Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/09/2021

Publié le 4 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu 8 ni bo bamaze kwitaba Imana, abagera kuri 20 barakomereka ku mutumba wa Murore, muri komine ya Gisagara mu ntara Cankuzo. Ivyo vyabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, bivuye ku nyubakwa y’ishengero ya Katolika yariko irubakwa ku gacimbiri Kigati. Ayo makuru aremezwa n’abakozi b’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge ryagiye gufasha gutabara abaguweko n’impome z’iryo sengero. Abakomeretse bamaze kujanwa kwa muganga, abahegereye bagatinya ko abitaba Imana bashobora kwiyongera muri abo bakomeretse.
II. Hari umugabo w’imyaka 38, yaraye yishwe acumiswe inkota, mw’ijoro ryo kuri uyu wa 03 Nyakanga, ku musozi Businde muri zone Rukago, komine Gahombo, intara ya Kayanza. Amakuru ava aho I Businde, amenyesha ko batazi ico yazize, n’abakoze iryo bara bakaba bataramenyekana.
III. Umugabo w’imyaka yababa 55, yatowe ikiziga kuri uno wa gatandatu ku mutumba Mbizi wa komine Kibago, ni mu ntara ya Makamba. Ico kiziga kikaba catowe mu biti biri ku nkombe y’uruzi Mushara. Abantu 3 bakaba bafashwe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
IV. Amasezerano ya Arusha yari umushinge wo kubana mu mahoro  kw’abarundi bari bamaze imyaka mu ndyane za politike. Ivyo n’ibishikirizwa na Muganga Alphonse Rugambarara ari mu bateguye kandi batera umukono ku masezerano ya Arusha mu mwaka wa 2000. Muganga Alphonse Rugambarara ariko avuga ko ayo masezerano kuva mu 2003 igihe yatanguye gutosekara kugeza n’ubu intwaro ya CNDD-FDD isa n’iyayahamvye. Uyo yahoze ari umunyepolitike agatera akamo abategetsi bahari ubu n’abazoza, kumenya ko ayo masezerano aguma afise ikibanza gihambaye mu kubana mu mahoro kw’abarundi.
V. Ukuja hamwe kw’imigwi yose y’abarundi mu kurwanira amasezerano y’amahoro ya Arusha nico gishobora gukiza igihugu ingorane kirimwo kuko ari wo muti. Uko niko umuhari MAP-Burundi Buhire ubishikiriza kuri uno musi wa gatandatu waruramutse usozera isekeza ryo kunagura amasezerano ya Arusha, mu gihe haheze imyaka 21 ayo masezerano ateweko umukono. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire.
VI. Leta y’Uburundi yarikwiye gutegekanya ikigega c’integakazoza c’igitoro kugira hatorerwe inyishu kw’ibura ryaco mu Burundi. Uwo n’umwihwezo wa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta.  Akaba abivuze mu gihe hamaze imisi hibonekeza ikena ry’ibitoro mu ntara zitandukanye z’igihugu. Gabriel Rufyiri asigura ko ikena ry’ibitoro mu Burundi riva kunyifato ya leta itabishiramwo inguvu zikwiye, hamwe rero n’ikena ry’amafaranga y’agaciro.
VII. Ni iteka ku Burundi, umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye atahukanye intsinzi igira gatatu yikurikiranya mu mahiganwa mpuzamakungu, mu kiringo c’indwi zibiri zonyene. Intsinzi y’ejo ku munsi wa gatanu yayitahukanye inyuma yo kuba uwa mbere ku metero ibihumbi bitanu mw’ihiganwa ryabereye i Bruxelles mu gihugu c’Ububiligi. Akaba yaheruka no kubikora mu gihugu c’Ubufaransa no muri leta zunze ubumwe bwa Amerika.
VIII. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi tuvuga ibijanye n’ihagarikwa ivy’agateganyo amasezerano ajanye n’icukurwa ry’ubutare mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi