Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/10/2021

Publié le 11 octobre 2021 par Rédaction
I. Abasirikare babiri harimwo intwazangabo ni bo baguye mu ntambara zahuje abasirikare n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, zabereye mw’ishamba cimeza rya Kibira, muri komine Bukeye mu ntara ya Muramvya, kuri uyu w’Imana. Izo ntambara bivugwa ko zamaze umwanya utari muto. Nta muhari canke umugwi uremanga ko ariwo uhanganye n’ingabo za leta y’Uburundi mu Kibira.
II. Umukuru w’umutumba Kinyami wo muri komine Giteranyi y’intara ya Muyinga yaraye abogojwe mu mabanga yiwe yo kurongora uwo mutumba, na musitanteri wa komine Giteranyi Janvier Ndagijimana, kuri uyu w’Imana. Amakuru dukura kuri uwo mutumba yemeza ko uwo mukuru w’umutumba, Ndaruvunikiye Radjabu, yoba ariko azira kuba atari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD.
III. Abasangwa, n’impunzi zo mu 1972 zahungutse mu ntara ya Makamba ntibakira kumwe ingingo z’umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB. Abasangwa bagiriza sentare y’uwo mugwi guca imanza ihengamye kubera ibiturire. Ivyo  bikaba biriko vyibonekeza cane cane muri komine Nyanza-lac, aho abasangwa batari bake bariko bariyamiriza ingingo z’uwo mugwi CNTB.
IV. Impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ziguma zihohoterwa. Barahagarikwa bagapfungwa bidakurikije amategeko. Ivyo biri mu cegeranyo co kuva mu ntango z’ukwezi kw’indwi gushika mu mpera z’ukwezi kw’icenda uno mwaka, cakozwe n’ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi ziri mu gihugu ca Tanzania « Dynamique pour les Droits des Réfugiés en Tanzanie » mu rurimi rw’igifaransa. Iryo shirahamwe riranegura amashirahamwe ajejwe igisata c’amagara y’abantu gikorera mw’ikambi ya Nduta, kubera kititaho amagara y’impunzi. Risaba igisata ca ONU citaho impunzi, hamwe na Leta ya Tanzaniya guhagarika ako gatotezo.
V. Igenekerezo rya 11 ukwezi kw’icumi, n’umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Inama nkuru ya ONU yawushizeho italiki ya 19 kigarama 2011, mu ntumbero yo kwerekana ko abigeme nabo hari uburenganzira bafise naho hari intambamyi bagira. Mu Burundi, umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, waboneyeho akaryo ko kwibutsa abigeme ko ukuja mw’ishure ari vyo bishobora kubafasha guhangana n’ivyo vyose bibangamira uburenganzira bwabo. Bikabafasha no guterera mw’iterambere ry’igihugu. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari.
VI. Mu nkino umunani zakinywe mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ku musi ugira uw’indwi, imigwi itanu yaranganije ubusa ku bundi. Imigwi ya Musongati na Flambeau du Centre y’i Gitega ikaba ari yo yonyene yaronse intsinzi. Muri basketball, naho imigwi ya Kern, Dynamo, News Star n’Urunani ni yo izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino zo kwibuka Melchior Ndadaye na Louis Rwagasore, bagandaguwe mu kwezi kwa cumi.

Ibindi bisa n'ibi