Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 01/10/2021

Publié le 1 octobre 2021 par Rédaction
I. Inkuru nziza mu muryango wa Fabiano Banciryanino yahoze ari umushingamateka. Yarekuwe kuri uyu wa gatanu, inyuma y’umwaka urenga ari mw’ibohero. Abaharanira agateka ka zina muntu barashima irekurwa ryiwe, bagasaba ubutungane gukora nk’uko bwakoze mu kurekura abandi bantu benshi bapfunzwe ku karenganyo.
II. Amategeko y’igihugu arerekana ko kizira ko umuntu akurikiranwa ahorwa icaha c’uwundi muntu, umuntu wese akoze icaha akurikiranwa ku gatwe kiwe. Bishikirizwa na Janvier Bigirimana yanonosoye ivy’amategeko. Ni mu gihe abantu bane bo mu muryango umwe bamuka muri komine Burambi mu ntara ya Rumonge, bafungiwe mu busho butandukanye mu gisagara ca Bujumbura no muri komine Burambi. Bagirizwa kuterekana aho umwe mu muryango wabo ari, mu gihe yahunze igihugu mu 2016. Uwo nawe akaba yagirizwa kuba akorana n’imigwi y’abagwanyi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana agasaba abafashe iyo ngingo kurekura vuba abo banyagihugu.
III. Leta y’Uburundi isabwa kubandanya amatohoza kugira ishengeze abari inyuma y’ibitero vy’ama grenades aherutse guterwa mu gisagara ca Bujumbura no mu bindi bice vy’igihugu. Akamo gaterwa n’umugwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Mw’itangazo wasohoye kuri uyu wa gatanu, Sixte Vigny Nimuraba asaba abo bose bafise ivyo basaba, ko bobikora bidaciye mu nguvu.
IV. Arajwe ishinga n’ibibazo vya politike gusa, ivy’iterambere ry’abanyagihugu akirabira hirya. Uko niko bidogera umushingamateka Zachée Misago yatowe mu ntara ya Makamba, abanyagihugu bo ku mutumba avukako wa Kibara, wa komine Kayogoro, bamunegura ku nyifato aheruka kwerekana ku ndwi iheze, aho yategura kuri uyo mutumba umusi mukuru wo gushima ko Kibara ari wo mutumba wabaye uwa mbere mu gutora CNDD-FDD mu matora yo mu 2020.
V. Urwaruka ruhejeje amashure yisumbuye rugiye kuzobanza gukorera igihugu imyaka 2 muco bise Service patriotique volontaire. Ivyo vyaraye bishirikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo. Ayo majambo yayashikirije kuri uyu wa kane mu gikorane c’umugambwe uri kubutegetsi. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi asigura ko iyo mvugo y’uwurongoye umugambwe, yerekana neza ko batarategera uko igihugu gitwarwa.
VI. Ishure shingiro rya Kabuzuru mu ntara ya Kayanza rifise ibirase birangwa n’ibitigiri vy’umurengera. Ivyo bikaba bishobora guteza ikibazo ku bijanye n’ubumenyi bw’abanyeshure ku bw’abahinga mu bijanye n’indero, naho iryo shure riri mu mashure afise ibikoresho bikwiye.
VII. Eulalie Nibizi yahoze arongoye syndicat iharanira agateka ka barimu ariyamiriza agatotezo n’iterabwoba biriko bikorerwa abarimu bo muri komine za Makamba na Nyanza-Lac n’umuyobozi w’indero mu ntara ya Makamba. Eulalie Nibizi agasaba abo barimu bariko bararenganywa kandi bari batoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kuronswa akazi, ko batocika inkokora, boharanira agateka kabo. Asaba kandi  n’ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta gukurikiranira hafi ico kibazo.
VIII. Abageze mu zabukuru bo mu ntara ya Rumonge ngo ntiborohewe n’ubuzima babayemwo, kubera ubukene n’amagara make. Ivyo biri uko mu gihe kuri iri genekerezo rya 01 Gitugutu, amakungu ahimbaza umunsi wabagenewe. Bagasaba ko ababishoboye boza barabagarukirako, bakabasahiriza.

Ibindi bisa n'ibi