I. Abantu 19 bagirizwa ko ari abagwanyi b’umuhari RED TABARA baherutse gushikirizwa Uburundi batanzwe n’igihugu c’Urwanda, muri kino gihe ngo bariko barakubagurwa mu guhohoterwa aho bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Iryo shirahamwe riboneraho akaryo ko kwiyamiriza ihonyangwa ry’agateka k’abanyororo risa n’iryimonogoje mu mabohero amwe amwe yo mu gihugu. Ritanga akarorero k’amabohero ya Mpimba, Muramvya, Rumonge na Gitega. ACAT-Burundi risaba leta y’Uburundi kwikubita agashi, igakora ibishoboka vyose kugira ngo agateka k’abanyororo kubahirizwe. Me Jean-Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe.
II. Umugwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri no kurekuriranira ku mabi yashikiye Uburundi, ntushobora gutora neza aho ukuri kuri ku vyabaye mu Burundi kuri, kuko ibihe vya politike igihugu kirimwo bidashobora kworohereza uwo mugwi. Biri mw’itororokanirizo ry’amakuru y’ubutungane yandikwa na SOS-Torture ryashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 20 munyonyo uno mwaka. SOS-Torture ivuga ko ivyo umugwi CVR ushikiriza atawovyizera kuko ushaka gushimisha umugambwe uri ku butegetsi, na cane cane ko abatavuga rumwe n’uwo mugambwe bomowe. Ni mu gihe kandi uwo mugwi mushasha wa CVR urumanije imyaka itatu ukora.
III. Rekura Béatrice Nyamoya. Ako ni ko kamo umuhari Inamahoro w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi bateye abarongoye igihugu. Uyo aharanira agateka k’abakenyezi yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’iperereza ku wa gatandatu uheze. Umuhari Inamahoro uriyamiriza iryo fatwa ryiwe, ifatwa uwo muhari uvuga ko rifise intumbero yo kwereka abandi barwanira agateka ka muntu bahunze ko na bo ari vyo vyobashikira batahutse. Justine NKURUNZIZA wo mu muhari INAMAHORO.
IV. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL muri komine Bwambarangwe y’intara ya Kirundo bamaze imisi itanu mu gasho k’iyo komine. Abandi banywanyi basaba ko borekurwa kuko ata co bariko barazira, atari ivyiyumviro vyabo vya politike. Umwe ni umukuru w’umutumba. Amakuru ava aho i Bwambarangwe, avuga ko ahorwa kuba yaranse kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
V. Isanganya ry’umuyagankuba ryahitanye umuntu kw’ibarabara rya 1 muri zone ya Bwiza, komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo vyabaye kuri uno wa kabiri mu gitondo, aho umusore azwi kw’izina rya Didier w’imyaka yababa 25 aturuka i Mparamirundi mu ntara ya Ngozi, yakora ku rutsinga rwa Regideso rudakingiye, nk’uko bisigurwa n’ababibonye. Amakuru ava ngaho mu Bwiza amenyesha ko uyo musore yahora akora akazi ko gushona ibirato ngaho ku rya mbere, impande y’ahari icicaro c’ibiro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu baho mu Bwiza basaba Regideso kuduza hejuru intsinga zitwara umuyagankuba kugira bakingire abanyagihugu.
VI. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku mutumba Sororezo aho bita i Kamabuye muri komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura. Ni mu gihe umukuru w’umutumba abategeka kuja gukora ibikorwa rusangi ku wundi mutumba wa kure, nk’uko umwe muri abo banyagihugu yaganiriye na radiyo Inzamba abivuga. Ngo abatabikoze batangishwa ihadabu.
VII. Imyidogo ahandi, ni mu banyagihugu bo muri zone Minago yo mu ntara ya Rumonge. Imvo n’ikena ry’amazi rigize imisi ryibonekeza muri iyo zone. Abanyagihugu bafise ubwoba ko hashobora kwaduka indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba abajejwe intwaro n’ababijejwe gukora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.
VIII. Kuri uno wa kabiri Commissaire de Police Alexandre Muyenge azitoza wenyene mu kibanza co kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira ashikirize imigambi yiwe. Mu vyo azoshira imbere aramutse atowe, n’ugufashanya na leta hakaboneka ikibuga mpuzamakungu Uburundi buzohora bwikorako mu nkino mpuzamakungu. Yamenyesheje kandi ko umupira w’abana bakiri bato uzitabwaho kurusha uko biri uno musi, ko umugwi nserukira gihugu uzohabwa ikibanza gikomeye akaba ata mumenyereza w’uwo mugwi azosubira kubifatanya n’akandi kazi. Mu gushigikira ihiganwa ry’umupira w’amaguru, umugwi uzoba uwa mbere uzohora uronswa imiriyoni 30 z’amafaranga y’amarundi, wahora uronka 15. Mwomenya ko ayo matora azoba itariki zitanu z’ukwezi kwa 12.
IX. Mu gusiganwa n’amakinga na ho kuva kuri uno wa gatatu gushika itariki 28, hazoba ihiganwa ryo kuzunguruka Uburundi (Tour du Burundi) mu gisata c’abigeme. Ibihugu bizitabira iryo higanwa ni Tanzaniya, Uganda, Kenya n’Uburundi bwaritunganije.