Abamenyeshamakuru 4 n’umushoferi wabo, babwiwe ivyo bagirizwa bamaze imisi itanu yose bapfunzwe. Bari bavuye i Bujumbura bagana i Bubanza mu gatondo ko ku musi wa kabiri, itariki 22 Gitugutu. Emile NIBASUMBA aratubwira ingene vyagenze kuva bafatwa gushika ubu.
Icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu ni kimwe mu vyaha bikomeye biri mu gitabo mpanavyaha c’Uburundi. Bisigurwa n’umushingwamanza Lambert NIGARURA afatiye ku bihano bitegekanijwe ku baba bagirizwa gukora ico caha. Ariko uwo yanonosoye ibijanye n’amategeko, amenyeshako igitabo mpanavyaha c’Uburundi kidatomora neza icaha co gukorana n’abahungabanya umutekano w’igihugu cagirijwe abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu hamwe n’umudereva wabo.
Umushingwamanza Lambert NIGARURA avuga ko abo bamenyeshamakuru bariko bagirizwa icaha batakoze na rirya igikorwa bari barimwo bakimenyesheje abarongoye intara ya Bubanza bari bagiye gukoreramwo. Arongera akanasigura ryari umuntu ashobora kwagirizwa ico caha co guhungabanya umutekano w’igihugu.
Ipfungwa ry’abagenzi bacu bo mu kinyamakuru Iwacu rije rikurikira ayandi mabi yirigwa arakorwa n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Abamenyeshamakuru barenga 10 hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, baramaze kuburabuzwa mu myaka 15 umugambwe CNDD-FDD umaze ku butegetsi.
Gabriel Nikundana ni umwe mubamenyeshamakuru bigeze kuba basanga mw’ishamba abagwanyi b’umuhari CNDD-FDD kugira bamuhe amakuru. Ngo barondera amakuru ku ruhande rwa leta n’abayigwanya kugira abanyagihugu bamenye ibiriko biraba, kandi ngo vyaranezereza cane abo bari ku butegetsi uno musi.
Nta karangamutima na kamwe ko kumenyeshamakuru barenze barya bamenyeshamakuru bahagaritswe ahubwo ngo bakoze ibijanye n’akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru. N’ukuvuga kuja kurondera inkuru z’ivyariko biraba kugira abanyagihugu babimenye ariko ubutegetsi na bwo bukaba butashaka ko bimenyekana. Ivyo bivugwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo gihanura abamenyeshamakuru.
Ernest SAGAGA ajejwe umutekano no gukingira abamenyeshamakuru mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru FIJ, yemeza ko icaha cagirizwa abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu ataho gisa gisana n’akazi kari kabajanye ku rubuga i Bubanza. Ernest SAGAGA.
Mu bihe vy’intambara ama Leta aba ashaka kunyegeza ivyononekaye n’ivyaha vyo mu ntambara iba yakoze. Bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE. Agasaba ko abamenyeshamakuru bapfunzwe bopfungurwa kuko ikibanza cabo kitari mu buroko.
Mu mugambwe Sahwanya Frodebu bamenyesha ko ipfungwa ry’abo bamenyeshamakuru bo muri mu kinyamakuru IWACU rituma abanyagihugu bagira ubwoba. Ivyo mbere ngo bigashobora no gutuma bikeka ko ibihe vy’amatora u Burundi bugiye kwinjiramwo bizorangwa n’utunenge twinshi. Phénias NIGABA, umuvuguzi w’umugambwe Sahwanya Frodebu.