Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/09/2021

Publié le 29 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri barishwe, abandi bane barakomereka batewe igisasu bita grenade muri zone Gatumba, komine ya Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura. Uwakoze iryo bara nawe nyene yaciye yicwa n’igipolisi igihe yariko aragerageza guhunga.
II. Mu ntara ya Bubanza naho, grenade yahitanye umwana umwe, ikomeretsa uwundi ku mutumba wa Kanombe, zone Mitakataka, commune Bubanza. Iyo grenade ikaba yari itunzwe n’imbonerakure iba muri iyo zone. Muri kano kanya akaba ari mu minwe y’igipolisi.
III. Umukuru w’urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta, asaba umukuru w’igihugu ubwiwe gufata ingingo ruhasha zikingira abanyagihugu bariko bazira ubusa. Frédéric Bamvuginyumvira akibaza nyabuna ko abari inyuma y’iterwa ry’ayo ma grenade boba bacuditse n’ubutegetsi.
IV. Amakenga ni menshi mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, biturutse ku bikorwa vyo gukizura bikorwa mu masaha y’ijoro n’imbonerakure. Abanyagihugu barangura imirimo itandukanye mu ma karitiye atandukanye yo mu gisagara, bategekwa guhagarika ivyo bakora mw’ijoro n’urwaruka rw’imbonerakure kandi ata nsiguro bahawe.
V. Umuryango wa Romuald Hankanimana, indongozi y’umugambwe CNL muri komine Mugamba y’intara ya Bururi, usaba ko yorekurwa. Yahagaritswe n’igipolisi kirikumwe n’ Imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, ku munsi w’Imana. Muri kino gihe apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Mugamba. Mu muryango wiwe, bamenyesha ko yagirizwa gukorana n’imigwi irwanya Leta, ivyo mu muryango wiwe bita irementanya.
VI. Abanyororo babiri bari bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba barabuzwe irengero  haraciye iminsi 5. Amakuru dukura aho muri iryo bohero akavuga ko Niyombabazi Emery na Ntakirutimana Prince boba batwawe n’abakozi b’iperereza. Ku bwa Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT rigwanya gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu, ngo nta nsiguro n’imwe yotangwa ku vyerekeye ikurwa mu mabohero  ry’abafungwa, kuko umushikirazamanza  asanzwe akurikirana dosiye y’uwo aburanira, ari we wenyene afise ububasha bwo kumutumako. Ku bwiwe ngo iyubahirizwa ry’amategeko mu gihugu riri kure nk’ukwezi, mu gihe bamwe mu nzego z’igihugu bakura abanyororo aho bapfungiwe bakaja kubakubagura.
VII. Abahitanwa n’ikiza Covid-19 ni benshi mu Burundi, kandi ibitigiri ntibishobora kumenyekana kuko abategetsi badashaka ko bimenyekana. Biri mu rwandiko umugambwe MSD washize ahabona kuri uyu wa kabiri. Uwo mugambwe ugasaba amakungu kugondoza leta y’Uburundi ikemera gukorana n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS.
VIII. Igisata ca ONU gikorana n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya « UNISOS », gisaba ko abasirikare b’ Uburundi imbere yo kuja mu gihugu ca Somaliya bobanza  kuronswa urucanco rw’ikiza ca corona. Ivyo biri mu rwandiko UNISOS yandikiye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Africa ku wa 26 z’uku kwezi.
IX. Mu gisagara ca Kayanza muri komine n’intara ya Kayanza, haribonekeza imicafu ivuye ku bwinshi bw’uducupa dukozwe muri plastique, tuba twavuyemwo ubwoko bw’ibinyobwa bitandukanye, harimwo ibikozwe mu mitobe ikorerwa muri iyo ntara nyene. Abahejeje kwihereza ivyo binyobwa rero ngo baca bapfa aho bataye utwo ducupa, haba mw’ibarabara canke mu mirima. Abanyagihugu basaba ko abarongoye  intara botorera inyishu  ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi