Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/10/2021

Publié le 26 octobre 2021 par Rédaction
I. Umugambi wo gufasha abigeme n’abakenyezi mu kubigisha imyuga no mu kubashigikira mu migambi yabo, wemejwe kuri uyu wa kabiri n’abashingamateka. Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi François Havyarimana niwe yari umutumire, yavuze k’uyo mugambi ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose, uzorangurwa neza bafadikanije n’ubundi bushikiranganji butandukanye.
II. Imibonano imaze imisi ihuza abategetsi b’Uburundi n’abo mu Rwanda yoba igamije kunagura imigenderanire. Karamutsa Gérard yanonosoye ivyigwa vya kahise amenyesha ko iyo migenderanire y’ivyo bihugu yamye ari myiza. N’aho hagira agacamwo, umuti ntiwateba kuboneka. Ni inyuma yaho kuri uno wa mbere ba buramatari b’intara z’ubuseruko n’ubumanuko z’Urwanda, babonanye na bagenzi babo ba Muyinga na Kirundo. Karamutsa Gérard abona ko igihe iyo migenderanire yosubira kunaguka, ababa hafi y’imipaka eka n’abanyagihugu muri rusangi bazovyungukiramwo cane. Gérard Karamutsa yabivugiye kuri Radiyo na Televisiyo vy’Urwanda.
III. Abakozi b’igisata gitanga impapuro z’amatongo bita Titres fonciers bamaze amezi ane bataronswa agahembo kabo. Bavuga ko ubuyobozi bwabo kuva bagiye hamwe n’ico bita cadastres, bari bemerewe ko agashahara kabo kagiye kwisununura, none ngo babuze ako karusho bongera babura n’ayo bahora bahembwa. Basaba ubushikiranganji bakukira kubatunganiriza, kugira bashobore kubaho n’imiryango yabo.
IV. Icegera c’umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ivy’umutekano, yakiriwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Uburundi kuri uyu wa kabiri. Bimwe mu bimugenza, ngo yaje kwirabira aho imyiteguro igeze, y’abasirikare bazoja mu bikorwa vyo kugarukana umutekano mu gihugu ca Centrafrica. Ivyo vyashikirijwe na Moïse Nkurunziza, umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere inyuma y’umubonano.
V. Hari ukutumvikana kuri hagati y’imiryango ibiri yibarutse abana bose baritaba Imana, ku bitaro vy’intara ya Rumonge. Mu buruhukiro aho ibiziga vy’abo bana vyashizwe, umuryango umwe wahawe gushingura umwana atari uwabo kuri uno wa gatandatu uheze, nk’uko amakuru ava aho ku bitaro vyo mu Rumonge avyemeza. Uwundi muryango uramukiwe gushingura uwabo, ni ho wasanga koko ko habaye ugusamara kwinshi mu gushikiriza ibiziga vy’abo bana imiryango yabo. Impari zahavuye ziba nyinshi, ikibazo gihabwa abajejwe intwaro aho mu Rumonge.
VI. Hari umwarimukazi  wo mu ntara ya Rutana yaraye ahatswe kwicwa akomerekejwe n’umuntu atamenyekanye. Inkuru ziva mu Rutana zivuga ko iyo  nkozi y’ikibi yategereye Vexilla Busomintama afise imyaka irenga 60, mu gihe yariko arataha ku muhana iwe,  amutemaguza  umupanga  kw’izosi. Ariko  Imana yarakinze kuko uwo mupanga utashikiriye umutsi wo kw’izosi. Vexilla Busomintama akaba yaciye ajanwa kwa muganga mu gisagara ca Bujumbura, kuko yari yababaye cane. Mu biro vy’inyamiramabi mu ntara ya Rutana, bakaba bavuga ko bariko bakora amatohoza.
VII. Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abigeme uhejeje gutsinda Erythrée igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwo gusubiriza rwabereye I Buye ku kibuga Urukundo. Ni mu nkino zo kurondera imigwi izitabira igikombe ca Afrika, kizobera muri Maroc umwaka uza. Mu nkino zibiri Uburundi bukaba busezereye Erythrée, buyitsinze ibitsindo bitandatu. Uburundi kugira buje muri izo nkino za Afrika, butegerezwa kuzotsinda Djibouti mu nkino zibiri zizohuza ivyo bihugu.

Ibindi bisa n'ibi