I. Umugabo n’umugore bubakanye bo muri komine ya Gitobe y’intara ya Kirundo, barakubiswe n’imbonerakure zibiri zo muri ako gace. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuwa Mungu rishira uwa mbere. Muri kino gihe, abo bakubaguwe bariko bavurirwa kw’ivuriro rya Gitobe. Mu babanyi babo bemeza ko bahowe kuba ari abanywanyi b’umugambwe CNL.
II. Hari imyidogo mu banywanyi ba CNL muri komine Shombo intara ya Karusi. Icenda muri bo barafunzwe mu gasho k’iyo komine. Abandi banywanyi ba CNL bavuga ko iryo fungwa ridaciye mu mategeko. Berekana kandi ko hari n’inyifato yo kubasotora igirwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Abanywanyi ba CNL i Shombo bakavuga ko bariko baratotezwa.
III. Umuhari MAP Burundi Buhire urabandanya isekeza ryayo ryo kwibuka imyaka 21 iheze amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe kw’abarundi y’i Arusha ateweko igikumu. Ni muri iyo ntumbero umuhari w’abakenyezi INAMAHORO watumiwe muri iryo sekeza, uvuga ko ubabazwa n’uko ayo masezerano aguma ahonyangwa n’inzego z’igihugu zari zikwiye kuyakingira. Uwurongoye uwo muhari w’abakenyezi Marie Louise Baricako yibutsa ko ayo masezerano y’i Arusha yabwirizwa kandi kwama ari inkingi yo kunywanisha abarundi no kwirinda ivyo vyose bijanye no gukumirana.
IV. Kubw’umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJB ngo amasezerano ya Arusha yahaye akanya ko kunywanyisha urwaruka ; ivyo bishikirizwa na Carène Inarukundo, arongoye uwo muhari. Ku bwiwe ngo n’intambwe ishimishije kubona urwaruka rwakuriye mu ntambara rushobora kugira urunani nk’urwo rwagaragaje mu mwaka wa 2015 igihe intwaro ya CNDD-FDD yashaka kubacamwo imigwi.
V. Ibice birenga 80 kw’ijana vy’ubutaka bw’Uburundi bugizwe n’ubutare. Ayo ni yo majambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, imbere y’urwaruka rwitavye inyigisho zo gukunda igihugu zo kuri uyu wa kabiri. Evariste Ndayishimiye yahumurije urwo rwaruka ko ubutaka bw’Uburundi ariwo mutahe mukuru abarundi bafise. Ico kiganiro kikaba citabwe n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, ariko hakaba hari na bamwe mu banyagihugu bidoze ko bagiyeyo ku nguvu, kuko abarongoye intwaro ku rwego rwo hasi bababwira ko abatitaba iyo nama bazoca bacibwa ihadabu. Bamwe mu bahavuye bitaba iyo nama bavuga ko babanje kugarirwa amazu bakoreramwo, bikozwe n’Imbonerakure zabararika, zababwira ko uwusiba acibwa ihadabu ry’amafranga ibihumbi 50 mu mafranga y’amarundi. Mw’ihuriro ry’abarundi b’intungane bita RCP mu mpfunyapfunyo, bavuga ko ivyo izo mbonerakure zakoze ari ugusinzikaza agateka ka zina muntu, ngo kuko kuja mu nama nta gahato canke umusunikano bitegerezwa kubamwo.
VI. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Kuva kuri uyu wa mbere, bariko batozwa amafranga 2000 bikozwe n’abajejwe intwaro, bakayita intererano ya komine. Musitanteri w’iyo komine akaba ariwe yacishije amatangazo mu masengero. Abanyagihugu bamenyesha ko bari mu bukene budasanzwe, bakabona ko gutozwa ayo mafranga ari ingingo itabereye mu gihe basanzwe bariha amatagisi n’amakori.
VII. Mu ntara ya Muyinga, abatari bake baritabiriye ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi, y’uko inyubakwa zose zubatwse mu buringanire buri musi y’imetero 6 uvuye kw’ibarabara rikuru rya kaburimbo ko zoba zahejeje kubomorwa kuri uyu wa 31 Myandagaro, nkuko amakuru radiyo Inzamba yaronse avyemeza. Ariko haracari agahaze ku nyubakwa za komine Muyinga n’umugambwe uri ku butegetsi.
VIII. Bamwe mu banyagihugu bategetswe kubomora amazu yubatswe bidakurikije amategeko kw’ibarabara ry’igihugu rya gatatu mu gisagara ca Rumonge ntibarashira mu ngiro iyo ngingo. Basigura ko ubukene bw’isima butuma ababomoye badasubira kwubaka vyihuse. Bagasaba abajejwe intwaro nyabuna gutora umuti w’ico kibazo c’isima itaboneka kw’isoko.