Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 17/09/2021

Publié le 17 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu 3 ni bo bamenyekanye ko bapfuye, abandi barakomereka n’amazu arabomoka kuri uyu wa kane. Vyavuye ku mvura ivanze n’umuyaga mwinshi yaguye kuri uwu wa kane mu ntara za Kayanza, Muyinga na Makamba.
II. Abantu bahagarikwa bagapfungwa bidakurikije amategeko, ngo nta kindi bazira atari ubwoko bwabo canke ivyiyumviro vyabo. Biri mu rwandiko rw’abakozi ba ONU bakurikiranye ibijanye n’ipfungwa rihonyanze amategeko. Urwandiko ruri mu vyashikirijwe umugwi wa ONU uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu. Icibonekeza, ababangamiwe gusumba abandi ni abahoze mu gisirikare ca kera ex-FAB, n’abatavuga rumwe na leta.
III. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rirasaba ko umugwi ujejwe amatohoza ku mabi yakorewe abarundi wokwongerezwa ikiringo. Ivyo biri mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kane. Kubwa John Fisher aserukira ishirahamwe Human Rights Watch i Geneve; ngo kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi, hagumye hibonekeza amabi n’ukudahana mu gihugu n’aho ubutegetsi butavyemera. John Fisher asaba ko imvugo y’umukuru w’igihugu yojana n’ingiro mu guhasha abakora amabi atandukanye.
IV. Igitigiri c’abanyororo kibandanya ciyongera mu mabohero makuru makuru mu gihugu, aho usanga kigwijwe na gatanu ugereranije n’abo ayo mabohero yagenewe kwakira. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT ryishinze kugwanya ihohoterwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu, icegeranyo co mu kwezi kw’indwi n’ukw’umunani. Jean-Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe asaba abarongoye igihugu gukurikiza imanza zaciwe, kugira abanyorororo bagabanuke mu mabohero. Ikindi leta ngo yokwirinda kugabanya abanyororo bukeye igaca yinjizayo abandi b’ikirenga.
V. Imbonerakure Omar batazira Mwarabu wo ku mutumba Kizina wa komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza, yari amaze indwi atawuzi aho ari, kuri uyu wa kane ku mugoroba yaragarutse mu muryango wiwe. Abamubonye bavuga ko yaje amagara atifashe neza muri kino gihe, bivugwa ko naho yaje atava mu nzu. Omar Mwarabu yari yagiye ku wa gatanu ku mugoroba atwawe n’uwurongoye imbonerakure ku mutumba Kizina, bavuga ko bagiye gukizura. Abegereye umuryango wiwe bakaba bari berekanye amakenga bafise, kuko batari bazi aho uwabo ari.
VI. Inyuma y’amezi abiri arenga bapfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura umukenyezi Evelyne Kamikazi na musazawe Gérard Bigirimana bararekuwe ku wa gatatu uheze. Ingingo yo kubarekura yafashwe na parike ya Mukaza. Evelyne Kamikazi yari yafatiwe muri komine Mugamba y’intara ya Bururi, ata kindi azira atari uko umugabo wiwe yahoze ari umusirikare yahunze igihugu mu mwaka wa 2015. Akaba yari yafashwe n’uwahora arongoye igipolisi muri komine Mugamba Moise Arakaza batazira Nyeganyega. Gérard Bigirimana yari yafashwe nk’uwunyurujwe muri zone Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura.
VII. Ugusahura amatongo y’abantu ngo biri mu mugambi wa CNDD-FDD kuva ufashe intumbero yo kuburabuza amasezerano ya Arusha. Ivyo bishikirizwa na Emmanuel Ndereyimana, yahoze muri uwo mugambwe imbere y’ukwo awusezerera. Abivuga inyuma yaho ikigo Maison Shalom co mu Ruyigi cigaruriwe n’uwurongoye umugambwe uri ku butegetsi Reveriano Ndikuriyo, uno akaba yagirizwa gushira mu ngiro umugambi wo kunyaga nk’uko vyibukwa muri kahise mu mwaka wa 1972. Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-Arusha.
VIII. Abanyagihugu bo muri komine n’intara ya Kirundo, baridoga ko mu nama y’umutekano yo kuri uyu wa kane iherutse kuba, imbonerakure zayitavye ziyoberanije ziyitirira iyindi migambwe. Ivyo bikaba bifise intumbero ko babatora mu bagize comité y’umutekano nk’abaserukira iyindi migambwe. Amakuru atangwa n’abanywanyi ba CNL, avuga ko iyo nama yari kujamwo abari mu migambwe yose.
IX. Ishirahamwe rihingura ipampa Cogerco rimenyesha ko rimaze imyaka 10 rikora rihomba. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa gatanu, Gustave Majambere umuyobozi w’iryo shirahamwe, avuga ko ivyo bituruka ku bintu bitari bike harimwo ukubura amatongo hamwe n’indongozi za kera zakora nabi. Uyo muyobozi akemeza ariko ko batanguye irima ry’ipampa n’aho atababafata mu mugongo bafise.

Ibindi bisa n'ibi