I. Musitanteri wa komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi yahagaritswe kuri uwu wa kane inyuma y’umutaga na komiseri arongoye igipolisi muri iyo ntara. Césarie Nizigiyimana muri kino gihe akaba ari mw’ibohero rikuru ry’abakenyezi riri aho mu gisagara ca Ngozi. Ariko imbere y’aho yabanje kwumvirizwa n’umushikirizamanza mukuru wa parquet ikukira sentare isubiramwo imanza ya Ngozi. Bivugwa ko uyo musitanteri yoba yahagaritswe kubera igandagurwa ry’umutama yagirizwa uburozi mw’ikomine arongoye, uwo nawe akaba atashoboye gukingirwa uko bitegerezwa kandi yari mu minwe y’abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano.
II. Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uyu wa kane amazina abiri y’intwazangabo zigiye kurongora abandi mu gipolisi no mu gisirikare. Abo nabo ni komisseri Frederiko Budomo yagenywe kuba umugenduzi mukuru w’igipolisi, na General major Jean Paul Habimana batazira Bishinga, yagenywe kuba icegera c’uwurongoye ibiro bikuru vy’intwaramiheto mu Burundi. Abo bagenywe bazwi ko bahora mu gisikare ca kera ex-FAB, bakababa ari basoma mbike b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bose uko ari babiri basubiriye bagenzi babo bagiye kuja mu karuhuko ko muza bukuru bita “retraite” mu gifaransa. None abo bategetsi bashasha ni bande ? Ivyabaranze bikuru bikuru ni ibiki ?
III. Nta gakuru ka caporal-chef Innocent Gashirahamwe. Uwo muforoma w’umusikirkare yanyurujwe kuri uyu wa gatatu mu Carama i Bujumbura, n’abantu bafise inkoho nk’uko bivugwa n’ishirahamwe FOCODE ribicishije mu mugambi wayo Ndondeza. Pacifique Nininahazwe arirongoye, arerekana ko ibitigiri vy’abanyuruzwa bitera vyiyongera, agatangazwa n’agacerere k’abategetsi b’igihugu ku bijanye n’ubwo yita ubukozi bw’ikibi.
IV. Abantu bane bo mu muryango umwe bamuka muri komine Burambi, mu ntara ya Rumonge, barapfungiwe mu busho butandukanye mu gisagara ca Bujumbura no muri komine Burambi. Bafashwe mu bihe bitandukanye, bagirizwa kuterekana aho umwe mu muryango wabo ari, mu gihe yahunze igihugu mu 2016. Uwo nawe akaba yagirizwa kuba akorana n’imigwi y’abagwanyi. Igipolisi kibasaba kumwerekana, mu gihe bo bavuga ata gakuru kiwe bafise.
V. Leta y’Uburundi ngo yategerezwa gutunganya ibiganiro n’imigwi itandukanye y’abarundi, kugira indyane zatanguye mu mwaka wa 2015 zironke umuti urama. Bishikirizwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Umushingwamanza Immaculée Hunja arongoye uwo muhari, abishikirije mu gihe ubwicanyi bubandanya buba umurengera buturutse ku bitero vy’abitwaje ibirwanisho n’itegwa ry’ama grenade henshi mu gihugu.
VI. Abanyagihugu bitura muganga bivuza umugera wa Covid-19 barababazwa n’ukugene bakirwa, mu gihe baba bakitswe n’amagara. Abo radiyo Inzamba yasanze mu turere dutandukanye tw’intara y’ubuvuzi ya Muramvya basigura ko abaganga batabitaho iyo basanze baranduye, eka n’iyo bagwariye muhira ntibabakurikirane. Twahavuye tubaza umwe mubaforoma yakira abagwayi, we yemeza ariko ko babaronsa ibipimo bikwiye.
VII. Musitanteri wa komine Rumonge Jérémie Bizimana aherutse gufata ingingo yo guca ihadabu umuntu wese yinjiye mw’isoko atambaye agafukamunwa canke mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. Abanyagihugu bo ngaho mu gisagara ca Rumonge bakaba bafise amakenga kw’itozwa ry’iryo hadabu babonako ridakorwa mu muco, kandi ko ayo mafaranga ashobora kuba atinjira mu kigega ca komine.
VIII. Abigisha bakoze ikibazo c’ukwigisha mu ma komine ya Makamba na Nyanza Lac, bariko baraterwa ubwoba na bamwe mu bajejwe indero muri iyo ntara, bazira ko bariko barasaba kurenganurwa n’umugwi wari ujejwe gukoresha ikibazo c’ubwigisha muri iyo ntara.
IX. Bamwe mu barongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike baranegura ingingo ya leta yo kwisuka mu bijanye n’imigambi y’ayo mashirahamwe. Ni mu gihe leta yategetse kw’imigambi y’ayo mashirahamwe ibanza guca mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bukayisuzuma, imbere y’uko ishikira abazoyishigikira. Albert Mbonerane, umuhinga mu vyo gukingira ibidukikije, ahamagarira ayo mashirahamwe gusenyera ku mugozi umwe.