere.
VIII. Urudandanza rukorwa n’abana badakwije imyaka yo gukora akazi mu Burundi ruribonekeza mu bisagara bitandukanye. Bamwe muri bo bakaba barataye ishure bakaja gukorera abantu bakuze, abandi nabo bakaja kwiyungunganya kugira baronke ikibatunga. Ni mu gihe abana batarashikana imyaka yo gukora imirimo yo kudandaza canke bakoreshwa, bamaze imisi bafatwa n’igisata ca OBR kijejwe kugwanya uradandazwa rwa magendo.

Ibindi bisa n'ibi