I. Umwana umwe yitavye Imana, abantu bane na bo barakomereka mu gatondo ko kuri uwu wa kane biturutse kw’isanganya ryatewe n’imodoka y’akarere k’ubuvuzi ka Vumbi mu ntara ya Kirundo. Hakaba hari ku musozi Kinzobe, zone Kabuye, na komine Kayanza.
II. Abagabo babiri barabuzwe irengero mw’ijoro ryo ku wa kabiri rishira ku wa gatatu, bari mu bibanza bitandukanye, nk’uko amakuru atangwa na bamwe mu miryango yabo abimenyesha. Abo bagabo babiri baturuka muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Imiryango yabo ikaba itekewe n’ubwoba.
III. Umuntu umwe yarahagaritswe, inkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov n’igikono cuzuye amasasu birafatwa n’igipolisi. Hari ku munsi wa kabiri muri komine Vugizo, intara ya Makamba. Nk’uko amakuru dukura ku mutumba Rutegama, komine Vugizo abivuga, uwo yafashwe ni umusore azwi kw’izina rya Kabura Boniface w’imyaka yaba 24. Yahagaritswe n’igipolisi ca komisariya ya Vugizo ku muhana iwe nk’igihe c’isaha 2 z’ijoro, inyuma y’isakwa ryakozwe kuri uyo muhana. Amakuru dukura ngaho i Vugizo amenyesha ko iyo nkoho ari yo yoba yarakoreshejwe mu mutego wigeze gutegwa musitanteri w’iyo komine Vugizo, haraheze amezi agera kuri 6. Uwo yafatanywe ico kirwanisho akaba yaciye apfungirwa muri komisariya y’igipolisi ya komine Vugizo, imbere yo kwungururizwa muri komisariya y’intara, mu gitondo co kuri uyu wa gatatu.
IV. Abantu bafise amabanga ahambaye mu gihugu bakwiye abahanuzi bafise umwidegemvyo mu guhanura abategetsi. Vyashikirijwe na Padiri Fupi Félix mu nkuka y’imisa kuri uyu wa gatatu, igihe Uburundi bwariko bwibuka imyaka 60 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe. Uwo mu padiri avuga ko hariho abahanuzi bata mu rudubi abategetsi, mu kubatera amashurwe kugira ngo barondere amanota.
V. Leta y’Uburundi yakiriye kuri uwu wa kane incanco za mbere zo kwikingira umugera wa Covid-19 zigera ku bihumbi 500. Iyo ngabire ikaba yatanzwe n’igihugu c’Ubushinwa. Ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’igihugu gutanguza isekeza ryo kujijura abarundi, kugira bitabire urucanco rwa Covid-19 kandi hashirweho ingingo zubahiriza abari mu zabukuru mu kuronswa urwo rucanco. Mw’ikete ryarungikiwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, asaba abarongoye igihugu kwirinda ivya ka mwana wa mama n’ukwirinda gukoresha ibiturire kugira abantu bahabwe urucanco.
VI. Ivyigwa bihanitse vyakozwe mu gihugu c’Ubufaransa vyerekana ko urucanco rwa Covid-19 rugabanya gushika ku bice 90 kw’ijana abaja mu bitaro kubera ico kiza, ku bantu barenza imyaka 50. Ubwo bubasha bw’urwo rukingo bukaba bwibonekeza no kuri Delta, ihindagurika ry’uwo mugera.
VII. Imyidogo ni myishi mu bigisha bo mu mashure yisumbuye yo muri komine Bugendana, intara ya Gitega. Imvo n’ihohoterwa bavuga ko rikorerwa abigisha bo mu bwoko bw’abatutsi, hamwe n’abatari mu mugambwe CNDD-FDD mu kubarungika gukorera ahandi, ata kosa bagirizwa. Abo bigisha bakagiriza ubuyobozi bw’indero muri komine kuba aribo bari hejuru y’iryo hohoterwa.
VIII. Abakozi bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ngo ntibaronswa ivya nkenerwa kugira bashobore kugwiza umwimbu nk’uko babisabwa. Abafundi b’indimo bavuga ko bataronswa igitoro c’amapikipiki ku bayafise. Abadafise uko biyunguruza basaba nabo kuronswa ingene biyunguruza kugira bashobore kurangura neza akazi kabo ka misi yose.