Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/09/2021

Publié le 11 septembre 2021 par Rédaction
I. Umugabo yitwa Thierry Niyonkuru yaraye anyurujwe kuri uyu wa gatanu. Abegereye umuryango wiwe, bamenyesha ko yaraye anyurujwe n’abantu bataramenyekana bari mu modoka yo mu bwoko bwa TI, muri karitiye Rohero 1 iri muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Bagasaba kumenya aho uwabo ari. Basaba kandi inzego z’igihugu zikora amatohoza, kubaza cane cane umupolisi Hassani Nimubona batazira Muhammed love yari yatumye Thierry ngo amuhitanire intumbaswa i Bugarama.
II. Musitanteri wa komine Ntega y’intara ya Kirundo yaraye ahagaritswe mu mabanga yo kurongora iyo komine. Mw’itegeko umushikiranganji w’intwaro yo hagati yasohoye kuri uyu wa gatanu, Marin Hitimana yagirizwa kugira inyifato itaberereye umurongozi, kandi ituma abo arongoye batakimwizera. Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca akaba yaciye ategeka ko inama mpanuzwajambo ya komine Ntega ikorana vyihuse kugira yige iyo nyifato, inyifato ariko itamenyeshejwe mw’iryo kete.
III. Ingaruka ni nyinshi kw’ikena ry’umuyagankuba mu ntara ya Gitega, hariko habera ibikorwa vyo kwagura ikigo c’ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO kiri i Zege muri iyo ntara. Abanyagihugu bari basanzwe batunzwe n’ubuzi bukoreshwa umuyagankuba, babona ko bariko baragira uruhombo rudasanzwe ruriko rubatera n’ubukene mu miryango. Bikaba biri uko mu gihe iyo ntara nyene kumwe n’ahandi, hasanzwe ubukene bw’ibitoro bigatuma n’abahora bakoresha ivyuma bitanga umuyagankuba bita groupe électrogene bidakunda.
IV. Kudafasha kumwe ama koperative ngo ahiganwe mu gukorana n’abanyagihugu, biri mu bituma ayo makoperative ahomba. Bishikirizwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana, inyuma y’aho amwe mu makoperative yidogera ikigega c’igihugu FONIC, ko gikoresha nkunzi, mu guha ingurane ama koperative. Kubw’uyo muhinga, ngo leta ikwiye gukorana n’ikigega cigenga, gishoboye gufasha no gukurikirana mu muco uko ama koperative ahiganwa.
V. Ingingo  iherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji ijanye no kugabisha abashoferi bunguruza abantu ngo ntibaze bahirahire ngo baduze ibiciro mu gihe abanyeshure bazoba basubiye ku mashure, ngo ni ingingo y’uruhendo. Ivyo bikavugwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Urwo runani rukabonako iyo ngingo idashobora gushirwa mu ngiro kuko urwo rudandaza rwo kwunguruza abantu rukorwa ahanini n’abantu bakomeye  mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.  Ernest Nkurunziza, n’umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC.
VI. Mu kiganiro Kw’Isôko uno musi, tubabwira ingene umurundi w’impunzi w’i Mahama mu gihugu kibanyi c’Urwanda Parfait Hakizimana yavyifashemwo mw’ihiganwa ryitwa Jeux paralympiques ryabereye i Tokyo mu Buyapani.

Ibindi bisa n'ibi