‘Abamenyeshamakuru bane hamwe n’umudereva ntibategerezwa kumara imisi nk’iyi yose bapfunzwe, n’imiburiburi bategerezwa kuba barashikanywe imbere y’umucamanza’. Ivyo bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo muri Kenya William Olodjanaka. Ahamagarira umuryango w’ibihugu vya Afrika kugira ico ukoze mu Burundi kubera agateka ka zina muntu kaguma gahonyangwa n’ubwigenge bwo kumenyeshamakuru bubangamiwe.
“Gufunga umuntu atakimwagira kigaragara n’icaha c’isinzikarizwa ry’ubuzima kiremwa muntu’’ bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima mu gihe uno musi ugize kane abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, n’umudereva wabo bafunzwe mugasho k’igipolisi mu ntara ya Bubanza. Ngo n’ihonyangwa ry’igitabo mpanavyaha co muburundi kubona ata na kimwe abo bamenyeshamakuru bafunzwe bagirizwa.
Ku wa 25 gitugutu umwaka 2019, imyaka ibiri irarumanye ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha vyuguruye amatohoza ku mabi akorerwa mu Burundi. Umushingwamanza Lambert NIGARURA arongoye urunani rw’abarundi bakorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha arashima ibimaze gukorwa muri iyi myaka ibiri. Ku bwa Me Lambert NIGARURA, abakorewe amabi mu Burundi ngo ni bareme kuko bagiye gutunganirizwa. Urwo runani CB CPI ruhamagarira abakorewe amabi kubandanya bafasha kugira ukuri kuzomenyekane.
Abanywanyi babiri b’umugambwe Cnl bafashwe kuri uno wa gatanu mugatondo ku mutumba Gasenyi muri commune Nyarusange mu ntara ya Gitega inyuma y’isakwa ryakozwe n’ igipolisi. Iryo sakwa rikaba ryari ritumbereye abanywanyi b’umugambwe CNL.
Umushingantahe Zenon Nicayenzi ariyamiriza imvugo y’umukuru w’inama nkenguzamateka yaraye asubiye kwemanga amajambo yavuze mu kwezi guheze avuga ko akeneye kubona umutwe w’uwitwa Kaburimbo avuka muri commune ya Matana intara ya Bururi. Kubwa Zenon Nicayenzi umuntu yivuga amazina akora ikibi kandi yitwa ko ari umutegetsi ngo biba vyarenze inkombe, biba vyarenze impanuro.
Umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO ariyamiriza amajambo n’imvugo biherutse gushikirizwa n’uwurongoye inama nkenguzamateka Reveriano Ndikuriyo. Ngo hamwe yoba koko ariwe ahamagarira abantu kwicana, ngo coba ari icemezo c’uko abatwara igihugu batazi neza ibibanza barimwo be n’amabanga bajejwe.
Urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR rutegekanya kwitura ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira risabe ko rishiraho ingingo ziza gukingira impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya. Mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kuri uyu wa gatanu, CFOR irababazwa n’ukwo ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ukutihanganirana muri politike arivyo umugambwe CNDD-FDD wahisemwo kugira bikunde wigumize ku butegetsi. Chauvineau Mugwengezo, arongoye urunani CFOR.