Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/10/2021

Publié le 20 octobre 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, kimanitse ku giti c’umwembe ahahurira amabarabara ya Mubarazi na Siguvyaye, muri Mutanga-Sud, iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ico kiziga cabonywe ubwa mbere n’abana bari bagiye kw’ishure.  Uwo muntu ngo yoba yiciwe ahandi, mu nyuma aza kumanikwa nk’ukwo vyemezwa n’ababa muri iyo micungararo. Abantu babiri ngo boba baza bahagaritswe ku mvo z’amatohoza kuri urwo rupfu.
II. Bamwe mu miryango ifise abapfungwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Rumonge, baratewe umutima uhagaze n’ubwinshi bw’abapfungwa bari muri ako gasho. Bavuga ko batagira isaganirizo, aho abafungwa barenga ijana muri ako gasho mu gihe kagenewe 30 gusa, bakaba babisikanya kugira bashobore kuryama.
III. Mw’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu  mu Burundi ACAT, babona ko iryo rwirirana ry’abanyororo riva aha nini ku biturire bihabwa inyamiramabi mu gupfunga abantu binyuranije n’amategeko. Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, asigura ko na leta y’Uburundi itagishobora kugaburira abanyororo bapfunzwe kubera ubwinshi. Atera akamo umushikiranganji w’ubutungane, gufata ingingo ziboneka kugira bagabanye ubwinshi bw’abanyororo.
IV. Uguha akazi abarimu bigiriwe ku rwego rwa komine niyo nzira irashe kugira hatorwe inyishu ku ngorane y’ibura ry’abarimu, no kubakwiragiza aho batari. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni igihe yari yaramutse ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe na leta mu mezi atandatu. Abashingamateka kandi bakaba bashatse kumenya ico leta iriko irakora kugira ikibazo c’intebe mu mashure gitorerwe inyishu.
V. Nta yindi nzira ihari yo kugwanya ikiza Covid-19 atari kwicandagisha. Bishikirizwa na muganga Jean Minani yahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi. Abishikirije inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni avuze ko urucanco rwa Covid-19, ata kamaro rufise. Uyo muganga ahamagarira abategetsi batandukanye guhimiriza ahubwo abanyagihugu kugira ngo bitabire ku bwinshi urwo rucanco.
VI. Isango ryo kwunamira abanyeshure b’abatutsi biciwe Kw’Ibubu mu Kibimba, ngo bisa n’uko leta iriko irondera kurisivya ubutagisubira. Ivyo biri mu mwihwezo wa Karori Mukasi yahoze arongoye umugambwe w’abadasigana Uprona. Abisigura inyuma y’aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busavye ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso, kutarenza abantu 10 mu mugirwa witezwe aho bukera kw’igenekerezo rya 21 gitugutu ku mvo yo kwirinda ikiza ca Covid-19. Karori Mukasi asigura ko ico ari icitwazo ca leta. Twibutse ko kuri uno wa kane ariho hari hitezwe kwunamira ku cibutso co Kw’Ibubu abo bana bishwe baturiwe, bahorwa igandagurwa ry’incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye, hari kw’igenekerezo rya 21 gitugutu mu mwaka 1993.
VII. Ishirahamwe AIRD rifasha mu kwakira abahungutse no kubashikana mu ma komine bavukamwo, risa n’iryiziziwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Ibikorwa vy’iryo shirahamwe bitegekerwa mu mugambwe, kugeza ku banyezamu bakora akazi ko gucungera umutekano baje gusubirira abo mw’ishirahamwe PSG bari basanzwe barangura ico gikorwa. Ibiriko bituma bamwe mu bariko bahunguka bagira amakenga, kuko benshi bari bahunze amabi akorwa n’izo mbonerakure.
VIII. Ubukene bw’ubwatsi bagaburira ibitungwa bwatanguye kwibonekeza mu ntara ya Ngozi. Bamwe mu borozi b’ivyo bitungwa baramaze gushamira bapfa ubwatsi; bakadoma urutoki kuri musitanteri wa komine Ngozi kutubahiriza amategeko yashinzwe na leta.

Ibindi bisa n'ibi