I. Hari umudandaza w’imyaka 37 yaraye yishwe arashwe mwijoro ryo kuri uyu wa mbere uheze, igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Ivyo vyabereye ku mutumba wa Shombo, komine n’intara ntara ya Muramvya. Aya makuru aremezwa na Rénovat Masabarakiza, umukuru wa zone Shombo. Akavuga ko uwo mugabo amaze kuraswa, yakomeretse cane, aca ajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’i Muramvya. Ariko ko mu nyuma yasandavye bariko bamumanukana kumuvurira i Bujumbura. Rénovat Masabarakiza avuga kandi ko icatumye uyo mudandaza agandagurwa kitaramenyekana, kandi ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane uwakoze ubwo bwicanyi.
II. Kuri uyu wa 28 Nyakanga, amakungu ahimbaza umusi wahariwe uburenganzira bwo kuronswa amakuru kw’isi. Aho ni mu gihe mu Burundi, ubutegetsi bumaze igihe bubangamira igikorwa c’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru. Ivyo niko bamwe mu barundi bavuganye na Radiyo Inzamba babibona. Bakerekana ko muri ico gihe bigorana ko umunyagihugu aronswa inkuru itohojwe neza.
III. Abamenyeshamakuru mu Burundi batari bake baratotezwa n’inzego za leta n’iz’umutekano, mu gihe baba bariko barondera amakuru kugira bashikirize abanyagihugu ibiriko biraba mu gihugu. Radiyo Inzamba iragaruka ku burorero bumwe bumwe bwa vuba.
IV. Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ iriyamiriza yivuye inyuma ingene leta idahengeshanya kuburabuza abamenyeshamakuru mu kazi kabo. Mw’itanganzo rwasohoye kuri uno musi wahariwe ubwigenge mu kuronswa amakuru, urwo runani rubonako iyo abamenyeshamakuru batoroherejwe mu kazi kabo, abahahombera ari abanyagihugu baba batakironse amakuru nkuko bavyifuza. UBJ iratera intege abamenyeshamakuru ngo bakomere ku muheto mu kazi kabo naho inzitizi zitabuze, na cane cane muri kino gihe ubugizi bwa nabi bwabaye ndanse mu gihugu, ikiza ca Covid-19 na co kiguma gihekura imiryango.
V. Kuri uno munsi mpuzamakungu ugenewe uburenganzira bwo kuronswa amakuru, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNESCO abonako uyu munsi ukwiye kuba umuco ku bakeneye kuronswa amakuru y’ukuri, muri kino gihe ibihugu biriko birarwanya umugera wa corona. Audrey Azoulay, ni umuyobozi mukuru w’ishirahamwe UNESCO.
VI. Abigisha baratabariza abana bigisha biturutse ku buryo bigamwo kw’ishure shingiro rya Nyentumba riri ku mutumba Marumpu, komine Mugina, mu ntara ya Cibitoke. Mw’ireresi iriko iraca ku buhinga ngurukanabumenyi, umugabo yoba yigisha kuri iryo shure, arerekana mw’ido n’ido ubukene bw’intebe buri kuri iryo shure. Agatera akamo abavyeyi na leta kubagarukirako.
VII. Ni umunezero kuva kuri uno wa kabiri ku bavyeyi barereye kw’ishure Sunrise ryo mu Rumonge. Ubushikiranganji bujejwe indero bukaba bwemereye gukora ku mugaragaro iryo shure, inyuma y’indwi zitatu ryugawe kubera ritari rikwije ibisabwa n’amategeko. Abavyeyi bagasaba abarongoye iryo shure kwisuganya mu maguru masha, kugira ngo abana ntibate umwanya munini.
VIII. Ingorane ni nyinshi mu mpunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira intwaro rusangi. Abanyeshure baheba amashure ku bwinshi kuva aho igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, gifatiye ingingo yo kudasubira kurihira amashure abana b’impunzi z’abarundi bari muri ico gihugu. Ngo n’abagize Imana bagaheza amashure, ntibaronswa vya ngombwa kuko baba baheranye.
IX. Umushoferi agendesha imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yakubiswe bikomeye n’umupolisi yari mu modoka y’igipolisi bagenda bakurikirana. Ivyo vyabereye kw’ibarabara rya mbere muri zone Kamenge ya komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uno wa kabiri. Amakuru ava mu bari aho, avuga ko uyo mu polisi yateye ubwoba abanyagihugu mu gusohora inkoho avuga ko ashobora kubarasa, mu gihe bo bariko babaza ivyari vyo.