Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/10/2021

Publié le 4 octobre 2021 par Rédaction
I. Abanywanyi batandatu b’umugambwe CNL barakubaguwe ku musi wa gatandatu n’imisore y’imbonerakure. Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba Kinyami uri muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga. Ni mu gihe iyo misore yariko igira ikarashishi ryo mu gitondo.
II. Imbonerakure 7 zarahagaritswe kuri uyu wa kane no ku wa gatanu w’indwi iheze ku mutumba Kazirabageni, muri komine Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba. Abo bahagaristwe bakaba bagirizwa ubusuma mu gihe bariko barakizura. Muri kino gihe zikaba zipfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi i Nyanza-Lac.
III. Hari umunyagihugu yafashwe ku wa gatandatu uheze muri zone Buziracanda, komine Ndava y’intara ya Mwaro. Uwo nawe n’umukukuruke mu gisoda akaba ari umuvyeyi w’umunyeshure aserukira abandi kuri Lycée ya Mwaro. Uwo nawe yari yaraye afatiwe kuri iryo shure nyene ku wa gatanu. Ababibonye bakemeza ko bose batwawe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Mwaro.
IV. Komiseri Moise Arakaza batazira Nyeganyega, ijoro ry’uwa gatanu ushira uwa gatandatu mu ndwi iheze, yaraye apfungiwe mw’ikambi y’abasirikare barwanira mu mazi bita camp Chinois. Imvo ngo ni inyifato yagize yo gukubita umusirikare yarasanze aho ari ku kazi, anamubwira ko ashobora kumurasa. Abandi basirikare ngo nibo batabaye uwo musirikare, baca baja gupfunga uwo mu komiseri arongoye igipolisi muri komine Kabezi.
V. Hari ubwoba buboneka mu bategetsi bakuru b’igihugu. Ubwo bwoba bubonekera aha nini mu majambo ashikirizwa n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye hamwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Uko ari babiri mu majambo baherutse gushikiriza bari mu masengesho bitabiriye atandukanye, biboneka ko ata mahoro bafise mu mutima.
VI. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira asanzwe arongoye urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ngo imvugo z’abo bategetsi zerekana ko batariko basenyera ku mugozi umwe. Frédéric Bamvuginyumvira agasaba umukuru w’igihugu gushira ahabona imigambi yiwe, maze abashaka bamukurikire. Gutyo abo yita abakeba nabo baje ahabona.
VII. Kuri uyu wa mbere niho hari hategekanijwe ko itegeko ribuza ibitungwa kurisha ku musozi rija mungiro. Hamwe mu ntara vyubahirijwe mu kugumya ibitungwa vyabo munzu, ahandi naho rizotangura kuja mu ngiro kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Gitugutu 2021, mu gihe hari n’ahandi ibitungwa bigitembera ku misozi ukuri kwamye. Muri iryo tegeko nyene, bikaba bitegekanijwe ko abatazokurikiza iryo tegeko, barihishwa ihadabu.
VIII. Igikombe ca Super Coupe muri basketball caraye gitwawe n’umugwi Urunani rutsinze umugwi wa New Star ku manota 64 kuri 50. Mu mupira w’amaguru naho ku ndwi igira iya gatandatu, umugwi wa Bumamuru inyuma yo gutsinda Athletico New Oil ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1) waciye ufata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza.

Ibindi bisa n'ibi