Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/09/2021

Publié le 14 septembre 2021 par Rédaction
I. Inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka muntu isabwa kubandanya umwihwezo w’ukugene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, na cane cane mu gisata c’ubutungane. Amashirahamwe agera kuri 44 y’abaharanira agateka ka muntu aherutse kwandikira ikete abaserukira ibihugu bigize iyo nama n’abayitaba ka burorerezi. Ni mu gihe haraye huguruwe icese ibikorwa vy’iyo nama igira 48 i Genève ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe agateka ka muntu.
II. Abarundi baba hanze bita aba diaspora, bari mu bakwiragije ikiza ca Covid-19 mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, kuri uyu wa mbere, mu ngoro y’inama nshingamateka. Gélase Daniel Ndabirabe, amenyesha ko abo barundi bo muri diaspora, bakwiragije ico kiza igihe bari bitavye ibikorwa vya leta vy’indwi yahariwe abarundi baba hanze, yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire. Mu muhari MAP-Burundi Buhire bamenyesha ko umukuru w’inama nshingamateka yarakwiye guhimiriza  nyabuna leta gushiraho ingingo zo kwirinda ico kiza.
III. Ngo mu ntumbero yo kugwanya ikiza corona, ihadabu ry’amafranga y’amarundi ibihumbi ijana (100,000) ni ryo rizohora ritangishwa uyo wese azofatwa adakwirikije amategeko yo kwikingira ico kiza ca corona. Iyo n’ingingo nshasha yamenyeshejwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana mu nama yagiranye n’abarongoye intwaro mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa kabiri. Iyo ngingo ikaba yafashwe kubera ibitigiri vy’abandura ico kiza bibandanya kwiyongera, nk’uko bivugwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.
IV. Muri iyo nama nyene, hafatiwe ingingo y’uko ihadabu iri hagati y’amafaranga ibihumbi ijana n’ayarenga ari yo agiye gutangishwa kubatubahirije igikorwa co kubomora inyubakwa zabo zubatswe hadakurikije amategeko ku mabarabara makuru ari mu gisagara ca Bujumbura,  ku metero zitandatu  nk’uko leta ibitegekanya.
V. Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka, Spès Caritas Njebarikanuye yabogojwe mu biro vy’inama nkenguzamateka kuri uyu wa kabiri. Spès caritas Njebarikanuye akaba yasubirijwe n’umukenguzamateka  Denise Ndadaye. Spès Caritas Njebarikanuye akaba  yaheruka gucibwa ihadabu y’imiliyoni zibiri kubera kwikika mu kiza mu kudandaza isukari ku giciro kitashinzwe na leta. Ishirahamwe SOSUMO rikaba ryaciye rifata ingingo yihuta yo gukura ishirahamwe  ry’ubudanji ry’uwo mukenguzamateka  ku rutonde  rw’abacuruza isukari mu gihugu.
VI. Ishure ryisumbuye ry’indaro ryo mu ntara ya Bubanza riri mu ngorane zo kutagira amamatela abanyeshure bararako. Amakuru ava muri iyo ntara yemeza ko abanyeshure baraye batanguye umwaka w’ishure, bategetswe kugenda bitwaje matela bararako. Abavyeyi baharereye basaba leta gutanga amamatela kuri iryo shure, kugira abana babo bige neza.
VII. Imyidogo ni myinshi mu basirikare bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Ababarongoye bariko babasaba amafranga ibihumbi mirongo ine, yo guterera umugwi w’igisirikare uzwi kw’izina rya Muzinga, kandi mu Burundi basanzwe bakatwa ku kwezi ku kwezi amafranga yo gushigikira uwo mugwi. Ayo mafranga bakayakatwa mu ma konti yabo batagishijwe inama. Bagasaba abarongoye igisirikare c’Uburundi guhagarika vuba iyo nyifato babona ko ata kindi igamije atari kubasahura utwabo.
VIII. Hari umuryango w’abarundi bahungiye mw’ikambi ya Kakuma iri mu gihugu ca Kenya batabaza ko umutekano wabo ugeramiwe. Imvo ngo n’uko abakozi ba HCR mu gisata c’ubuvuzi boba baranyuruje amafranga yari agenewe kuvura umwana wabo, yavukanye ubumuga bw’uruhumyi. Bavuga ko muri kino gihe barara ntibuca, bagasaba ko umutekano wabo wokingirwa.
IX. Umukenyezi azwi kw’izina rya Nshimirimana Marie ku mutumba na zone Kazirabageni muri komine Nyanza-Lac, arapfunzwe kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere. Yagirizwa guturiza amarike umwana wiwe w’imyaka 5 yitwa Niyonkuru Belyse, aca aritaba Imana. Hari mw’ijoro ryo kuwa Mungu rishira uwa mbere, nk’uko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo kuri uwo mutumba nyene wa Kazirabageni. Amakuru dukura mu bajejwe intwaro amenyeshako uwo yihekuye yoba yaturiye uwo mwana wiwe kubera yaryamana n’abagabo batandukanye mu nzu, uwo mwana  nawe agashaka kumutesha. Uwo mukenyezi yakoze iryo bara akaba yaciye ahagarikwa kuri uyu wa mbere akaba apfungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Nyanza-Lac.

Ibindi bisa n'ibi