Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/10/2019

Publié le 27 octobre 2019 par Rédaction

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Frédéric Bamvuginyumvira aratera ivyatsi ifungwa ry’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu. Aributsa ko abari ku butegetsi muri iki gihe bahora basaba bakiri mw’ishamba ko ama radiyo y’ico gihe yoshikiriza imigabo n’imigambi yabo kandi bikaba.  Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, abo bamenyeshamakuru nta kosa bakoze, uretse ko bazira ngo ko bashatse gushikiriza abarundi amakuru atohoje neza.

Abanywanyi b’umugambwe CNL bo ku mutumba Mpishi wa komine Musigati intara ya Bubanza bazindutse barafatwa n’urwaruka rw’imbonerakure bagirizwa kuba bashigikiye abakoze igitero muri iyo komine kuva kuwa kabiri w’ino ndwi dusozereye.

Impunzi zibiri z’abarundi mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya zimaze imisi itanu mu gasho k’igipolisi aho muri iyo kambi, bagirizwa kuba ari abamenyeshamakuru bagahana amakuru n’abandi bagenzi babo.

Izindi mpunzi zikabona ko ari agatotezo zibuzwa uburenganzira bwo gutunga telefone kugira ntibabandanye bavuga ibiriko biba muri iyo kambi, cane cane kino gihe bariko  babatahisha ku nguvu I Burundi.

Ukutitabira amatora biri mu vyagumye bisubiza inyuma abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ivyo n’ibisigurwa n’urunani CNARED, rukavuga ko ubu rero ivyo bitazosubira ari naco gituma ruriko ruritegura kwitaba amatora yo 2020. Onésime Nduwimana avugira urwo runani akaba avuga ko bazokwitaba ari urunani. Ivyo bikaba biri mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kuri uyu w’Imana, inyuma y’inama yarimaze imisi kuva ku wa 25 gushika ku wa 27 gitugutu iriko irabera ku murwa mukuru wa Ouganda, i Kampala.

Isekeza SOS torture ririyamiriza ifungwa ry’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU risaba n’uko borekurwa. Biri mu cegeranyo c’ibijanye n’ugusinzikaza agateka ka zina muntu co kuva italiki 19 gushika 26 z’uku kwezi. SOS torture iravuga n’abantu batanu bagandaguwe muri ico kiringo nyene. Aimé KWIZERA ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri SOS Torture arabitubwira.

Ibindi bisa n'ibi