Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 27/11/2021

Publié le 27 novembre 2021 par Rédaction
I. N’ubu ntawuzi irengero ry’abantu batanu, harimwo bane bo mu muryango umwe banyururijwe muri zone Minago intara ya Rumonge, italiki 12 z’ukw’icumi uyu mwaka. Ababo ubwoba butera bwiyongera, cane cane kuva aho abandi bantu 5 bari bafashwe muri iyo dosiye barekuriwe. Umuryango ugatinya ko ababo boba barishwe ariko n’ubu ubandanya usaba kumenyeshwa ukuri ku bijanye n’inyuruzwa ry’ababo.
II. Kuri uno wa gatandatu mu gihugu cose, niho imiyabaga 538 iri mu bwoko bwose yakora ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mw’ishuri kaminuza rya gisirikare ISCAM. Nk’uko vyamenyeshejwe na Floribert Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi, ico kibazo cakozwe n’urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 25, kandi ko rwiyandikishije ata gahato karimwo. Avugako bari mu bahejeje amashuri yisumbuye mu mwaka w’ishuri wa 2019 ushira uwa 2020. Abazoba batoye ico kibazo ngo bazoca basuzumwa mu vyerekeye ubunonotsi, n’uko boba bafise amagara meza imbere yo gukurukirana  inyigisho za gisirikare nyezina. Muri abo 538 bakoze ico kibazo, 38 ni abigeme hanyuma umwe wenyene nawe akaba ari mu bwoko bw’abatwa.
III. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu bo mu ntara ya Rutana, bavuga ko bariko batozwa amafranga ku nguvu. Ayo mafranga ariko atozwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Insiguro basigurirwa ngo ni amafranga yo kugura intebe z’ishure kugira amashure azikenye azozironswe. Ibiteye amakenga n’uko ayo mafranga atozwa n’umugambwe agatozwa abigisha n’abavyeyi b’abanyeshure.
IV. Leta ya Tanzaniya iriko irahonyanga amategeko n’amasezerano yashizeko igikumu, yubahiriza agateka k’abasaba ubuhungiro. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR. Ni mu gihe imiryango cumi n’ibiri y’abarundi yasubijwe inyuma n’ico gihugu ca Tanzaniya yari ije gusaba ubuhungiro. Léopold Sharangabo agasaba amakungu gukurikiranira hafi ibiriko birakorwa n’ico gihugu ku mpunzi z’abarundi.
V. Musitanteri wa komine Muhanga mu ntara ya Kayanza, Lambert Nduwimana, yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu umwana w’umukobwa  w’imyaka 17 asanzwe ari umukozi wo mu nzu, mu gitondo co kuri uwu wa gatanu. Inkuru ziva muri karitiye Mukoro iri mu gisagara ca Kayanza ari naho uwo musitanteri aba, ngo ico kibi yagikoze mu gihe umukenyezi wiwe yari yagiye ku mirimo yiwe ya misi yose. Uwo mukobwa amaze gukorerwa ico kibi ngo yaciye yitura abatware bo muri iyo karitiye, bamuhanura ko yiture ubutungane.  Inyuma rero y’aho kuri uwu wa gatanu, akaba yarituye ubutungane, ariko igitangaza abatari bake, kikaba ari uko uwo musitanteri gushika ubu acidegemvya. Uwo mukozi wo mu nzu akemeza ko atari irya mbere afatwa ku nguvu kuko mu kwezi kwa cumi kw’umwaka uheze naho nyene ngo yari yaramufashe ku nguvu. Radiyo inzamba twabajije Lambert Nduwimana, musitanteri wa komine Muhanga kuri ivyo yagirizwa, ntiyashimye kugira ico abivuzeko.
VI. Amahegetari agera ku 1310  yononywe n’imvura yaguye ku muhingamo wo ku musi wa kane w’iyi ndwi ku mitumba umunani yo muri komine Kiremba, n’intara ya Ngozi.  Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro zivuga ko iyo mvura y’igihuhusi yari ivanze n’urubura yononye ibiterwa nk’ibitoke, ibiharage, ibigori, umuceri, ibiraya n’ibindi. Abanyagihugu bo kuri iyo misozi ubu bakaba bifumbereje. Bagasaba abagiraneza kubagarukirako. Musitanteri w’iyo komine agasaba ababanyi babo batahuye n’ivyo vyago, gufasha benewabo bari mu bihe bitoroshe mu kurindira ko hari abagiraneza boza kugira ico bafasha. Imvura nk’iyo ikaba yaheruka kugwa muri komine Marangara y’intara ya Ngozi, aho imiryango 1450 na yo nyene muri kino gihe iri mu bibazo vy’ukwibeshaho.
VII. Abahinga mu vy’uburimyi bavuga ko abarimyi bamaze igihe bakoresha ifumbire ya FOMI irenze urugero mu mirima yabo mu Burundi. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi tuvuga ingaruka z’ukurenza urugero mu gufumbira.

Ibindi bisa n'ibi