Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/10/2019

Publié le 26 octobre 2019 par Rédaction

Icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza  yafashe ingingo yo kurungika mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza abamenyeshamakuru b’ikimenyeshamakuru IWACU n’umudereva wabo. Jean Marie NTAMIKEVYO yagirije bagenzi bacu gukorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu, aho ni mu gihe bari bamaze imisi ine mu gasho ka komisariya y’igipolisi bataramenyeshwa ico bahagarikiwe.

Ngo ni ibisigabwengwe ibisigaye bikorwa na leta y’uburundi mu bijanye no kwubahiriza umwuga wo kumenyeshamakuru, uko niko bishikirizwa na Innocent Muhozi inyuma yaho icariho c’umushikirizamanza afashe ingingo yo kwungururiza abo bamenyeshamakuru 4 mw’ibohero rikuru rya Bubanza abagiriza gukorana n’aba rebeli. Uwo arongoye ishirahamwe OPB ryitaho akarangamutima k’umwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi asaba abamenyeshamakuru basigaye mu gihugu kuzirikana ubutegetsi burongoye igihugu bagakora ibikorwa bibayabaye kuko ari leta ataco yibanga. Innoncent Muhozi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Right Watch na ryo nyene riratera ivyatsi ipfungwa ry’abo bamenyeshamakuru. Lewis Mudge ajejwe akarere k’Afrika mur’iryo shirahamwe avuga ko ivyo biri mu mugambi wa reta wo kubuza ko Abarundi bashikiriza ivyiyumviro vyabo n’uko abamenyeshamakuru badakora akazi kabo. Lewis Mudge.

Eka n abanyepolitique baratera ivyatsi ipfungwa ry’ abamenyeshamakuru; Tatien Sibomana aturuka mu mugambwe w’abadasigana Uprona utemewe n’ubutegetsi ariyamiriza ipfungwa ry’abamenyeshamakuru bane bakorera ikinyamakuru Iwacu bafatiwe mu ntara ya Bubanza bariko bakora akazi kabo. Uyo munyepolitike  akabona ko ari ihonyangwa ry’amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru bikanagaragaza ko mu Burundi ata bwigenge bwo kumenyesha amakuru buhari. Ivyo ngo vyerekana ko no mumatora Uburundi bwimirije abamenyeshamakuru batazokoroherwa mu mirimo yabo.

Ingwano hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho n’abasirikare b’igihugu irabandanya kuvurwa mu ntara zo mu burengero, aho mw’ijoro ryo  kur’uyu wa gatanu rishira uwa gatandatu batanye mu mitwe muri komine Murwi w’intara ya Cibitoke.

Umukuru wa zone Muyira muri komine Kanyosha yaraye arashwe arakomereka ku mugoroba wo kuri uno wa gatanu n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana. Abanywanyi indwi b’umugambwe CNL bikekwa ko ari bo bagize ico gitero bakaba bafashwe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.

Amazu yababa 40 yaraye asituwe n’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga. Iyo mvura yaguye mu gisagara ca Rumonge ikaba yarononye n’intsinga zitwara umuyagankuba. Ama karatiye yononekaye gusumba ayandi akaba ari  Mugomere ; Birimba hamwe na Gihwanya.

Icuka kiri mu gihugu c’Uburundi muri bino bihe ngo ntigishobora gutuma haba amatora meza yizigiwe na bose. Uko niko babibona bamwe mu mpunzi z’abarundi zahungiye i Butare mu gihugu c’Urwanda. Bakabona ko hari hakwiye kubanza  kwihutirwa kugarukana umwumvikano ; amahoro n’umutekano ; abarundi bakabanza bagasubiza hamwe.

Umucuraranzi akaba n’umuririmvyi w’umurundi Jean Marie Magloire NIBIGIRWE batazira Buddy yaraye ashengeye. Yitabiye Imana kuri uno wa gatandatu mu gihugu c’Ububirigi bivuye ku ndwara ya cancer. Abaririmvyi n’abacuraranzi b’abarundi ngo bazokwama bamwibukira ku ruhara yagize kugira umuziki w’uburundi ukorwe ku buhinga bwa none, uje no kw’isoko mpuzamakungu.

Ikigabane « Kw’isoko » c’uno musi kivuga ivyerekeye igisata c’ikawa buca gisubira mu minwe ya Reta y’Uburundi nk’uko biheruka gushikirizwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.



Ibindi bisa n'ibi