I. Abantu batatu baratowe ibiziga kuri uyu wa kane muri komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Uyundi muntu nawe umwe yarishwe atemaguwe muri komine Mugina, intara nyene ya Cibitoke. Mu ntara ya Muramvya naho hari umugabo yaraye akomeretse cane arashwe mw’ijoro ryakeye.
II. Hari abantu batanu, babiri muri bo ni abasirikare, abandi batatu umwe ni umurundi, babiri nabo n’abanyamulenge, bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba haraheze hafi ukwezi. Igisirikare c’Uburundi hamwe n’iperereza nta makuru baratanga kw’ifatwa ry’abo bantu uko ari batanu.
III. None abo bantu bahagaritswe ni ba nde? Umwidondoro wabo.
IV. Gutsimbataza umutekano n’umubano hagati y’abanyagihugu b’intara za Cibitoke mu Burundi n’intara y’uburengero mu gihugu c’Urwanda, ni vyo abarongoye izo ntara bapfunditse mu nama yabereye kuri uyu wa gatanu ku Ruhwa ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda. Uwurongoye intara ya Cibitoke yamenyesheje ko bagiye kuza barahana inkozi z’ikibi ziyerereza muri ako karere. OPC1 Carême Bizoza arongoye intara ya Cibitoke.
V. Umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi usabwa gukora amatohoza ku bwicanyi bwakozwe kuva mu mwaka wa 1972, gushika ku bwicanyi n’ubu buriko burakorwa mu Burundi. Mu kiganiro umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Pierre Claver Nahimana abona ko ubwicanyi bwakozwe mu mwaka wa 1972 bwakorewe abantu bo mu bwoko bw’abahutu.
VI. Hagiye gutangura isekeza mu gihugu cose ryo gushira mu ngiro imanza z’amatati zaciwe ariko zitarashirwa mu ngiro mu ma sentare y’intango. Iryo sekeza rikazomara ukwezi kumwe uhereye kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu uyu mwaka. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Cynthia Irakoze, avugira ubushikiranganji bw’ubutungane, asaba abafise imanza gusuzuma ko imanza zabo ziri ku ntonde zimanitswe ku ma sentare y’intango.
VII. Leta y’Uburundi ntikwiye kuza iravuga ko ata buryo ifise kugira batorere inyishu ikibazo c’intebe gihanze amashure atari make. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi, bashike kw’iterambere rirama, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Kubwiwe, nta buryo Leta ibuze kuko amahera ahabwa ubushikiranganji bw’indero yarakwiye kugira ngo abana baronke intebe bicarako. Uyo muhinga mu vy’ubutunzi asaba leta kwihutira gukura ico kibazo mu nzira biciye mw’isubirwamwo gushasha mu kungene amafaranga atangwa mu bushikiranganji butandukanye.
VIII. Kuri iri genekerezo rya 15 gitugutu, isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi. Mu Burundi, gukumirwa kw’abakenyezi mu migambi y’iterambere be no kudatorana, biri mu bituma umukenyezi mwirimizi adatera imbere. Bishikirizwa n’umuhari INAMAHORO w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako arongoye uyo muhari, ahamagarira abarundikazi bose guha ikibanza kibereye umukenyezi.