Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/10/2021

Publié le 22 octobre 2021 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi ari mu rugendo rw’imisi itatu mu gihugu ca Tanzaniya. Bitegekanijwe ko ku musi wa gatandatu azogendera izinga rya Zanzibar ace agaruka i Dar-es-Salaam gusozera urugendo rwiwe. Tanzaniya n’Uburundi bifitaniye ubucuti, ivyoba vyaratumye impunzi zahunze leta ya Gitega zitoroherezwa mu makambi zirimwo mu gihugu ca Tanzaniya.
II. Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ka kare kuri uno wa gatanu ku mutumba Mugomere wo muri komine n’intara ya Rumonge. Abamuzi nk’uko amakuru ava ngaho mu Rumonge abivuga, abamubonye irya nyuma ngo yariko asangira agacupa na bagenzi be ku kirabo kiri hafi y’aho batoye ikiziga.
III. Hari umusore wo muri komine Kiganda y’intara ya Muramvya apfunzwe kuva ku musi wa kabiri w’iyi ndwi turimwo. Yagirizwa ko yoba akorana n’imigwi ihungabanya umutekano. Mu begereye umuryango wiwe bavuga ko yoba ariko azira amatati y’amatongo, abamupfungishije bakabanza kumudodobereza. Uwo musore akaba yari aherutse gusohoka ibohero ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Abegereye umuryango wiwe basaba ko yorekurwa, kuko ata caha yakoze.
IV. Umukenyezi akorera ku bitaro bikuru vy’i Gitega amaze imisi irenga 20 apfungiwe mu gasho k’iperereza. Amakuru ava aho i Gitega amenyesha ko uwo mukenyezi yaborejwe igufa kugira ngo yemere ko atanga amakuru muri radiyo Inzamba agateka kawe. Abegereye umuryango wiwe bavuga ko bafise amakenga ku mutekano w’uwabo bagasaba ko yorekurwa agasubira mu muryango.
V. Ishirahamwe ACAT-Burundi ribonako iryo ari ifungwa ritubahirije amategeko na gato, kuko ata mbohe irenza imisi indwi iri mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi, kiretse habaye uruhusha ruvuye muri parike ya republika. Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-Burundi.
VI. ‘’Ensemble pour le soutien des défenseurs des droits humains en danger’’ mu rurimi rw’igifaransa n’ishirahamwe rishasha rigiye gutangura ibikorwa ryishinze. Ivyo n’ivyamenyeshejwe na Germain Rukuki yaritanguje, kuri uyu wa gatanu  imbere y’amashirahamwe y’abarundi na mvamakungu aharanira agateka ka zina muntu. Muri iryo shirahamwe, Germain Rukuki ategekanya gutera intege abaharanira agateka ka zina muntu baba bariko barashikirwa n’ingorane kubera akazi kabo. Tubibutse ko Germain Rukuki aheruka kurekurwa yari amaze imyaka hafi itanu apfunzwe akaba yaciriwe imyaka 32. Germain Rukuki akaba yahoze ari umukozi w’ishirahamwe rukristu rigwanya gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu.
VII. Imiryango itari mike iba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga iridogera ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi REGIDESO, ko imaze imisi irenga itanu iri mu kizima. Amakuru ava muri iyo miryango yemezako ingaruka mbi ziturutse kw’ibura ry’uwo muyagankuba, zatanguye kwibonekeza.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu badandaza bato bato b’ibinyobwa vya Brarudi b’i Kavovo muri komine Mukike, mu ntara ya Bujumbura. Bidoga bavuga ko batangishwa amafranga y’amarundi 10.000, kugira ngo baronke uburenganzira bwo kurangura akazi kabo. Ayo mafranga ngo bayakaba bayasabwa ku nguvu kugira ngo baterere umugambwe CNDD-FDD.
IX. Ingaruka z’ubukene bw’igitoro zatanguye kwibonekeza. Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, avuga ko itike yo kwiyunguruza yatanguye kuduzwa. Ibihumbi bine (4.000) ni yo mafaranga arihishwa asabwa uwuva mu Rumonge aja i Bururi, mu gihe atahora arenza 3.300. Mu bakora umwuga wo kuroba ho bavuga ko bakora bahomba. Ni co kimwe n’abunguruza abantu n’ibintu. Abanyagihugu bakabona ko bariko bagwa mu mporero. Bose basaba leta ko yotora umuti w’ico gitoro.
X. Leta ya CNDD-FDD yaramaze gufata ingendo y’uko ivyaha vyakozwe muri kahise vyakorewe abahutu ko ari vyo vyonyene vyokwama bivugwa m ugihugu, ivyakorewe abatutsi navyo bikibagirwa. Ivyo biri mu mwihwezo w’ishirahamwe FOCODE riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Ivyo n’inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca, atangiye itegeko rigabanya igitigiri c’abaja kunamira kuri uyu wa kane abana barenga 100 batuririwe kuri lycée Kibimba mu mwaka wa 1993. Uyo mushikiranganji akaba yasiguye ko ari ku mvo zo kwirinda ikiza ca Covid-19. Pacifique Nininahazwe arongoye iryo shirahamwe asigura ko ari ikosa rikomeye cane ryakozwe, kuko ivyaha vyakozwe muri kahise vyakorewe abarundi b’ubwoko bwose. Ku bwiwe, leta ya CNDD-FDD ishaka kubakira ku kuryanisha abarundi mu kwigira umukunzi w’abahutu, kandi iyo leta idasiba kwica abahutu. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE.

XI. Ikigo « Maison Shalom » caratanguje ku munsi wa gatatu ibikorwa vyo kwubaka ishure ry’abana b’imicuko “maternelle” hamwe na mato mato mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’Urwanda. Ukaba ari umugambi w’ikigo maison Shalom gifashwe mu mugongo n’ingoma y’ubwami ya Luxembourg. Marguerite Barankitse, yatanguje ikigo Maison Shalom asigura ko iryo shure rizoba ikigo cigisha amahoro, mu karere k’ibiyaga binini.

XII. Ku bijanye n’umutahe umurondera w’ubutungane bw’Uburundi, Marguerite Barankitse ati, iburabuzwa agirirwa na leta y’Uburundi ntirizomubuza kubandanya no gushitsa ibikorwa vyo gufashanya, biciye mu kigo Maison Shalom.

Ibindi bisa n'ibi