I. Ibiziga bi 4 vyaratowe kuri uyu w’Imana ku musozi Mparambo komine Rugombo, mu ntara ya Cibitoke. Ikindi kimwe na co nyene catowe kuri uyu wa mbere hafi y’uruzi Rusizi. Abungere babibonye ubwa mbere bavuga ko vyari biboshe kandi ko vyari vyatanguye kwononekara. Mu kiringo kitarenga indwi imwe yonyene bikaba bibaye ibiziga 10, bitowe muri iyo ntara ya Cibitoke. Abanyagihugu bakavuga ko batewe umutima uhagaze n’ubwicanyi bwasubiye kuba ndanse mu gihugu.
II. Ubwicanyi bukorwa mu gihugu abantu bagatorwa ibiziga iyo batawe, biragaragara ko bukorwa n’inzego za leta na rirya ubutungane ata matohoza bwigera bukora. Bisigurwa n’ishirahamwe FOCODE riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru wa FOCODE, atera akamo umukuru w’igihugu kuva mu gacerere, akamwibutsa ko icambere yarahiriye ari ugukingira abarundi.
III. Umushingwanza Janvier Bigirimana arongera agasaba abafasha Uburundi kuba maso bakabona ko mu Burundi ata kirahinduka, nyabuna bahimirize leta kubahiriza agateka ka zina muntu. Abantu bareke kwicwa no kunyuruzwa bahorwa ubusa.
IV. Abanywanyi 14 b’umugambwe CNL barafashwe kuri uyu w’Imana. Vyabereye ku mutumba Rusi uri muri komine Shombo, intara ya Karusi. Mu bafashwe harimwo uwuserukira urwaruka rwa CNL muri iyo ntara, nk’uko amakuru ava I Shombo abivuga. Icatumye bafatwa nticamenyeshejwe ababo.
V. Abantu cumi bo ku mutumba Nyamigogo, muri komine Rusaka y’intara ya Mwaro, bamaze imisi itandatu bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri iyo ntara. Bose n’abo mu muryango umwe, bapfunzwe inyuma y’imishamirano yaturutse ku matati y’amatongo. Bagiriza abakozi ba sentare y’intango ya Makamba ko ari bo bariko barateranya iyo miryango. Bagasaba ko itongo bapfa ryogaburwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none bita GPS mu mpfunyapfunyo.
VI. Abagabo batatu bikekwa ko ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana, bari mu minwe y’inyamiramabi muri komine Gahombo n’intara ya Kayanza. Bahagaritswe mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, inyuma yaho abantu barenga 250 bari mu mamodoka yunguruza abantu baburijwe gushika aho bari bagiye bavugako bagiye mu bugeni. Bakaba bari bitwaje bimwe mu bikoresho bikoreshwa n’abapadiri mu gihe c’imisa.
VII. Imyidogo ni myinshi muri bamwe mu banyagihugu bakeneye ama konteri y’umuyagankuba mu ntara ya Rumonge. Abo banyagihugu bavuga ko bakwa ruswa igera ku mafaranga ibihumbi ijana. Badoma urutoke kuri bamwe mu bari mu mugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara, ko bari kw’isonga mu kurya no gutoza ruswa.
VIII. Abakozi ba kaminuza y’Uburundi bavuga ko barajwe ishinga n’ingene ico kigo gitunganya ibikorwa muri kino gihe. Bakidoga banegura cane cane ingene kuva mu mwaka wa 2009 bataronswa uturusho mu vyerekeye uburaro, nk’uko bitegekanijwe n’amategeko. Banegura kandi ko politike yashinzwe yo kunganisha imishahara itakurikijwe kuva mu mwaka wa 2014.
IX. Umugwi wa New Star uri mu migwi 16 izohiganwa mu kwezi kuza kwa Kigarama kugira haboneke imigwi 6 iziyongera ku yindi itandatu hakaboneka 12, izokina inkino za nyuma za Basketball Africa League. Muri volleyball naho GACOSMOS na Gender Light Club niyo migwi yatwaye igikombe c’Intwari, mu gihe mu mupira w’amaguru Bumamuru ikiri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’Uburundi.