Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/09/2021

Publié le 18 septembre 2021 par Rédaction
I. Ejo aho bukera, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aritezwe i New York muri Leta zunze Ubumwe za Amerika ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu nama ihuza ibihugu bigize uwo muryango. Muri urwo rugendo, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye azoba aherekejwe n’abafasha biwe bari ku rushi. N’abahora badasiba mu ngendo nk’izo, nk’umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo gufashanya, canke umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe, ntibazoba bari kumwe i New york. Ibitari bimenyerewe mu rugendo rwo ku rwego rw’umukuru w’igihugu.
II. Mu gihe buca Evariste Ndayishimiye n’abo bari kumwe baja muri Amerika, abatari bake bibaza ko batojayo batabanje kuronswa incanco za Covid-19  nkuko ico gihugu kibisaba.
III. Kubona umukuru w’igihugu aja muri leta zunze ubumwe za amerika bisigura ko hari bamwe mu bategetsi b’Uburundi bamaze kwicandagisha mu kwikingira ikiza ca Covid-19 binyegeje. Ikibabaje ngo n’ukwo abo bategetsi nyene bahakana ko bidakenewe ko abarundi bicandagisha. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC. Abona ko ivyo bisa n’ukubuza ubwigenge bwo kugira amagara meza ku banyagihugu ariko kandi n’ubwo kwidegemvya. Arasaba amashirahamwe atandukanye gutera akamo leta kugira yemere ko abanyagihugu bacandagwa mu kwikingira no mu kuronka ububasha bwo gutembera hanze y’igihugu.
IV. Radiyo Inzamba iciye ku murongo wa Whatsapp w’umukuru w’igihugu, twamubajije ko yicandagishije ku bw’urwo rugendo, yishuye ko akigendera ku rukingo rw’Imana kubera ko ata gucandaga biriho mu gihugu c’Uburundi.
V. Abantu  babiri, umwe wo muri komine  Buhinyuza,  uwundi wo muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, nibo bitavye Imana ku munsi wa gatanu mu buryo bunyuranye. Umwe  akaba yapfiriye  mu kinogo  c’akazu ka surwumwe, uwundi yaguweko n’uruhome rw’inzu, nk’ukwo amakuru atandukanye ava muri ayo ma komine avyemeza.
VI. Hamaze iminsi hibonekeza ubusuma bw’agasakisaki bukorerwa mu mirima, muri zone Dunga, komine Kayogoro mu ntara ya Makamba. Abanyagihugu bo muri iyo zone baratewe ubwoba n’ubwo busuma, bagasaba abajejwe intwaro gutuza iyo ngeso, hatararengerana.
VII. Imvukira za komine Mutaho mu banyeshure bahejeje igisata c’inderabigisha IPA muri Kaminuza y’Uburundi baridogera umuyobozi w’indero muri iyo komine y’intara ya Gitega, ko aguma akoresha abigisha b’abakutsakivi abo bita vacataires mu gifaransa, mu gushira imbere inyungu ziwe, kandi abarangije kaminuza banonosoye ivy’ukwigisha bahari. Abo banyeshure barangije Kaminuza bamwagiriza ko iyo atanze akazi naho ngo ashiramwo nkunzi, mu kuzana abo mu miryango yiwe akuye mu zindi ntara.  Abo bashomeri bagasaba ko ivyo bintu vyohagarara, akazi k’ukwigisha kagatangwa mu muco, kandi bagahera ku mvukira za komine Mutaho.
VIII. Ingoro y’umugambwe CNL yaraye isambuwe. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu  muri komine Muhuta, intara ya Rumonge. Ibaye ingoro igira indwi isambuwe muri iyo komine kuva mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, nk’ukwo abanywanyi ba CNL bavyemeza. Aimé Magera, aserukira uwo mugambwe mu bindi bihugu, ariyamiriza ivyo yita ko ari agasomborotso kagirwa n’umugambwe uri ku butegetsi.
IX. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tuvuga ingaruka z’akaranda ka Covid-19 ku bworozi bw’ingurube mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama, ni mu gihugu c’Urwanda.

Ibindi bisa n'ibi