I. Umuntu umwe yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana mu bucagucagu bwo kuri uno munsi wa gatatu, mu ntara ya Muramvya, muri komine Kiganda umusozi wa Musongati. Uwo yishwe akaba yarazwi kw’izina rya Ndayishimiye Omer akaba yakora akazi k’izamu k’uwitwa Kabayabaya. Nk’uko amakuru dukura mu gipolisi abivuga, ngo hari mu gihe c’isaha imwe z’ijoro aho abantu bane bataramenyekana batera kuri urwo rugo, ngo babiri muri bo bari bafise inkoho zo mu bwoko bwa kalachnikov. Bakaba baciye barasa uwo munyezamu, aho yaciye yitaba Imana. Abandi banyezamu babiri babibonye baciye bahunga, bazakugaruka ari uko igipolisi kihashitse. Nk’uko ayo makuru ava mu giporisi abivuga ngo abo bantu bari baje kwiba inka, abo banyezamu bari basanzwe bararira.
II. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu muri karitiye Kigarama mu gisagara ca Ngozi. Abajejwe intwaro bakaba bamenyesheje ko uwitavye Imana yitwa David Ndayikengurukiye w’imyaka 42 y’amavuka. Ikindi bamenyesha n’uko yoba yishwe n’inzoga yanyoye nyinshi zo mu bwoko bwa karibu na Mararungu, zikorerwa mu vyerwa vya Ngozi no mu Kayanza. Ivyo bakaba babivuze bafatiye ku macupa y’izo nzoga basanze i ruhande y’ikiziga. Uwo akaba abaye uwa gatatu yishwe n’izo nzoga muri iyo karitiye ya Kigarama kuva uyu mwaka 2021 utanguye. Abajejwe amagara y’abantu bakaba batewe umutima uhagaze n’izo nzoga zinyobwa n’abakiri bato, bazironka ku mafranga makeya kandi zikaze cane. Mu mezi 2 aheze, kw’ivuriro ryo Kumubuga rivura abafise ibibazo vyo mu mutwe, ibitaro bikaba vyarimwo abakiri batoya bononywe n’izo nzoga nkuko abahakorera babimenyesha.
III. Ibikorwa vyo kubungabunga amahoro n’umutekano vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Somaliya AMISOM, buzoherana n’uyu mwaka 2021. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri, inyuma y’inama yabaye hagati y’intumwa z’umugwi wo kubungabunga amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abategetsi b’igihugu ca Somaliya. Abasirikare b’Uburundi bari muri benshi bagize inteko za AMISOM kuva mu mwaka 2007.
IV. Umugambwe CNL ubona ko amajambo Evariste Ndayishimiye yaraye ashikirije imbere y’abacamanza biri muvyemeza ko ubutungane bwamushize ku butegetsi biciye mu matora y’ubusuma yo 2020 bwemejwe na sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro. Ivyo n’ibishikirizwa na Aimé Magera aserukira umugambwe CNL mu bihugu vy’i bulaya. Akaba yibutsa ko umukuru w’igihugu yamye ari mu nzego zazingamitse ubutungane kuva mu 2005, kuko yagiye arazezwa amabanga atandukanye, afata ingingo mu mugambwe no muri leta iwukomokako.
V. Mu muhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi babona ko nyabuna umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakwiye gufata ingingo zibereye kugira abacamanza batabikwiye bakurwe mu kazi mbere bagahanwa. Umunyamabanga w’uwo muhari Me Jeanne d’Arc Zaninyana asigura ko Evariste Ndayishimiye yarakwiye gufata ingingo zo kurekuza abari mu mabohero harimwo n’umupfakazi Christa Kaneza bapfunzwe kubera akarenganyo k’abacamanza.
VI. Inyifato y’umukuru w’igihugu atakamba asaba abomufasha kugira ubutungane buboneke, isa n’iyakwiye no mu bandi bategetsi mu ntwaro. Akarorero ka vuba n’uwurongoye komine Muha Dévote Ndayisenga atakambira umukuru w’igihugu kumufasha guhagarika ibikorwa vyo kubaka inzu iri muri karitiye ya Gasekebuye. Akemeza k’uwuri mu makosa yananiye abajejwe intwaro n’igipolisi.
VII. Haratowe umuntu mu kaburi bahambamwo abantu bo mw’idini ry aba islam i Gitega muri karitiye ya Shatanya, umugabo ariko aragoyagoya. Amakuru ava i Gitega avuga ko yahatawe n’abantu bari bamunyuruje bamukuye muri zone Bamba, komine ya Bururi. Aho naho yari yashikanywe n’uwugendesha ipikipiki nk’igihe c’isaha 11 z’umugoroba ubu ari mu minwe y’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Ayo makuru nyene abandanya avuga ko uyo mugabo azwi kw’izina rya Charles Niyomwungere, asanzwe ari umudandaza kw’isoko ry’i Bamba ari naho yaravuye ariko arataha muri quartier Kirwati mu gisagara ca Bururi. Muri iki gihe akaba ariko arakwirikiranwa n’abaganga i Gitega.
VIII. Uwurongoye igipolisi muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi aragirizwa n’abanyagihugu bo muri iyo komine ko ariko arabasahura amafranga yabo. Abashika 17, bagiriza Moïse Arakaza batazira Nyeganyega ko yabasahuye amafaranga kuri uyu wa gatandatu w’indwi iheze. Bavuga ko naho woba uri impande y’umuhana wawe ata karangamuntu ufise, aca agutangisha amafaranga. Abo banyagihugu bagasaba ko hokurikizwa amategeko ivy’ubusuma bigahagarara, kuko ayo mafaranga ayatangisha ata mvo zifadika zihari.
IX. Mu nyuma Radiyo Inzamba ikaba yahavuye ironka amakuru ko Commissaire Moïse Arakaza atakirongoye igipolisi muri komine ya Mugamba, akaba yungururijwe muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura nk’uko vyabaye no ku bandi barongoye igipolisi mu ma komine atandukanye.
X. Abadandaza bo muri komine Ntega bariyamiriza itagisi bita iy’umurengera. Iyo myidogo ikaba ije inyuma y’aho musitanteri w’iyo komine abamenyeshereje ejo ku wa kabiri y’uko bazoriha itagisi irigira kabiri muri uyu mwaka. Abandandaza ariko babona ko iyo ngingo ibarenganya kuko bari barishe iyindi tagisi uyu mwaka ugitangura.
XI. Urunani rujejwe gucungera ukwo ibinyamakuru bikora CNC rumenyeshako rukiganira n’ama radiyo mpuzamakungu yafatiwe ibihano, kugira asubire gusamirana. Vyamenyeshejwe n’icegera c’uwurongoye uwo mugwi Laurent Kaganda. Ayo ma radiyo nayo akaba ari BBC y’abongereza, hamwe n’ijwi rya Amerika. Laurent Kaganda amenyesha ariko ko CNC ifise ikete ryo gusaba gusubira gukora.