Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/09/2021

Publié le 1 septembre 2021 par Rédaction
I. Hari umugabo yishwe mw’ijoro ryakeye kuri uyu wa gatatu, akaba  yatemagujwe imipanga n’abantu bataramenyekana. Eugène Niyokwizera w’imyaka 38 yava ku musozi Buraniro, komine Butaganzwa, mu ntara ya Kayanza. Inkuru ziva aho i Buraniro, zimenyesha ko uwo mugabo yarasanzwe ari umunyezamu w’inzu y’ububiko bw’ibitabu vy’umuryango w’ababikira ba Mutima Mweranda bo kuri paruwasi Buraniro. Abo bakoze iryo bara ngo bakaba bagiye bivye n’amafaranga angana hafi umuriyoni, biba n’imashini nyabwonko 3. Mu gipolisi bakamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira izo nkozi z’ikibi zimenyekane.
II. Ikiziga c’uruyoya rwari rukivuka catowe mu gatondo ko kuri uwu wa 3 mu nzu y’ubwiherero bw’igisata gikurikirana indwara z’abana mu bitaro bikuru vyo mu ntara ya Muyinga. Urwo ruyoya rukaba rwari rufise mw’izosi imigozi yakoreshejwe mu kuruniga, nkuko amakuru ava aho mur’ivyo bitaro avyemeza. Nyene kwikora munda ngo akaba n’ubu ataramenyekana, nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha.
III. Amakenga ni menshi  mu miryango y’abagabo 2 babuzwe irengero haraciye indwi irenga. Bafatiwe muri zone Kigoma muri komine Bugabira vy’intara ya Kirundo, bafashwe n’abakozi b’iperereza. Imiryango yabo ikaba ifise ubwoba ku bijanye n’umutekano wabo, igasaba ko bomenyeshwa aho ababo bafungiwe.
IV. Umutamakazi w’imyaka 70 aturuka ku mutumba Gishambusha komine Gashoho mu ntara ya Muyinga, amaze hafi amezi abiri ku kirindiro c’igipolisi kuri iyo komine. Yahunze ababanyi mu gihe bagira bamugandagure bamwagiriza uburozi. Uwo mukenyezi asaba igipolisi kumutahukana mu rugo iwe, no kubandanya kimucungerera umutekano.
V. Ikiza ca corona kiriko kiragwirirana mu ntara ya Bururi. Mu kiringo kidashika indwi zibiri, abababa 100 baramaze kwandura uwo mugera, umwe muri bo akaba amaze no kuhasiga ubuzima, nk’uko amakuru atangwa n’abakorera mu gisata c’ubuvuzi muri iyo ntara babitumenyesha. Ubukene bw’ibikoresho bita Réactif, ubukene bw’imiti, ubukene bw’ibibanza vyo gushiramwo abarwayi birateye amakenga abanyagihugu bo muri iyo ntara. Bakabona ko hamwe ata gikozwe, abenshi bashobora guhitanwa n’ico kiza.
VI. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarifatiye mu gahanga umushikirizamanza mukuru wa republika mu ntara ya Kayanza. Mu mubonano wo kuri uyu wa mbere yagiranye n’imvukira zo muri iyo ntara zikorera mu bisata bitandukanye, Evariste Ndayishimiye yagirije umushikirizamanza ishengero rikoranye, ko yarekuye umuntu yagirijwe icaha co gufata ku nguvu umwana adakwije imyaka. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asigura ko ayo majambo y’umukuru w’igihugu yerekana ukwivanga kw’abategetsi mu gisata c’ubutungane vyarenze urugero mu Burundi.
VII. Urwaruka rutunganya imigambi yo kwiteza imbere rurasaba umukuru w’igihugu kurushiriraho urwego rwo gukingira imigambi baba batunganije. Ivyo babishikirije mu nama yabahuje kuri uyu wa kabiri n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye i Bujumbura. Zimwe mu nyishu yabahaye yababwiye ko mu Burundi hakiri agahaze, kuko habuze abahagararira amategeko.
VIII. Ishirahamwe Olucome rirwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta rirashima intumbero y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yo gushigikira imigambi y’iterambere urwaruka rwiyemeje. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe. Ku bwiwe, ngo leta yarikwiye gushinga amategeko akingira imigambi y’umuntu, n’umugwi w’abahinga bashobora   gukurikirana ishirwa mu ngiro ryayo.

Ibindi bisa n'ibi