I. Kuri uno wa gatatu, isi yose ihimbaza umusi wahariwe intwaro rusangi. Mu Burundi kuva mu mwaka 2005 umugambwe CNDD-FDD ufashe ubutegetsi, intwaro rusangi yarasubiye inyuma cane. Ivyo bibonekera mu kuntu leta yagiye irahagarika abo bitavuga rumwe, ikandamiza abamenyeshamakuru n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Bisigurwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu, waharaniye demokarasi mu Burundi. Ku bwiwe, harakenewe mu Burundi intwaro ifatiye ku migambwe ihiganwa biciye mu mategeko.
II. Ishirahamwe PARCEM ihamagarira abategetsi b’Uburundi guhindura ingendo bishimikije ingingo zirangwa n’intwaro rusangi. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM agafatira ku nyifato zimwe zimwe nk’ibijanye n’ukwigungirako, kwemera ibindi vyiyumviro bitandukanye n’ivyabo, be n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.
III. Iyo ntwaro rusangi yaratosekaye kuko kunyuruza abantu vyabaye ndanse mu Burundi. Akarorero ka hafi n’ako uwo batazira Mwarabu wo ku musozi Kizina, zone Gihanga intara ya Bubanza ata gakuru kiwe gushika uyu musi. Yatwawe n’uwurongoye imbonerakure zo muri CNDD-FDD kuri uwo mutumba ku wagatanu uheze, avuga ko amujanye kw’irondo mw’ijoro nkuko vyemezwa n’abo mu muryango wiwe. Kuva ico gihe, ntibarasubira kumubona. Bavuga ko bafise ubwoba ku buzima bwiwe.
IV. Hari umusore afise ibimenyesto vy’indwara zo mu mutwe amaze indwi irenga apfungiwe mw’ibohero rya Bubanza. Abanyororo bapfungiwe muri iryo bohero bavuga ko hari igihe abajejwe umutekano mw’ibohero bita aba Kapita, bamukubita bagasiga ari intere. Basaba ko aho gupfungwa yojanwa ku baganga bavura abantu bafise ingorane zo mu mutwe.
V. Asaba uwuramutswa umugambwe uri ku butegetsi guhagarika ibikorwa vyo kunyaga be n’ihohoterwa rikorerwa abarundi. Uwo n’uwurongoye Ikigo Maison Shalom, Marguerite Barankitse abivuga adoma urutoke kw’izina rya Révérien Ndikuriyo yaraye yihagiye amazu y’ico kigo yo mu ntara ya Ruyigi. Marguerite Barankitse asaba abajejwe amashengero kwiyamiriza iyo ngendo y’ubutegetsi.
VI. Umushingwamanza Janvier Bigirimana asigura ko amategeko y’Uburundi akingira abarundi bose n’amashirahamwe mu vyo batunze ata karenganyo kahabaye. Ku bwiwe kubona uwurongoye umugambwe CNDD-FDD anyaga ishirahamwe Maison Shalom atacamira, n’agatotezo ariko bitebe bitebuke intahe izobakubita mu gahanga.
VII. Inama nkuru y’abepisikopi katorika b’Uburundi barahagaritswe umutima n’irwirirana ry’ikiza ca corona mu bice nka vyose bigize igihugu. Mw’itangazo ryasohowe ku munsi wa gatandatu uheze rigasomwa kuri uyu wa gatatu, abo basenyeri katorika bahamagarira abanyagihugu kubahiriza ingingo zo kwikingira ico kiza. Muri iryo tangazo nyene, abepisikopi baranegura n’ubwicanyi bufatiye kuguhana ishano bwimonogoje mu gihugu. Musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye inama nkuru y’abepisikopi katorika b’Uburundi.
VIII. Igenwa ry’abaganga baja mu bakwirikirana abagwayi b’umugera wa Covid-19 ku bitaro bikuru vy’intara ya Makamba rikorwa hisunzwe imigambwe riracanishamwo abakozi. Ivyo bigatuma n’abagwayi bahagirira ingorane. Abakora kuri ivyo bitaro bagasaba ababarongoye guhindura ingendo ku neza y’ibitaro no ku neza y’abanyagihugu.
IX. Ishirahamwe HCR mu gihugu ca Kenya hamwe n’abategetsi ba Kenya barasabwa gufata ikibazo nka nkama c’umwana w’impunzi ari mw’ikambi ya Kakuma, yarungitswe kuja kuvuzwa ku murwa mukuru Nairobi, ariko bikaba bitaraba. Ivyo bishikirizwa n’urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’impunzi ziri mu karere k’ibiyaga aho rinegura ko bamwe mu bakozi b’ishirahamwe HCR bikika mu kiza mu guhonyanga uburenganzira bw’impunzi. Uwo muryango ukaba ubu uriko uraterwa ubwoba. Léopold Sharangabo n’icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR.
X. Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire no gukurikirana abanyuruza amatungo ya leta rirashima ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu ryo gukura uwahora ari icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, asigura ko hari benshi mu bari mu nzego za leta baronka amasoko ya leta kandi batavyemerewe.
XI. Francine Niyonsaba umunonotsi w’umurundikazi yaraye atahukanye intsinzi igira gatanu yikurikiranya mu mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi. Intsinzi yaronse kuri uyu wa kabiri yayitahukanye inyuma yo kuba uwa mbere ku metero ibihumbi bibiri mu nkino zibera mu gihugu ca Croatie ku murwa mukuru Zagreb. Akaba yirutse izo metero mu minota itanu n’amasegonda 21 n’ibice 56, uwo mwanya Francine Niyonsaba yirutse akaba ari wo wa mbere kw’isi, inyuma y’umwanya wagizwe n’umunya Ethiopiakazi Genzeba Dibaba mu 2017, Francine Niyonsaba akaba yakuyeko amasegonda abiri gusa.