I. Ibiziga vy’abantu batanu baboshwe kandi biboneka ko barashwe vyaratowe kuri uyu wa gatanu, mu nkengera z’ikibira ku mutumba Ruhembe, wa zone Bumba muri komine Bukinanyana. Abo bantu ntibashoboye kumenyekana. Abanyagihugu bo muri komine Bukinanyana bavuga ko abo bantu boba bari mu migwi y’abitwaje ibirwanisho bavugwa mu Kibira bavuga ururimi rw’ikinyarwanda. Abanyagihugu bavuga ko boba bishwe n’abasirikare, inyuma y’ingwano zimaze imisi zibera mu Kibira kuva kuwa gatatu w’iyi ndwi. Abajejwe intwaro bakaba bategetse ko bahambwa ubutarariye.
II. Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ni wo uzobazwa ibitero vy’ama grenades bimaze imisi bihitana abarundi. Bivugwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi. Aho n’inyuma yaho umushikirizamanza mukuru wa republika aheruka kwagiriza bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe na leta n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, ko ari bo bagize ibitero vy’iterabwoba biheruka. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe FORSC avuga ko ivyo bikorwa vy’iterabwoba bizobazwa urwaruka rw’imbonerakure.
III. No mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo baranegura amajambo aherutse gushikirizwa n’umushikirizamanza mukuru. Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH asigura ko ata gitangaje na kimwe mu majambo yashikirijwe n’umushikirizamanza kuko asanzwe ari gikoresho c’ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuva kera. Mbonimpa akamuhanura nyabuna guca imanza zitumbereye kuko bizomugarukako bitebe bitebuke.
IV. Umumenyeshamakuru Aimé Richard Niyonkuru akorera radio Bonesha fm yarahohotewe yongera arapfungwa amasaha atari make n’inzego z’umutekano. Yari yagiye kuri uyu wa gatanu gutohoza inkuru ahari hatewe grenade yahitanye abantu babiri mu Kamenge. Naho yahavuye arekurwa mu nyuma, abamubonye bavuga ko mu maso yari avyimvye, vyerekana ko yakubaguwe, kandi ibikoresho vyiwe vy’akazi ntibabimusubije. Ivyo bikaza bivuguruza imvugo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yavugiye mu nama ya ONU ko abamenyeshamakuru bakora mu mwidegemvyo ntangere.
V. Inama nkuru ya bose y’ishirahamwe UCEDD riharanira iterambere ry’abatwa rirasaba umushikiranganji w’ubutungane gukora ibishoboka vyose kugira ngo Innocent Mahwikizi arongoye iryo shirahamwe UCEDD afungurwe. Uwo nawe akaba afungiwe mw’ibohero rya Gitega kubera indyane zivugwa muri iryo shirahamwe. Inama nkuru y’iryo shirahamwe UCEDD ibonako indongozi yabo iriko irarenganywa.
VI. Itegeko rya leta y’Uburundi risaba aborozi kugaburira ibitungwa vyabo mu ruhongore ntiryateguwe neza. Ivyo bishikirizwa n’umwe mu borozi yaganiriye na Radiyo Inzamba. Ku bwiwe Leta yari ikwiye kwongereza ikiringo co gushira mu ngiro iryo tegeko, kuko mu kwezi kw’icumi ici riba rigihari, ubwatsi ntibuba buraboneka. Uyo mworozi agasaba Leta ko yokwigiza imbere ico kiringo gushika mu kwezi kwa gatatu kuza. Iryo tegeko leta yagenye itariki zine z’ukwezi kw’icumi kuza, ko ariyo tariki ntarengwa ku borozi bose kuba bashize ibitungwa mu ruhongore.
VII. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tugaruka kw’ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama ya ONU, aho yasavye amakungu kumufasha kurwanya iterabwoba.