I. Mu gihe haheze imyaka 25 musenyeri Joachim Ruhuna agandaguwe, mu ntara ya Gitega, uyo mwepiskopi yakukira diyosezi ya Gitega, bamwibutse mu nkuka y’imisa. Mu nsiguro ya musenyeri Simon Ntamwana yamusubiriye, yamenyeshejeko inyuma y’iyo myaka yose, ari akaryo ko gusabiranira umutima w’ikigongwe, ubutungane no kurekuriranira nk’iragi ryasizwe n’umuhisi musenyeri Joachim Ruhuna.
II. Mu runani rw’abarundi b’intungane RCP bavuga ko ari ibitera soni kubona imyaka 25 iheze ata butungane buraboneka kugira hamenyekane abagandaguye musenyeri Joachim Ruhuna. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba ubutungane bw’Uburundi co kimwe n’umugwi CVR gukora amatohoza bakerekana abagandaguye uyo mwepiskopi. Nibigira Gervais akavuga ko ata kintu kigoye nakimwe kuko umugambwe CNDD-FDD utwara igihugu uyu musi ariwo wagirizwa ubwicanyi bw’ico gihe.
III. K’wigenekerezo nk’iri ry’icenda mu kwezi kw’icenda mu 1996, ni ho musenyeri Ruhuna arikumwe n’ababikira 2 bagwa mu mutego w’abantu bitwaje ibigwanisho muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega, bose hamwe baciye bicwa. FDD ishami rya gisirikare ry’umuhari wagwana ico gihe CNDD-FDD, ryaragirijwe kuba ari ryo ryagandaguye musenyeri Joachim Ruhuna.
IV. Igihano co gufungwa umwaka ni co umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Makamba yasabiye mugenziwe akukira sentare ya Bururi, kuri uyu wa gatatu. Hari mu rubanza rurerwamwo umushikirizamanza mukuru wa parquet ya Bururi rujanye n’uguhohotera umwana w’umukobwa w’inyaka 17. Umushikirizamanza Agricole Ndayitwayeko akaba yasavye ko urubanza arerwamwo ruburanishwa mu mwiherero, kugutinya ko abamenyeshamakuru barukurikirana.
V. Abegereye umuryango wa Rémy Sekaje basaba ko yorekurwa ata kirinze gusabwa, kuko apfunzwe azira ubusa. Uwo nawe amaze imisi irenga 20 apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba yagirizwa kunyuruza umutama w’imyaka irenga 80 Samson Mutohera. Uwo nawe muri kino gihe akaba ariko avurirwa muri bimwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura. Inkomoko y’ipfungwa ryiwe ngo yoba ari amatati yo mu muryango.
VI. Igitabo kirimwo ingingo zibereye kugira ngo igiturire gituzwe bimwe biboneka mu Burundi nico ishirahamwe PARCEM ryarungikiye umukuru w’igihugu be n’izindi nzego za leta. Mur’izo ngingo, ishirahamwe PARCEM ryibutsa ko kwerekana ubutunzi imbere y’uko abategetsi batangura amabanga n’iyo bayasozereye, ari ngombwa mu kurwanya igiturire. Faustin Nduwimana, arongoye ishirahamwe PARCEM.
VII. Ishirahamwe PARCEM risaba kandi gushiraho inzego zifise ububasha bwo kugenzura ikoreshwa ry’amafaranga ya leta hamwe n’itangwa ry’amasoko. Faustin Nduwimana, arongoye PARCEM.
VIII. Igenwa ry’impunzi zitegekanwa kuzoja vuba gutembera mu Burundi kuraba uko umutekano wifashe, rirateye imyidogo mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya. Batowe n’uwutwara iyo kambi ari nawe aserukira Tanzaniya muri iyo kambi nyene. Ariko rero bamwe mu bagenwe bari ku rutonde rw’abamaze kwiyandikisha gutaha ku gushaka kwabo. Ivyo rero ni vyo vyatumye impunzi zigira amakenga kuvyo bazogaruka kubabwira bavuye muri urwo rugendo.
IX. Uburundi bwasezerewe mu mahiganwa ariko ahuza ibihugu vya Afrika mu mupira w’amaboko Volleyball ariko abera I kigali mu gihugu c’Urwanda. Mu rukino rwahuje Uganda n’Uburundi kuri uno wa kane, abaganda batsinze abarundi iseti zitatu ku busa. Uburundi bukaba bwaheruka gutsidwa n’igihugu c’urwanda. Uko gutsindwa rero inkino zibiri akaba ari co catumye Uburundi butazobandanya amahiganwa. Ariko naho biri uko umugwi nserukira gihugu w’Uburundi ukaba witeze kuzobanza gukina kuri uno wa gatanu urundi rukino, ruzowuhuza n’igihugu ca Burkina Faso.