Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/12/2021

Publié le 3 décembre 2021 par Rédaction
I. Uwu musi niho amakungu ahimbaza umusi wahariwe kwitaho abagendana ubumuga. Impunzi z’abarundi ziba mu bisagara bitandukanye vyo mu gihugu c’Urwanda zivuga ko rimwe na rimwe bikumira kubera bagendana ubumuga, ahandi naho bagakumirwa n’abatanga ubuzi, bavuga ko abagendana ubumuga batobishobora.
II. Uburundi bwifadikanije n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Ivyo birori bikaba vyabereye mu kigo c’abagendana ubumuga Centre d’appareillage et de rééducation St Bernard, co mu ntara ya Makamba. Ico kigo kikaba gikurikirana abagendana ubumuga butandukanye bagera kw’ijana na cumi na bane (114). Kugira abagendana ubumuga bubahirizwe mu burenganzira bwabo, urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi rusaba leta gushiraho amategeko akingira akongera agaha uburenganzira abantu bagendana ubumuga. Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, bamenyeshako hari vyinshi bimaze gukorwa kuva mu mwaka wa 2010, nko kububakira amazu, kubigisha hamwe n’ibigo bitandukanye vyashizweho. Ariko leta ikemezako hari vyinshi bigikenewe gukora, uravye ibitigiri bihari vy’abagendana ubumuga.
III. Abanyeshure bagera hafi ibihumbi 14 barataye ishure imbere y’uko n’igice ca mbere gihera. Aho ni mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Cibitoke honyene. Ivyo biri mu cegeranyo c’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politique FORSC, kivuga ko ubuyobozi bw’indero mu ntara busigura ko ubukene no gutwara inda z’indaro biri mu bituma abana baheba amashure. Kuri ico kibazo, Professeur Libérat Ntibashirakandi, akwirikiranira hafi igisata c’indero aremeza ko ubukene buri mu gihugu ari imwe mu mvo nyamukuru zihebesha abana ishure, agahamagarira ubutegetsi kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu. Atari uko naho, ngo ivyo bitigiri bishobora gutera vyiyongera ku mwaka ku mwaka.
IV. Gukurikirana umuntu yejejwe n’ubutungane akidegemvya ku caha yari yagirijwe biteye kubiri n’amategeko. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza  Janvier Bigirimana afatiye  ko urwego rw’iperereza rwahagaritse rubanje kunyuruza umunyagihugu Salvator Gasogo muri  quartier ya Carama, muri zone ya Kinama ya komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Umushingwamanza Janvier Bigirimana yibutsa ko umucamanza we nyene ari we afise uburenganzira bwo gusubiramwo ingingo yari yafashe. Asaba inzego z’umutekano kubahiriza  ingingo z’abacamanza ; abakora nabi bakabihanirwa. Tubibutse ko umunyagihugu Salvator Gasogo ubu apfungiwe mu biro vy’urwego rw’iperereza i Bujumbura, inyuma yaho afatiwe muri zone ya Kinama ku musi wa kabiri n’uwutwara iperereza mu ntara ya Bujumbura.
V. Abantu 28 baragandaguwe bunyamaswa mu kwezi kwa 11 guheze, bandi 4 baranyuruzwa, 10 bahagarikwa bidakurikije amategeko, 20 nabo barakomereka hanini biturutse ku ma grenade. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi gisohoka buri kwezi. Augustin Nimubona, ajejwe igisata c’ukumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, avuga ko abakora ayo mabi ari urwaruka rw’imbonerakure, inzego z’iperereza, hamwe n’abajejwe umutekano.
VI. Abaja mu mahayanishwa nk’iririko rirabera I Dubaï batorwa gute, mbega ababagena bo basezerana iki n’abagenda ? Inyishu ni muri ano makuru, aho tubandanya tubabwira amanyanga akorerwa mu bushikiranganji bw’ubudandanji, aho badakangwa no kurenga kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu mu guhindura abatimbo bamuherekeza mu gisagara ca Dubaï.
VII. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge bashimishwa n’ingingo yaraye ifashwe, y’uko atawuzosubira gutangishwa amafranga arenga amajana atanu ariko ariyunguruza kw’ipikipiki. Ariko bakaba bafise amakenga ku masaha yo kwiyunguruza yagabanijwe gushika kw’isaha 12 z’umugoroba. N’ingingo zafunditswe kuri uno wa kane mu nama buramatari yagiranye n’abaca amafaranga mu kwunguruza abantu ku mapikipiki.

Ibindi bisa n'ibi