I. Imvura imaze imisi igwa mu ntara za Makamba na Rutana yarahitanye ubuzima bw’abantu 2, irabomora amazu n’amasomero birenga ijana n’imirima itari mike. Imiryango yahuye n’ivyago isaba gufashwa.
II. Mu ntara ya Mwaro naho, kuri uno wa gatatu mu gatondo nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’igitondo mw’ihoteri Nobel ya Wakanyoni Célestin iri ku mutumba Gihinga, muri komine Kayokwe bazindutse basanga umunyabigega yitwa Wakanyoni Prosper w’imyaka 38 yapfuye. Nk’uko ababibonye babivuga, ngo yatanguye adahwa amaraso mu cumba iwe aho yanapfiriye. Ngo yavuye aho yari kuri comptoir muri iyo hoteri isaha zine z’ijoro, aja kuryama nkuko abo bakorana babivuga, kandi ngo yibana muri ico cumba. Ikiziga ciwe catwawe mu bitaro vya Kibumbu kugira abaganga basuzume icamwishe.
III. Umuryango w’umunyeshure wo muri komine Ndava y’intara ya Mwaro utakamba usaba ko uwabo yorekurwa akabandanya amashure yiwe. Uwo munyeshure yitwa Aristide Irangabiye yafashwe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Mwaro mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu. Batatu bava mu muryango umwe bari bafatiwe hamwe bakaba bo bararekuwe ku wa gatanu w’indwi iheze.
IV. Nta gitangaje kubona abantu baguma bicwa, abandi banyuruzwa bakaburwa irengero ku ntwaro ya CNDD-FDD, kuko kuva uwo mugambwe ushikiriye ubutegetsi n’imbere y’aho ata kindi wigeze ushira imbere atari ubwicanyi, kuko n’abo basangiye umugambwe barabica. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Abishikirije mu gihe ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi bwasubiye kuba ndanse mu gihugu. Avuga ko abakora ayo mabi ari urwaruka rw’imbonerakure n’abajejwe umutekano.
V. Abantu bashika amajana ane nibo bamaze kwikingira ikiza ca Covid-19 ku kigo gitanga urucanco kiri muri zone Buyenzi mu nyubakwa y’umugambi w’igihugu ujejwe gucandaga. Amakuru dukura muri bamwe mu banyagihugu atumenyesha ko abaza kwicandagisha baba ari aha nini abiteguriye ingendo zo hanze.
VI. Leta y’Uburundi yategerezwa kurarika abanyagihugu bose kwitabira urucanco rwa Covid-19, kuko incanco zose muri kino gihe zemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu. Akamo gaterwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara z’ibiza. Ku makenga y’abategetsi b’Uburundi mu bijanye n’incanco, Come Konakuze asaba umushikiranganji w’amagara y’abantu ko yo kwikora ku bahinga bo muri ubwo bushikiranganji, kugira bagire ubushakashatsi kuri izo nkingo maze baheze bajijure ikingire abanyagihugu.
VII. Amajambo y’abategetsi b’Uburundi ajuragiza ku bijanye n’urucanco rwa Covid-19 atuma abarundi batamenya ico bafata n’ico bareka. Bisigurwa na Gabriel Baglo yahoze ari umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru kw’isi ku mugabane wa Afrika. Abivuga afatiye ku majambo aherutse gushikirizwa n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, avuga ko urucanco rwa Covid-19 rutizwe neza kandi rushobora kugira ingaruka mbi ku barwiteje. Ku bwiwe, ivyo birabonekera mu kuntu abarundi batitabira incanco za Covid-19 zamaze gushika mu Burundi. Baglo akababazwa no kubona amaradiyo akorera mu Burundi adafasha mu guhimiriza abarundi bitabire ico gikorwa co kwicandagisha.
VIII. Abanyagihugu baranduriwe imirima muri zone Buterere ya komine Ntahangwa basaba kurenganurwa, mbere ababaranduriye imirima bagahanwa. Abo banyagihugu baranduriwe umurima ungana na hegitare, urandurwa n’urwaruka rw’imbonerakure bahagarikiwe n’uwurongoye agacimbiri, kw’itegeko ry’uwutwara karitiye ya Buterere ya mbere. Amakuru ava ku Buterere avuga ko inyamiramabi yo ku Buterere yoba iriko iriteza utunyoni mu kwanka guta muri yompi abaranduye iyo mirima.
IX. Bamwe mu bafise amatongo muri Kizingwe-bihara, zone Kanyosha, komine Muha, bemeza ko batisanze ku ntonde abandi na bo bakavuga ko ibiriko birakorwa n’ishirahamwe ry’abafise amatongo aho muri ako karere bidahumuriza bose. Nk’akarorero hari bamwe muri bo basangiye ibibanza, ibishobora gutera ingorane mu kuronka impapuro ziranga ivyo bibanza.
X. Amalitiro 125 y’igitoro co mu bwoko bwa mazout hamwe n’amalitiro 25 yo mu bwoko bwa essence, amabido 82 hamwe n’imipira 5 vyakoreshwa mu kuvoma ico gitoro, n’ivyo vyafashwe kuri uyu wa kabiri n’igipolisi gikorera mu ntara ya Kayanza. Bikaba vyafatiwe ku witwa Youssouf Minani hamwe na Jean Marie Ndihokubwayo, bose bakorera urwo rudandaza mu micungararo y’igituro c’ibitoro aho bita kwa Khalfan. Ni mu gihe hamaze imisi mu gisagara ca Kayanza hibonekeza ubukene bw’ibitoro vy’ubwoko bwose. Mu gipolisi mu Kayanza, bagasaba abakora urudandaza runyuranye n’amategeko kuvavanura n’iyo ngendo. Na yo abanyagihugu na bo ngo boza baradoma urutoke kuri bene abo bantu bakora urudandaza rwose rutemewe n’amategeko, kugira ngo rutuzwe kuko rufise ingaruka zitari nziza ku butunzi bw’igihugu bigatera n’amasanganya mu gihe ibitswe mu mazu.
XI. Ingeso yo kwigungirako amasoko kuri leta mu gufasha akagwi k’abantu bari ku butegetsi bisubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. N’inyuma y’aho kuri uyu wa mbere umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi Emmanuel Ndorimana ashikirijeko ama stocks y’ibigori mu ma komine azogurishwa gushasha ku banyagihugu, ku giciro cashinzwe na leta, hakajamwo itagisi ya komine yibice 10% ku kiro. Kubwa Faustin Ndikumana, hari hakwiye guhiganwa mu masoko bene ayo abarimyi, n’abaguzi bagahabwa uburenganzira.