Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/11/2021

Publié le 5 novembre 2021 par Rédaction
I. Agacerere gateye ubwoba budasanzwe. Abarundi isinzi birirwa baricwa ariko abategetsi bakaguma bihoreye, ibiziga bitorwa umusi ku musi mu bice bitandukanye vy’igihugu. Ariko rero n’aho ubwo bwicanyi buteye ubwoba, ukunuma kw’abajejwe intwaro n’abari kw’isonga ry’ubutegetsi guteye amakenga gusumvya.
II. Kwirinda kwagiriza ubwoko kanaka no kwirinda gukora genocide ni vyo umukuru w’igihugu asaba abarundi. Evariste Ndayishimiye yabivuze mu mwiherero urimwo abagize leta be n’abayobozi bakuru bakuru mu co bise urwego nshingwantwaro rw’igihugu. Mu gihe asaba kureka umugwi CVR gukora akazi kawo, mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ijambo ry’umukuru w’igihugu ritanga umwizero. Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi, asigura kandi ko ari imvugo idasa n’iy’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye akomokamwo.
III. Ubukene bw’amafaranga y’agaciro mu gihugu c’Uburundi bwatumye bimwe mu biciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa biduzwa ibindi na vyo birakena. Aho ni nk’isima (ciment mu rurimi rw’igifaransa) ihingurirwa mu Burundi, n’ihinguriro BUCECO, ikena ry’igitoro bimwe mu bidandazwa mvamakungu, eka mbere na bimwe mu bihungurirwa mu Burundi. Abanyagihugu basaba leta gukora uko bishoboka ayo mafaranga aboneke, kugira ubuzima nti bubandanye buzimba.
IV. Leta ikwiye kuzibura amariba yose yugaye bigatuma amafaranga y’agaciro ataboneka mu gihugu. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Asaba leta kwisunga intwaro ibereye, irabe ivyagiye bituma ubutunzi bw’igihugu buhungabana.
V. Imyidogo ni yose ku barimyi bo mu ntara ya Makamba. Abo barimyi bavuga ko batanze amafaranga y’ifumbire ariko gushika uyu munsi batarayironka. Ivyo biri uko mu gihe umwaka w’uburimyi wa 2021 ushira 2022 umaze amezi abiri utanguye. Abo banyagihugu basaba ababijejwe gukura ico kibazo mu nzira.
VI. Kuri iri genekerezo rya 5 Munyonyo niho mu Burundi bahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe kuziganya. Uyo musi usanzwe uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu mu Burundi. Icigwa cakozwe n’ibanki nkuru y’igihugu mu mwaka wa 2018, cerekanako abarundi bitura ama banki ico gihe bangana n’ibice birega gato 20%. Abakenyezi bakaba badaserukiwe cane, nk’uko bimenyeshwa na Louise Kamikazi arongoye ihuriro ry’amashirahamwe yo kuguranana.  Kutaronka amakuru ahagije n’uko ubuhinga bwa none butarashwara muri ayo mabanki yo kuguranana, ni bimwe mu bituma abarundi badahurumbira cane ama banki.
VII. Abanyagihugu baganiriye na radio Inzamba kuri uyu musi bavuga ko ataco bafise bakironka baziganya, kubera bari mu bukene budasanzwe kandi n’amahera y’Uburundi yataye agaciro cane. Abo banyagihugu basigura ko kuziganya ari ikintu ciza, kubera ushobora kuronka n’ingurane. Ariko ubu ngo n’ayo ubitse ntuyaronka uko ubishatse, kubera ubukene bw’ama koperative.

Ibindi bisa n'ibi