I. Jean Bosco Nkeshimana yatowe ikiziga kuri uyu wa mbere. Umuryango wiwe wemeza ko uwo mugabo yari yabuzwe irengero kuva ku wa kane uheze. Yahora aba muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Yari yagiye ahejeje kwitaba telefone y’umuntu.
II. Umutamakazi w’imyaka 70 yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mungu rishira uyu wa mbere. Ubwo bwicanyi bwabereye muri komine Kirundo, ku mutumba Yaranda. Amafaranga angana n’ibihumbi amajana atatu akaba ari yo yatowe asanzaje iruhande y’ikiziga c’uwo mutamakazi. Uwikekwa kuri ubwo bwicanyi akaba ari umusengezana w’uyo mutamakazi, akaba yatawe muri yompi.
III. Abantu batarenga 10 ni bo bazoseruka mu birori vyo kwibuka imyaka 28 iheze abanyeshure barenga 80 bo mu bwoko b’abatutsi baturiwe babona, mu Kibimba aho bita kw’Ibubu. Ivyo biherutse gushikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu kumenyesha ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso. Ubwo bushikiranganji bukaba butanga imvo z’ikiza ca Covid-19. Ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso igisata co mu gihugu ca Canada, rivuga ko ryaguye mu gahundwe ryumvise iyo ngingo. Ririyamiriza ingene iyo ngingo ifatirwa iryo shirahamwe ryonyene mu Burundi ntirifatirwe abandi bantu. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, avuga ko atari ubwa mbere ubwo bushikiranganji buburabuza iryo shirahamwe mu ngingo bwama bwayifatiye.
IV. Kwishuza amafaranga bari bemerewe n’intumwa z’umuhari Guma ino Twirwaneho w’abanyeCongo bo mu bwoko bw’abanyamulenge, ni vyo vyoba biri inyuma y’ipfungwa ry’abasirikare b’Uburundi babiri, bari kumwe n’aba civil batatu umwe w’umurundi, n’abandi babiri b’abanyecongo. Mu mpera z’indwi iheze twari twababwiye ko abo bantu batanu bamaze ukwezi kurenga mw’ibohero rya Mpimba atawuzi ico bazira. Umwete w’abakozi b’iperereza na wo, woba watumwe n’amatati bari bafitaniye n’umwe mu basirikare bafashwe ku bijanye n’amanyanga yoba ariko arakorwa mu matongo yo mu Rubirizi, muri komine Mutimbuzi, iri mu ntara ya Bujumbura.
V. Leta y’Uburundi yatanguye kuri uyu musi wa mbere gutera incanco z’ikiza ca Covid-19. Ico gikorwa kikaba kiriko kibera mu kibanza gitanginrwamwo incanco musi y’ibitaro Prince Régent Charles i Bujumbura. Amakuru dukura muri ico kibanza yemeza ko ico gikorwa citabirwa n’abantu bakeya, kuko kugeza isaha ya sakumi n’imwe hari hamaze kuza abantu 20 gusa. Ayo makuru nyene akavuga ko ata mutegetsi n’umwe yitavye ico gikorwa. Abo bategetsi b’igihugu bakaba babandanya kunebagura urucanco rwa Covid-19. Imbere y’abanyagihugu mu ntara avukamwo ya Rutana, hari kuri uyu wa Mungu, umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yabasiguriye ko urwo rucanco rwizwe gihutihuti ari na co gituma rushobora kugira ingaruka mbi kubarwiteje. Ngo kanatsinda abarwiteje barandura, kandi baranitaba Imana.
VI. Leta y’Uburundi yarikwiye guhagarika ibijanye no gukinisha amagara y’abanyagihugu. Bivugwa n’umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe na Leta CFOR-Arusha. Frédéric Bamvuginyumvira aragabisha leta ko abanyagihugu bazohitanwa n’uyo mugera wa Covid-19, bazoja ku gatwe ka leta.
VII. Uburyo bushasha bwo guhanahana amafaranga hakoreshejwe urupapuro rukozwe mu buhinga ngurukanabumenyi bwarashizweho kuva kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga uno mwaka. Bishikirizwa na Jean Bosco Ndikumana, umuhanuzi w’ubuyobozi bukuru bw’ibanki nkuru y’igihugu BRB, ajejwe guhanahana amafaranga biciye mu buhinga bwa none. Yabivuze kuri uyu wa mbere mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.
VIII. Amwe mu mazu yahora akora ibikorwa vyo kuvunja amafaranga y’agaciro ubu asigaye akorerwamwo ibindi bikorwa. Bamwe mu bahora bakorera muri ayo mazu bavuga ko ubu basigaye bari mu bukene butagira izina, aho mbere bavuga ko n’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu bituruka kuri ayo mazu yugawe. Bagasaba ko boronswa uruhusha rwo gusubira gukora ku mugaragaro.
IX. Leta y’Uburundi rero isabwa gusubira kwugurura amazu y’ubucuruzi bw’amafaranga y’agaciro. Mw’ikete Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta yandikiye umukuru w’igihugu, asigura ko iyugarwa ry’ayo mazu ryatumye amafaranga mvamakungu abura gutyo isoko yo mu kinywabi bita Marché noir mu gifaransa itezwa imbere.
X. Imigwi y’Urunani na Dynamo mu bagabo, Gladiators na Young Sisters ni yo izokina igice kuri uno wa kane urukino rwa nyuma rwo rwibuka uncungu z’Uburundi Rwagasore Louis na Melchior Ndadaye. Mu mupira w’amaguru naho Bumamuru iracari mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, inyuma y’umusi w’umunani w’ihiganwa.