Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/10/2021

Publié le 13 octobre 2021 par Rédaction
I. Uburundi bwahimbaje kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 gitugutu umwaka wa 2021, imyaka 60 iheze incungu y’ukwikukira umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Ibirori vyo kuwibuka vyari birongowe n’umukuru w’igihugu, vyahereye ku nkuka ya misa muri cathédrale Regina Mundi. Ibirori bikaba vyabandanirije ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore aho hashizweko ingori z’amashurwe.
II. Ivyo birori nyene vyabaye no mu ntara zindi zigize igihugu. Mu ntara ya Kayanza, buramatari Rémy Cishahayo yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ingingo zishasha zigiye gufatirwa abataribomorera inyubakwa zubatse hadakurikijwe imetero 6 uva kw’ibarabara rikuru. Kuva ku munsi w’ejo, ihadabu iva ku bihumbi ijana gushika ku muliyoni, ni yo ategekanijwe kuri abo bose batazoba barashira mu ngiro iyo ngingo.
III. Kubijanye n’uwo musi mukuru w’ukwibuka imyaka 60 iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe, Karori Mukasi yahoze arongoye umugambwe w’abadasigana Uprona, avuga ko ivyiyumviro vy’umuganwa Rudoviko Rwagasore bijanye no kubumbatira amahoro, ubumwe bw’abarundi uno musi biri kure nk’ukwezi. Ubu mu Burundi ngo harangwa amacakubiri atandukanye. Ariko Karori Mukasi afise icizere ko ibintu bizotinda bigahinduka.
IV. Uruhara rw’Ububirigi ruragaragara mw’igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ivyo vyemezwa n’umuhinga muri kahise akaba n’umwanditsi w’Umubirigi, Ludo De Witte. Akaba aheruka gusohora igitabo kijanye n’amatohoza yaramaze imyaka ariko arakora kw’igandagurwa rya Rwagasore. Ludo De Witte agahamagarira Ububirigi kwemanga uruhara rwagize muri ubwo bwicanyi. Ludo De Witte akaba yabivugiye mw’iradiyo y’Abafaransa RFI.
V. Imyaka itandatu iraheze umumenyeshamakuru Christophe Nkezabahizi agandaguwe n’umuryango wiwe wose. Abegereye umuryango wiwe bavugako kugeza ubu ata co ubutungane burakora kuri iyo dosiye. Basaba umukuru w’igihugu guhaguruka, agasaba ko ubutungane bukora amatohoza nyayo maze abagandaguye umumenyeshamakuru Christophe Nkezabahizi n’umuryango wiwe bamenyekane, intahe ibakubite mu gahanga.
VI. Guhera mu ndwi iza, abarundi bavyipfuza bazotangura guhabwa incanco z’umugera wa Corona. Vyashikirijwe kuri uno wa kabiri na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, aho amenyesha ko Ubushinwa bumaze kubaronsa incanco ibihumbi 500. Umushikiranganji Ndikumana amenyesha ko bazohera mu bakora muri ubwo bushikiranganji, abafise indwara zidakira n’abafise imyaka iri hejuru ya 60. Mu ntumbero yoguhangana n’ico kiza ca Covid, abantu bose bava mu gisagara ca Bujumbura baja mu ntara zitandukanye z’Uburundi bazotegerezwa gupimwa, hanyuma bahabwe urupapuro rwerekana ko batanduye ruzomara ukwezi. Ukwo kwezi guheze bazongera bipimishe nk’uko vyamenyeshejwe na muganga Thaddée Ndikumana.
VII. Ingingo ya leta y’Uburundi ihamagarira kwicandagisha ikiza ca Covid-19, irashimisha abanyagihugu baganiriye na Radiyo Inzamba Agateka Kawe. Abo banyagihugu basaba leta kugira itegeko urwo rucanco, aho kubajuragiza biciye mu majambo ashikirizwa na bamwe mu bategetsi.
VIII. Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira mu karere ko musi y’ubugaragwa bwa Sahara, arashima intambwe ishimishije igihugu kigezeko ariko agasaba leta ko hoshirwaho umugwi w’abahinga, kugira ngo bashobore guhimiriza abanyagihugu gufata izo ncanco.
IX. Hari ikiziga c’umutama w’imyaka mirongo irindwi catowe mu gatondo ka kare ko kuri uno wa gatatu ku mutumba Mitakataka, ni muri zone Mitakataka, komine Bubanza, mu ntara ya Bubanza. Uyo yashengeye akaba yarasanzwe ararira inyubakwa bimburiramwo umuceri.

Ibindi bisa n'ibi