Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/08/2021

Publié le 20 août 2021 par Rédaction
I. Nta ntambwe ishimisha leta y’Uburundi iraterwa kugira igihugu c’Uburundi n’Urwanda bisubire kugiriranira imigenderanire myiza. Uko niko bisigurwa n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, mu kiganiro yaraye ahaye abamenyeshamakuru. Naho biri uko, umukuru w’igihugu we, Evariste Ndayishimiye yari yatanze icizere ko Uburundi n’Urwanda bigiye gusezerera kahise kugira imigenderanire isubire itoto.
II. Abakozi b’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL ntibari bakwiye gusaba imishahara yabo baheraniwe kuko barahawe ibikenewe vyose, kugira bihembe bongere batange n’inyungu mu kigega ca leta. Kandi ari hamwe bohirahira bakagira imyiyerekano, bazofatirwa ingingo zibereye nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, mu nama yagirishije  kuri uyu wa kane. Ariko rero abakozi bo barahakana uruhara rwabo mw’ihomba rya ONATEL, nyabuna bagasaba kuronswa imishahara yabo y’amezi ane n’utundi turusho barekurirwa n’amategeko.
III. Umugambwe CNL wabujijwe kwubaka  ingoro yawo ku mutumba Gaharo komine ya Shombo, ni mu ntara ya Karusi. Amatafari yaragenewe kuyubaka yononywe n’abanywanyi b’umugambwe  CNDD-FDD, nk’uko amakuru avayo avyemeza. Aho hari mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatanu nk’isaha umunani. Abanywanyi ba CNL baratera ivyatsi iyo nyifato bakavuga ko ari ukutihanganiranira mu vya politike.
IV. Aimé Magera ari mu ndongozi z’umugambwe CNL ku mugabane wa Buraya ariyamiriza ivyo yita agatotezo kabandanya gakorerwa abanywanyi babo. Akibutsa ko amabi bakorerwa yatanguye kuva kera, ariko Magera agasaba abanywanyi b’umugambwe CNL kuba maso bakirinda ababasotora.
V. Umugambi Ndondeza w’ishirahamwe FOCODE urasaba urwego rw’iperereza kuvuga aho abantu babiri ruheruka guhagarika mu gisagara ca Bujumbura bafungiwe. Bamaze indwi zitatu bafashwe ariko ntawuzi irengero ryabo. Mu gihe bivugwa ko hari abo iperereza ryoba rimaze imisi ryica, bamwe mu ncuti zabo bafise ubwoba ko batakiriho. Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza, amenyeshako incuti z’abo bantu zikeneye kumenya aho bafungiwe n’aho dossier zabo zigeze.
VI. Ubwoba bufatiye ku kiza c’indwara ya Covid-19 ni bwinshi mu banyagihugu baba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yaho. Nkuko amakuru atandukanye ava mu miryango imwe imwe abimenyesha bikemezwa na bamwe mu bakozi bo ku bitaro vy’i Muyinga. Ubwoba aha nini bufatiye ku biharuro vyinshi vy’abagwaye umugera wa Covid-19 vyibonekeza muri ino misi mu karere k’ubuvuzi k’i Muyinga na cane cane mu ma komine ya Muyinga,B uhinyuza na Mwakiro.
VII. Imyidogo ni myishi mu bafise ibibanza mw’isoko rikuru rya komine Makamba, mu ntara ya Makamba. Biyamiriza ingingo yo kuduza amahera arihwa komine, muyatozwa muri iryo soko. Abo badandaza bamenyesha kw’iyubakwa ry’iryo soko barifisemwo uruhara, bagasaba musitanteri guhagarika iyo ngingo.

Ibindi bisa n'ibi