I. Hari umukozi wo mw’ibohero rikuru rya Mpimba yabuzwe irengero kuva ku musi wa kane. Umuryango wa Christian Ntwari uvuga y’uko wamuherutse aja ku kazi ariko ntiwasubiye kumukubita ijisho kugeza uyu musi. Umupfasoni wiwe asaba umukoresha wiwe gufasha kugira umugabo wiwe aboneke.
II. Umuryango w’umusore Christophe Ndayiragije wo muri komine Kiganda y’intara ya Muramvya yanyurujwe haraheze indwi zibiri, uratekewe n’ubwoba kuba utaramenya aho uwabo ari. Christophe Ndayiragije yahagaritswe yagirizwa ko yoba akorana n’imigwi ihungabanya umutekano. Akaba yari aherutse gusohoka ibohero ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Mushikiwe Odette Nizigama arashikiriza amakenga umuryango ufise, agasaba abajejwe intwaro kwerekana aho uwabo ari.
III. Ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi ribonako ibintu bijanye n’ukunyuruzwa kw’abatavuga rumwe na leta vyamaze kurenga ihaniro. Iryo shirahamwe ariko rivugako bitebe bitebuke, abakora ivyo vyaha bazotinda bagakubitwa intahe mu gahanga, bakishura ivyo bakoze, kuko ivyo vyaha ngo ntivyibagirwa. Me Jean Claude Ntiburumusi, arongoye igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe.
IV. Nta gakuru k’umugwi wari washizweho n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka. Ni mu gihe ikiringo c’indwi zibiri carumanye kuva aho umukuru w’igihugu asavye icegeranyo c’abafise ico babazwa, ku mafaranga agera ku miliaridi 54 z’amarundi zatanzwe na leta, kugira hubakwe urugomero rw’umuyagankuba rwa Mpanda muri komine ya Musigati, mu ntara ya Bubanza. Kw’igenekerezo rya 15 za kuno kwezi ni ho Evariste Ndayishimiye yari yishikiye kuri urwo rugomero, avayo ashikirije ijambo yizeza abarundi ko ayo mafaranga atazogenda amazimayongo, kandi ko urwo rugomero rubwirizwa kuzokubakwa. Umukuru w’igihugu yaciye asaba umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, gushiraho umugwi uzokwerekana mu ndwi zitarenga zibiri uruhara rw’umwe umwe wese mu bafise ico babazwa muri iyo dosiye. Mu gihe izo ndwi zibiri zaraye ziheze, ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’umukuru w’igihugu, kugira atange umuco kuri ico gikorwa casabwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
V. Umwe mu bantu bakorana n’abakozi b’umugwi CNTB hamwe na sentare yawo yagirizwa gutoreza ibiturire abo bakozi mu bahungutse, yarahagaritswe kuri uyu wa kane n’igipolisi Mubuheka ni muri komine ya Nyanza-Lac. Abanyagihugu basaba ko hokorwa amatohoza no ku bandi bakozi ba CNTB bakorana na bo, bagaharikwa bagakubitwa intahe mu gahanga.
VI. Ikigabane Kw’Isôko uyu munsi kituyagira ku bijanye n’umwuga wo guteka wigwa n’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda.