Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/10/2021

Publié le 21 octobre 2021 par Rédaction
I. Kuri uyu wa kane abarundi bibuka imyaka 28 iheze umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe na bamwe mu bamufasha, hamwe n’ubwicanyi bwaciye butangura ku batutsi n’abahutu bari muri Uprona. I Bujumbura inkuka y’imisa yo kwibuka incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye yabereye muri cathédrale Régina Mundi. Kabaye akaryo kuc egera c’umwepiskopi wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, ko guhamagarira abarundi bose gufatana mu nda mu bumwe budacika, kugira ubwicanyi bwama buhekura abarundi butuzwe. Musenyeri Anatole Ruberinyange.
II. Icegera c’umwepiskopi wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange asaba kandi abarundi kwirinda ibibi bitandukanye, kuko uwubigize wese biteba bikamugarukako.
III. Gutsimbataza intwaro rusangi no kwubahiriza agateka ka zina muntu, umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ngo ni vyo ushira imbere mu ntumbero yo gushira mu ngiro iragi rya Melchior Ndadaye. Ivyo bikaba bishikirizwa n’umuvugizi w’uwo mugambwe Nancy Ninette Mutoni.
IV. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega siko babibona. Intwaro ya Demokarasi Prezida Melchior Ndadaye yifuza ntirigera iboneka. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu. Ku bwiwe ngo igihugu kigiye gutemba kuko inzira ya CNDD-FDD izojana abarundi mu gaheza.
V. Urupfu rwa Melchior Ndadaye rwabereye umusi umwe n’abanyeshure bo mu bwoko bw’abatutsi bishwe baturiwe mu Kibimba, mu ntara ya Gitega, itariki 21 gitugutu umwaka wa 1993. Abantu cumi bo mw’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC-Génocide CIRIMOSO rivuga ko ryarenganijwe mu kutemererwa kwibuka uwo musi, nkuko bigirirwa abandi. Ariko ivyo ngo ntibizobaca inkokora mu rugamaba ryishinze ryo kurwanya ihonyabwoko mu Burundi. Térence Mushano, icegera c’uwurongoye ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso.
VI. Isekeza SOS Torture ririyamiriza ukuvangura kw’ubutungane bw’Uburundi inyuma y’imyaka 28 iheze umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, co kimwe n’abandi bantu isinzi baguye mu bwicanyi bwakurikiye igandagurwa ryiwe. Kubw’isekeza SOS Torture, ubutungane butavangura niwo mushinge nyamukuru wa kazoza k’Uburundi. Ukwo gufata abanyagihugu kubiri birabangamiye cane umwizero wo kunywana no kurekuriranira mu Burundi. Ivyo biri mu cegerenyo ca SOS Torture.
VII. Ingeso yo kwaka ibiturire abapfungwa mu mabohero n’ubusho vyo mu bumanuko bw’igihugu, ngo yabaye ndanse. Amakuru ava mu mabohero ya Rutana na Rumonge co kimwe n’ubusho bw’ama parike, yemezako abapfungwa kugira baronswe uburenganzira bwo kuburana canke abarekurwa basabwa amafranga.
VIII. Igihano co kugumiza mw’ibohero umushingwamanza Tony Germain Nkina ntigikurikije amategeko. Bishikirizwa n’igisata c’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mu bihugu vya buraya, ciyamiriza iyo ngingo ya sentare isubiramwo imanza y’i Ngozi. Mw’itangazo ryo kuri uyu wa kane, uwurongoye ico gisata asaba irekurwa rya Tony Germain Nkina, atakirinze gusabwa.
IX. Imanza zirenga ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani ni zo zaciwe haraheze imyaka n’imyaka mu ma sentare y’intango, ariko ntizashirwa mu ngiro. Ubushikiranganji bw’ubutungane kuri uno wa gatatu bukaba bwaratanguje isekeza mu ntara ya Gitega, ryo gushira mu ngiro izo manza. Umushingwamanza Vital Nshimirimana yahoze arongoye sendika SYMABU ihurikiyemwo abacamanza, akabona ko kimwe mu bituma izo manza zidindira harimwo kurya ibiturire.

Ibindi bisa n'ibi