I. Uwuserukira abanyeshure bo kuri Lycée Mwaro mu ntara ya Mwaro ari mu minwe y’iperereza. Justin Ikorukwigomba yafashwe kuri uyu wa gatanu n’uwurongoye iperereza muri iyo ntara, nk’ukwo amakuru ava kuri iryo shure abivuga. Aho apfungiwe n’ubu abarongoye iryo shure bavuga ko ataho baramenyeshwa.
II. Uwitwa Claude Nzokira, umwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki mu ntara ya Bururi. Amaze imisi 4 nawe abiwe batazi irengero ryiwe. Amakuru ava ku mutumba wa Kiremba iyo avuka, amenyesha ko baherutse agiye ku biro vya komisariya y’igipolisi kugombora ipikipiki yiwe ihejeje gufatwa n’igipolisi, gushika ubu ntaragaruka. Mu muryango bavuga ko barondeje mu busho bwose gushika mw’ibohero rikuru ry’i Bururi, barahebura.
III. N’umukuru w’umutumba Rubirizi muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke yaranyurujwe kuri uyu wa gatanu. Yari yahamagawe na musitanteri w’iyo komine, ashitse aca yurizwa ubutarariye imodoka bivugwa ko ari iy’urwego rw’iperereza muri iyo ntara. Umuryango wiwe ugasaba kumenyeshwa uwabo iyo ari.
IV. Bamwe mu mbonerakure baramaze kumenyekana ko bari mu bamaze imisi bagira ibitero hakoreshejwe ibisasu vy’ama grenade mu bibanza bimwe bimwe, ivyo bitero bigahitana n’ubuzima bw’abantu. Inyuma yo guhagarikwa, izo mbonerakure zica zicwa n’igipolisi, nk’ukwo biri mu matohoza y’ishirahamwe FOCODE. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE.
V. Ubwo burorero butatu butuma FOCODE isaba ko haba amatohoza yigenga kugira hamenyekane abari inyuma y’ubwo bwicanyi bukorwa n’imbonerakure. Pacifique Nininahzwe abona ko hakwiye abahinga mpuzamakungu bakora ayo matohoza, kuko ubutegetsi vyabunaniye kuyakora.
VI. Ukubana bidaciye mu mategeko canke kurenga ibigo biraba ubuzima bw’umuntu ku gatwe kiwe, umwe mu bubakanye iyo atanejerejwe n’inyifato y’uwo babana, araheza akitura ubutungane. Bishikirizwa na Vital Nshimirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko. N’inyuma y’ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, asaba ba buramatari b’intara zose z’igihugu guhagarika mu mabanga yabo abajejwe intwaro bose bubatse bidaciye mu mategeko. Kubwa Vital Nshimirimana, ico s’ikibazo cihuta gihanze abanyagihugu abarongoye igihugu bokwihutira.
VII. Aborozi b’inka bo muri zone Rubirizi bariyamiriza ingingo y’igikenye ya buramatari w’intara ya Bujumbura, yo kubakura mu bibanza basanzwe bororeramwo. Abo borozi bamenyesha kw’iyo ngingo izotuma bahahombera amafaranga menshi. Bagasaba ko hoshirwa imbere inama n’ingingo.
VIII. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tuvuga ingene umwimbu wagenze mu mihingo imwe imwe y’igihugu inyuma y’ugukoresha ifumbire ya FOMI.