Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/08/2021

Publié le 27 août 2021 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umutamakazi w’imyaka irenga 70 catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu ku mutumba Mitakataka, zone Mitakataka, komine n’intara ya Bubanza. Bikavugwa ko uwo mutamakazi yari yagiye gusenya hanyuma aburwa irengero kuva kuri uyu wa kane. Ikiziga ciwe kikaba catowe kiriko ibikomere ku mutwe ntikiramenyekana. Mu ntara ya Muyinga naho, havugwa ibiziga biguma bitorwa bimanitse kuva mu ntango z’uku kwezi kwa munani turimwo, hamaze gutorwa ibiziga bine.
II. Urucanco rwa Covid-19 rugiye kuba itegeko ku muntu wese yipfuza gufata urugendo ruja mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. Vyamenyeshejwe na Christophe Bazivamwo, icegera c’umunyamabanga mukuru wa EAC ajejwe igisata c’abikorera ivyabo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Hari kuri uyu wa kane mw’ihayanishwa rigira kane ry’ibihingurirwa mu Burundi. Ubwo butumwa busa n’ubutashimishije leta y’i Gitega.
III. Ku bw’umushakashatsi mu bijanye n’indwara z’ivyaduka Come Konakuze, asigurako iyo nyifato y’abategetsi mu Burundi inigira mu menshi abanyagihugu batazofatirwa ingingo mu karere. Come Konakuze atera akamo abanyepolitike n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, gusenyera ku mugozi umwe mu gukebura leta kugira ikingire abanyagihugu.
IV. Charles Nditije arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’ i Gitega arasaba abarongoye igihugu kubonako kwipimisha n’ukwicandagisha ikiza Covid-19 atari igikorwa ca bamwe mu bari mu mugambwe CNDD-FDD gusa, iyo bagira bakoranire hamwe. Ni mu gihe abategetsi bo mu mugambwe uri ku butegetsi berekanye ko bipimishije ico kiza imbere yo kwinjira mu nama y’indongozi itegura ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe ritegekanijwe mu ntara ya Muyinga, kuri uyu wa gatandatu.
V. Uwurongoye ishirahamwe riharanira iterambere ry’abatwa UCEDD, amaze indwi zirenga 3 mw’ibohero rikuru rya Gitega. Innocent Mahwikizi yagirizwa  gusesagura amatungo y’ishirahamwe. Abo bafatanije kurongora iryo shirahamwe mu ntara zitandukanye z’igihugu bagiriza abashingamateka babiri ba Africa y’ubuseruko hamwe na Bigirimana Goreth ari mu mugwi CVR ko aribo bamufungishije, kuko yanse kubaha icicumi ku mahera yimfashanyo bazohabwa n’ibanki y’isi yose.
VI. Iminsi 15 iraheze uwurongoye umugambwe CNL muri komine Giharo y’intara ya Rutana hamwe n’uyundi munywanyi w’uyo mugambwe, batararengutswa imbere ya sentare. Abaharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Rutana babona ko Jean-Pierre Ndayisaba na mugenziwe bapfunzwe hahonyanzwe amategeko, utunenge kandi twibonekeje kuva bagifatwa.
VII. Imyidogo ni myishi mu basirikare bavuga ko basanze agahembo kabo kagabanutse ku mwisho w’uku kwezi kw’umunani. Imvo zoba zarabitumye basiguriwe n’ababatwara ngo ni ubuhinga bushasha bwo guhemba abasirikare hakoreshejwe ubuhinga bushasha bwa none, bwakoreshejwe irya mbere. Abasirikare bakavuga ko izo nsiguro zitabanyuze.

Ibindi bisa n'ibi