I. Kw’igenekerezo rya 16 gitugutu, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ibifungurwa. Ibice 40 kw’ijana vy’abantu baba kw’isi ntibafungura neza. Ivyo bishikirizwa n’umunyamabanga mukuru wa ONU kuri uyu musi wahariwe imfungurwa. António Guterres atera akamo ama leta gukora uko ashoboye mu migambi yayo, kugira abanyagihugu b’ibihugu vyabo baronke n’imiburiburi ico bafungura, kugira bagire amagara meza.
II. Igice kimwe kw’ijana c’abarundi barabura ivyo bafungura no gupfa bagapfa bishwe na kigoyi, ni mu gihe ibice 13% vy’abarundi bafungura intica ntikize. Biri mu cegeranyo c’igisata ca ONU kijejwe gutunganya ibijanye na kiremwa muntu OCHA. Ico cegeranyo cashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 4 gitugutu uno mwaka, kimenyesha ko igituma ibifungurwa bibura, ari ihindagurika ry’ibihe, ihunguka ry’impunzi hamwe n’ikiza ca Covid-19.
III. Abanyagihugu baganiriye na Radiyo Inzamba agateka kawe bavugako uwo musi mpuzamakungu ushitse ata co bafise bashira ku munwa, n’uwugize ngo arabironka afungura rimwe ku musi. Ngo leta n’irabe ingene iteza imbere igisata c’uburimyi, ibifungurwa bishobore kuboneka.
IV. Impunzi z’abarundi ziri mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya, kuri uyu musi wahariwe ibifungurwa kw’isi, baboneyeho gusaba abategetsi ba Tanzaniya gukuraho ingingo bafashe zibaburabuza mu vy’ubudandaji n’uburimyi. Ivyo izo mpunzi zivuga ko vyobafasha kwironderera utwo bafungura dukwiye, kuko ibifungurwa basanzwe bahabwa ari bike cane.
V. Uburimyi n’ubworozi ntibicikwiye kugira bitume ubutunzi bwisununura, ari na co gituma hakenewe politike y’igihugu iboneka yo kurwanya ubukene. Ni umwihwezo wa Faustin Ndikumana. Uyo arongoye ishirahamwe PARCEM, ahanura leta guhurumbira izindi nzira zotuma ubutunzi bw’igihugu bwisununura, abanyagihugu nabo bashobore kuronka uburyo bwo gusuma, gutyo inzara igabanuke mu gihugu.
VI. Kugomba guhuza umuhari Guma ino Twirwaneho w’abarwanyi bo mu bwoko bw’abanyamulenge, urwanira mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko hamwe n’inzego za leta y’Uburundi, ni vyo vyoba vyaratumye Prosper Ngogazabagabo n’abanyamulenge babiri Bruce Bahanda na Sebakanura Mutoni batabwa muri yompi n’iperereza ry’Uburundi. Abasirikare babiri bafashwe, lieutenant colonel Benoit Barungura na Adjudant Chef Aristide Segaterama, bagirizwa gukorana n’abansi b’Uburundi kuko bari bamaze kuvugana na Prosper Ngogazabagabo ari kumwe n’abo banyamulenge babiri.
VII. Ikiganiro Kw’Isôko c’uyu munsi kibashikiriza uko ishirahamwe OLUCOME risaba leta kurwanya ibiturire mw’itangwa ry’incanco za Covid-19 zaraye zishitse mu gihugu.