I. Igisata kijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi cabandanije gihungabana kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi. Ivyo biri mu cegeranyo c’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe amatohoza ku vyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi. Ico cegeranyo kirerekanako mu bisata bitandukanye agateka ka zina muntu hamwe no kwishira no kwizana mu vyiyumviro vyifashe nabi muri kino gihe. Ibiri muri ico cegeranyo bikaba vyashikirijwe abamenyeshamakuru kuri uno wa kane. Twarondeye umuvugizi wa leta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye agire ico ashikirije kuri ico cegeranyo c’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe amatohoza kuverekeye agateka ka zina muntu mu Burundi, yatwishuye ko ataco afise abivugako.
II. Ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu nyene, umukuru wigihugu Evariste Ndayishimiye bisa nuko bitamuraba, kuko kama gahonyangwa misi yose uwo mukuru wigihugu arorera, akanahakana ko biba, ntasibe gushikiriza amajambo asosa, ariko yemerwa na bake. Biri mumwihwezo wateguwe nuruganda rwa Radiyo Inzamba.
III. Parike ya Mukaza iri mu gisagara ca Bujumbura yaranse ko umunyororo Rémy Sekaje arekurwa nk’uko vyari vyasabwe na sentare isubiramwo imanza ya mukaza. Uwo munyororo Rémy Sekaje amaze hafi ukwezi apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba ku vyagiriji vy’ibinyoma, nk’uko bimenyeshwa n’umuryango wiwe uvuga ko bibabaje kubona uwabo ariko agumizwa mu mvuto. Ugasaba igisata c’iyungururizo kuzosoma amategeko kigaca urutumbereye, uwabo agasubira kuronka ubwigenge.
IV. Ingingo y’umushikirizamanza wa sentare isubiramwo imanza ya Mukaza icafuza urwego rw’ubutungane. N’umwihwezo wa Gustave Niyonzima, umuhinga mu vy’amategeko. Agasigurako Rémy Sekaje yategerezwa kurekurwa kuko yafashwe hakurikijwe icaha atakoze.
V. Gustave Niyonzima arerekana kandi ingene ifungwa rya Rémy Sekaje rifise iyindi ntumbero kandi ko itegeko mpanavyaha ryahonyanzwe kuva Sekaje agifatwa.
VI. Umufungwa afise uburenganzira bwo kuvuzwa arekuriwe n’amategeko y’igihugu na mpunzamakungu. Atari uko, ingaruka zibazwa uwurongoye ibohero. Bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu. Ni mu gihe hari umufungwa amaze indwi irenga mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bubanza, agaragaza ibimenyetso vy’indwara zo mu mutwe.
VII. Abakozi bamwe bamwe bo ku bitaro bikuru vya Gitega baridogera icegera c’uwurongoye ivyo bitaro ko akoresha aka mwana wa mama mu gutanga uburusho. Akarorero batanga akaba ari umugwi washinzwe ujejwe gupima ikiza ca corona. Uwo mugwi ukaba ugizwe na ba nkunzi gusa, kuko baronswa uburusho. Abo bakozi bagasaba ko ico cegera c’umuyobozi yohindura ingendo canke agasubirizwa.
VIII. Hari umugabo yugaraniwe mu bitaro vya Matana mu ntara ya Bururi, kuko yabuze amafranga yo kuriha inyuma yo kuvurwa. Muri komine Matana, baremeza ko uwo mugabo ari ntahonikora. Mu muryango wiwe bakaba batumva igituma atarekurwa. Basaba abajejwe intwaro ku rwego rw’intara gufasha, kugira uyo mugabo ashobore gutaha.
IX. Abanyeshure b’abigeme barenga ijana ni bo batwaye imbanyi batipfuza mu mwaka w’ishure w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri ushira uw’ ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na rimwe (2021-2022), ni mu buyobozi bw’indero bw’intara ya Kayanza. Biri mu cegeranyo ubwo buyobozi bwasohoye mu mpera z’umwaka. Izo mbanyi abo bigeme ngo baziterwa na bamwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki n’imiduga, na bamwe mu bigisha baratungwa urutoke.